1 Uriya ni nde aje ava muri Edomu,
azananye i Bozira, yambaye impuzu z’amabara atukura?
Uriya ni nde yambaye impuzu z’icubahiro,
agenda anyaruka kandi afise inkomezi nyinshi?
"Ni jewe Uhoraho, ntangaje intsinzi,
jewe mfise ububasha bwo gukiza."
2 Ni kubera iki imyambaro yawe itukura,
isa n’iy’abaganira inzabibu mu bwato?
3 Ni jewe naganiye inzabibu mu bwato jenyene,
kuko mu mahanga yose nta n’umwe yari kumwe nanje.
Nabaganishije ibirenge ndatse,
ndabahonyangira hasi mfise uburake;
amaraso yabo yatarukiye ku myambaro yanje,
maze impuzu zanje zirandura.
4 Uwo musi kuri jewe wari uwo kwihora,
n’umwaka wo gucungura ukaba washitse.
5 Narondeye uwomfasha ndabura,
ntangazwa n’uko ata n’umwe ahari wo kumfasha;
ni co catumye ukuboko kwanje kunzanira agakiza,
ubushangashirwe bwanje na bwo burampagarikira.
6 Nahonyanze amahanga nshavuye,
ndababoreza uburake bwanje,
maze amaraso yabo ndayasesa hasi.
7 Nzovuga ukugira neza kw’Uhoraho,
birakwiye ko ibikorwa vyiwe abihererwa ishimwe,
twisunze ivyo Uhoraho yadukoreye vyose.
Ni vyo, ivyiza vyinshi,
yarabikoze ku bwa Isirayeli nk’uko impuhwe ziwe ziri,
nk’uko impuhwe ziwe n’ukugira neza kwiwe bingana.
8 Yavuze ati: "Koko ni abantu banje,
abana batazosubira kumpemukira;"
maze na we ababera Umukiza.
9 Mu mibabaro yabo yababaranye na bo,
abamarayika b’imbere yiwe barabakiza.
Mu rukundo no mu mbabazi ziwe yarabarokoye;
arabaterura, arabajana,
abaheka imyaka yose ya kera.
10 Ariko baragararije,
bababaza Mpwemu Yera,
na we arabahindukirira, aba umwansi wabo,
ubwiwe arabagwanya.
11 Maze abantu biwe bibuka ibihe vya kera,
ibihe vya Mose n’abantu bayo:
ari hehe uwabatahanye abacishije mu kiyaga,
bari kumwe n’umwungere w’umukuku wiwe?
Ari hehe uwarungitse
Mpwemu Yera wiwe ngo abane n’abantu biwe?
12 Ari hehe uwatumye ukuboko kwiwe kwiza kandi kw’ubushobozi
kukagendera i buryo bwa Mose,
uwagabuyemwo kabiri amazi igihe Mose yaramvura ukuboko kwiwe,
maze bimuha kuba rurangiranwa ibihe vyose?
13 Ari hehe uwacishije abantu i bwina mu kiyaga,
bakagenda nk’amafarasi yiruka mu bugaragwa
atigera atsitara?
14 Nk’uko ibitungwa bica mu kiyaya gitekanye,
ni ko Mpwemu w’Uhoraho yabahaye akaruhuko.
Uko ni ko warongoye abantu bawe,
uhesha izina ryawe icubahiro.
15 Ihweze hasi uri mw’ijuru, witegereze,
uri ku ntebe yawe yera kandi y’icubahiro.
Ishaka n’inkomezi vyawe biri hehe?
Ubugwaneza n’imbabazi vyawe vyanse kudushikako.
16 Ariko uri Data wa twese,
naho Aburahamu atatuzi,
canke ngo Isirayeli atwemere.
Yewe Uhoraho, uri Data,
Umucunguzi wacu ryamye ari ryo zina ryawe.
17 Yewe Uhoraho, ni iki gituma utureka tukava mu nzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu,
bikanka ko duhinda agashitsi imbere yawe?
Hindukira utabare abasavyi bawe,
imiryango yawe ari yo mugabane wawe.
18 Abantu bawe baganje ahera hawe igihe gito,
none ubu ho abansi bacu bahasanganguye.
19 Turi abawe kuva kera,
ariko bobo ntiwabaganje,
ntibigeze bitirirwa izina ryawe.