Publicidade

Isaías 15

Imburi kuri Mowabu

1 Ivyo Yesaya yavugishijwe kuri Mowabu:

Igisagara Ari c’i Mowabu kirasambutse,

gitikijwe mw’ijoro rimwe!

Ikindi citwa Kiri c’i Mowabu nyene gihindutse umusaka,

gitikijwe mw’ijoro rimwe!

2 Ab’i Diboni baraduze,

bagiye mu nsengero

no ku dutwe tw’imisozi kuririrayo,

Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba.

Umuntu wese yimosheje uruharabuga,

kandi abafise ubwanwa barabumoye.

3 Mu mabarabara, bambaye amagunira;

bari hejuru ku mazu yabo no mu bibanza vy’amakoraniro

bose baraboroga,

bubamye barira.

4 Heshiboni na Eliyalehi bakoma induru,

induru yabo irumvikana gushika i Yahazi.

Ni co gituma ingabo z’i Mowabu zikomye induru,

imitima yabo icitse ivutu.

5 Umutima wanje uraririra Mowabu:

abacitse kw’icumu baho birutse bahunga bashika n’i Zowari,

bageze no muri Egulati-Shelishiya.

Baduze n’umusozi witwa Luhiti,

barira ingenda;

bafashe inzira ija i Horonayimu,

bagiye baracura intimba kubera agatikizo kababayeko.

6 Amazi y’i Nimurimu arakamye,

ivyatsi birakabiranye:

ibiterwa biratikiye,

nta catsi kibisi gisigaye.

7 Ubutunzi bari bariyegeranirije,

butwawe hakurya y’umwonga w’i Popalarisi.

8 Induru zabo zirasekera gushika ku mbibe zose za Mowabu:

amaborogo yabo ashika kure no muri Egilayimu,

gucura intimba kwabo gushika kure n’i Beyeri Elimu.

9 Amazi y’i Diboni yuzuyemwo amaraso,

kandi sindaheza gutera i Dimoni:

intambwe yirutse ku banyamowabu bahunze

no ku basigaye mu gihugu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-