1 Kuri uwo musi
Uhoraho azohanisha inkota yiwe,
inkota yiwe ikarishe, nini kandi y’ubushobozi,
agwanye Leviyatani ca kiyoka kinyaruka,
Leviyatani ca kiyoka cigonyonzora;
azokwica ca gisizimwe co mu kiyaga.
2 Kuri uwo musi,
tuzotera indirimbo, turirimbira uruzabibu rwamye cane.
3 Jewe Uhoraho ni jewe ndarurinda,
nkama ndaruvomera ubudasiba,
ndarurinda ijoro n’umurango,
kugira ngo ntihagire ikirwonona.
4 Sinkirushavuriye!
Ariko ninarusangamwo imibambangwe n’amahwa,
nzoja kubitera ndabigwanye
nzobituririra hamwe;
5 kiretse bimpungiyeko,
tugahana isezerano ry’amahoro.
Ni ukuri, nibize duhane isezerano ry’amahoro.
6 Mu misi iza, uruvyaro rwa Yakobo ruzoshinga imizi,
Isirayeli azoshurika
kandi azokwiza ivyamwa isi yose.
7 Mbega Uhoraho yarakubise Isirayeli
nk’uko yakubise abamukubise?
Canke yaramwishe
nk’uko yishe abamwishe?
8 Oya, ahubwo yamuhanye buhoro mu kumwirukana mu gihugu.
Yamwirukanye mu gihuhusi gikomeye,
nko ku musi umuyaga wo mu buseruko uhuhutirako.
9 Ng’ibi ibizotuma ivyaha vya Yakobo bitwikirwa,
kandi ibi ni vyo vyamwa vy’uko ivyaha vyiwe vyakuweho:
Amabuye yose yubatse ibicaniro vy’ibigirwamana
azoyamenagura acike umukungugu,
nta nkingi za Ashera canke ibicaniro vyo guturirirako ibimota neza
bizosigara bihagaze muri Isirayeli.
10 Ibisagara bizitiriwe bizosigara ari imisaka,
ari agahinga kahebwe, hameze nk’ubugaragwa.
Inyana ni ho zizorisha,
ziharyame,
zirishe ku mashami yaho.
11 Amashami yaho niyuma azovunagurika,
abagore bayasenye baje kuyacana.
Kuko ubu bwoko ntibugira ugutahura,
ni co gituma Umuremyi wabo ata mbabazi abugirira,
Imana yabaremye ntibagirira impuhwe.
12 Kuri uwo musi, Uhoraho azosekura ingano, kuva ku ruzi Efutate kugeza ku mugezi wa Egiputa. Namwe Bisirayeli, muzokwegeranywa umwumwe. 13 Uwo musi inzamba nini izovuzwa. Abariko barahonera muri Ashuri n’abari barajanywe ari inyagano muri Egiputa bazoza guhimbariza Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.