Publicidade

Isaías 6

Yesaya yezwa aca arahamagarwa

1 Mu mwaka Uziya yapfa, nabonye Imana yicaye ku ntebe y’inganji ishizwe hejuru, imisozo y’ikanzu yayo yuzuye Ingoro. 2 Abaserafi bari hejuru yayo, umwumwe wese afise amababa atandatu. Amababa abiri bayipfukisha mu maso, yandi abiri bakayapfukisha amaguru yabo, ayandi abiri bakayagurukisha. 3 Bahamagarana bavuga bati:

"Uwera, Uwera, Uwera ni we Uhoraho Mushoboravyose;

isi yose yuzuye icubahiro ciwe."

4 Ijwi ry’indirimbo yabo rinyiganyiza ibishimaryango n’umushinge vy’Ingoro kandi na rwo rwuzura umwotsi.

5 Nca ndatakamba nti: "Yewe jewe ndagowe, kuko iminwa yanje yanduye, kandi mba mu bantu bafise iminwa yanduye, none amaso yanje akaba abonye Umwami, Uhoraho Mushoboravyose!"

6 Umwe mu baserafi aca aguruka aza aho ndi afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje icuma cokora amakara ku gicaniro. 7 Arinkoza ku munwa avuga ati: "Ehe raba iri kara rikoze ku munwa wawe, ukugabitanya kwawe ugukuweko, n’ivyaha vyawe urabihariwe."

8 Nca numva ijwi ry’Imana ribaza riti: "Ni nde notuma? Ni nde yogenda mu gishingo cacu?"

Nanje nca ndishura nti: "Ndi hano ntuma!"

9 Na we aca ambwira ati: "Genda umbwirire barya bantu uti:

‘Muze mwame mwumva ariko ntimuze mwigere mutahura.

Muze mwame muraba ariko ntimuze mwigere mubona.’

10 Genda ukomantaze imitima y’abo bantu,

amatwi yabo uyazivye,

amaso yabo uyahumye.

Kugira ngo ntibashobore kubonesha amaso yabo,

no kwumvisha amatwi yabo,

canke ngo batahurishe imitima yabo,

bagahava bahindukira, nanje nkabakiza."

11 Nanje nca ndabaza nti: "None ga Mwami, ivyo bizomara igihe kingana gute?"

Na we aranyishura ati:

"Gushika ibisagara vyabo bisambutse,

ata na kimwe gisigaye gihagaze,

amazu yose agasigara agaragara,

igihugu cose kigahinduka igisanze,

12 gushika ndabirukanye kure,

bagata igihugu cabo cose.

13 Kandi n’aho hosigara igice kimwe kuri cumi c’igihugu, na ho nyene

kizosubira gisamburwe.

Ariko nk’uko ibiti vyitwa terebinti na aloni

bisiga ibishitsi vyavyo iyo vyiciwe,

ni ko imbuto yejejwe izozigamwa nk’igishitsi muri kino gihugu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-