Publicidade

Isaías 26

Indirimbo y’ishimwe

1 Kuri uwo musi, iyi ni yo ndirimbo izoririmbwa mu gihugu c’i Buyuda:

Dufise igisagara gikomeye,

Imana iduhaye agakiza,

ngo kabe inzitiro n’ibihome bidukingira.

2 Nimwugurure amarembo,

kugira ngo ihanga rigororotse ryinjire,

ihanga rigumya ukwizera.

3 Uzozigamira mu mahoro yuzuye

abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,

kuko bakwizigiye!

4 Mwizigire Uhoraho ibihe vyose,

kuko Uhoraho Imana ubwiwe ari we gitandara gihoraho.

5 Acisha bugufi ababa ahantu hakirurutse;

igisagara cishira hejuru agisubiza hasi;

arakimanura gushika hasi,

akakiryamika mu mukungugu.

6 Kizohonyangwa n’ibirenge,

ibirenge vy’impahazwa,

n’ibirenge vy’aboro.

7 Inzira y’umugororotsi iraramvuye,

kandi wewe Mugororotsi wenyene,

ni wewe utuma inzira y’umugororotsi iringanira.

8 Ewe Uhoraho, mu nzira z’ivyagezwe vyawe

ni ho tukwitegeye,

izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe

ni vyo imitima yacu ihahamiye.

9 Umutima wanje uragushaka mw’ijoro,

mu gitondo impwemu yanje ikakurondera.

Iyo urubanza rwawe ruje kw’isi,

ababa kw’isi baca bigiraho ukugororoka.

10 Ariko abanyakibi n’aho ubagirira ubuntu,

ntibaca biga ukugororoka;

mbere no mu gihugu c’abagororotsi baguma bakora ivyaha,

ntibigera babona ubukuru bw’Uhoraho.

11 Yewe Uhoraho, ubabanguriye ukuboko kwawe,

ariko ntibanabibona.

Reka babone ishaka ufitiye ubwoko bwawe, maze ubamaramaze;

rekura umuriro wageneye abansi bawe ubatongore.

12 Uhoraho, ni wewe uzoduha amahoro,

kandi ivyo twashitseko vyose ni wewe wabidukoreye.

13 Yewe Uhoraho, Mana yacu, abami badutwaye ni benshi,

ariko izina ryawe ryonyene ni ryo duha icubahiro.

14 Barapfuye, ntibakiriho,

impwemu zabo zaragiye, ntizikigaruka.

Warabahanye kandi ubashitsa aho batikira,

urabazimanganya, ntibasubira kwibukwa.

15 Yewe Uhoraho, waratwaguriye igihugu,

ni wewe wakitwaguriye.

Warihesheje icubahiro,

utwagurira imbibe z’igihugu.

16 Uhoraho we, igihe twari mu vyago twarakurondeye,

inkoni yawe idushitseko

dusuka amaganya yacu imbere yawe.

17 Twari tumeze nk’umugore ari ku bise

aribwa akarizwa n’imibabaro.

Natwe ni ko twari tumeze, yewe Uhoraho.

18 Twari twibungenze umwana, turibwa, turi mu mibabaro,

ariko tuvyara umuyaga.

Nta gakiza twazaniye isi,

kandi nta n’ubuzima twazanye muri iyi si.

19 Ariko abawe bapfuye bazobaho, yewe Uhoraho;

imibiri yabo izozuka.

Mwebwe abari mu mukungugu,

ikangure muririmbe indirimbo z’umunezero.

Kuko ikime canyu kimeze nk’ikime c’agatondo,

kandi isi izogarukana abapfuye.

20 Nimugende, yemwe mwa bwoko bwanje,

mwinjire mu vyumba mwiyugarane,

mwinyegeze gatoya,

uburake bwiwe bubanze burengane.

21 Ehe raba Uhoraho avuye mw’ijuru,

ahagurukanywe no guhanira abo kw’isi ivyaha vyabo.

Isi izogaragaza amaraso yayisheshweko,

ntizosubira gupfuka abishwe bari muri yo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-