Publicidade

Isaías 2

Umusozi w’Uhoraho

1 Ibi ni ibindi Yesaya mwene Amozi yeretswe vyerekeye Ubuyuda na Yerusalemu:

2 Mu misi y’iherezo,

umusozi uriko ingoro y’Uhoraho

uzoba ushimangiwe

nk’umusozi usumba iyindi yose,

uzoshirwa hejuru usumbe udusozi twose;

kandi amahanga yose azohondogana aja kuri wo.

3 Amoko menshi azoza, avuge ati:

"Nimuze tuduge tuje ku musozi w’Uhoraho,

mu ngoro y’Imana ya Yakobo.

Izotwigisha inzira zayo

kugira ngo tuzigenderemwo."

Kuko i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe,

ijambo ry’Uhoraho rive i Yerusalemu.

4 Azocira imanza amahanga,

atature amatati hagati y’amoko menshi.

Inkota zabo bazozicuramwo amasuka,

amacumu yabo bayacuremwo imihoro.

Nta hanga rizosubira gutera irindi,

kandi ntibazosubira kwiga ivy’intambara.

5 Nimuze, yemwe ruvyaro rwa Yakobo,

ehe nimuze tugendere mu muco w’Uhoraho!

Umusi w’Uhoraho

6 Uhoraho we, warahevye ubwoko bwawe,

ari rwo ruvyaro rwa Yakobo.

Buzuyemwo ivyo kugendereza vy’abanyamahanga bo mu buseruko,

baraguza nk’Abafilisitiya,

kandi bifatanya n’abanyamahanga.

7 Igihugu cabo cuzuye ifeza n’inzahabu;

ubutunzi bwabo ntibugira iherezo.

Igihugu cabo cuzuye amafarasi;

imikogote yabo ntigira igitigiri.

8 Igihugu cabo cuzuye ibigirwamana,

bunamira ibintu bakoresheje amaboko yabo,

ivyo bacurishije intoke zabo.

9 Ni co gituma abo bantu bazocinyizwa,

n’umuntu wese agacishwa bugufi.

Ntuze ubaharire.

10 Nimwinjire mu masenga, mwinyegeze mu kuzimu

ntimuhure n’Uhoraho kuko biteye ubwoba cane

ntimuhure n’ugukayangana kw’ubwiza bwiwe!

11 Amaso y’ubwibone azocishwa bugufi,

n’ubwibone bwose bw’abantu bunyitswe;

kuri uwo musi Uhoraho wenyene ni we azoshirwa hejuru.

12 Kuko Uhoraho Mushoboravyose, arafise umusi yibikiye

uwo azokwihorerako abishira hejuru n’abibona

kandi n’igishizwe hejuru cose

gicishwe bugufi.

13 Azoca amasederi maremere y’i Libani,

hamwe n’imirinzi ikomakomeye y’i Bashani.

14 Imitumba miremire hamwe n’uturambi,

bizoringanizwa.

15 Iminara miremire hamwe n’ibihome vyose bikomeye

azobisenyagura.

16 Azomenagura amato y’abadandaji,

n’amato y’igiciro kinini.

17 Ubwibone bw’abantu buzoshirwa hasi,

abishira hejuru bose bacishwe bugufi.

Uwo musi Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru.

18 Ibigirwamana bizokurwaho vyose.

19 Abantu bazohungira mu masenga y’amabuye

no mu binogo vyimbwe mu kuzimu,

ngo bahunge uburake bw’Uhoraho,

n’ugukayangana kw’ubwiza bwiwe

igihe azohagurukira gutigitisha isi.

20 Kuri uwo musi w’urubanza, abantu bazota kure,

baterere imbeba n’ubuhungarema,

ibigirwamana vyabo bicuzwe mw’ifeza no mu nzahabu,

ivyo bicuriye ngo babisenge.

21 Bazohungira mu masenga y’amabuye,

no mu binogo vyo mu kuzimu,

ngo bahunge uburake bw’Uhoraho,

n’ugukayangana kw’ubwiza bwiwe

igihe azohagurukira gutigitisha isi.

22 Nimureke kwizigira abantu,

kuko bameze nk’impwemu zo mu mazuru yabo.

Mbega hari ico bobamarira?

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-