1 Muri ico gihe, abagore indwi
bazofata umugabo umwe,
bamubwire bati: "Tuzorya ivyokurya twirondereye,
kandi tuzokwironderera impuzu twambara.
Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe,
udukureko ibimaramare."
2 Ariko muri ico gihe ishami ry’Uhoraho rizokwambikwa ubwiza n’ugukayangana, kandi amasigarira y’Abisirayeli azokwishimira yongere anezererwe ivyamwa vyo mu gihugu. 3 Abazoba basigaye i Siyoni, bakaguma i Yerusalemu, bazokwitwa abera. Ni abazoba barokotse bakaba banditswe mu gitabu c’abazima i Yerusalemu. 4 Imana izokwoza imyanda y’abakobwa b’i Siyoni, ihanagure amaraso yasesekeye i Yerusalemu ikoresheje impwemu y’urubanza n’impwemu y’umuriro. 5 Ku murango, Uhoraho azorema igicu kibe hejuru y’umusozi Siyoni hamwe n’abahakoranira bose, mw’ijoro na ho aharemere imbeya z’umuriro. Icubahiro ciwe kizoba hejuru ya vyose nk’ihema rinini rihapfutse. 6 Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.