1 Imburi kuri Egiputa.
Raba Uhoraho aje ku gicu kinyaruka,
aziye Egiputa.
Ibigirwamana vyo muri Egiputa bihinze agashitsi imbere yiwe,
kandi imitima y’Abanyegiputa ishongeshejwe n’ubwoba.
2 Nzoteranya Abanyegiputa basubiranemwo,
abavukana bagwane,
umubanyi agwanye uwundi mubanyi,
igisagara kigwanye ikindi gisagara,
n’ubwami bugwanye ubundi bwami.
3 Abanyegiputa bazocika ivutu,
kandi imigambi yabo nzoyihindura ubusa.
Bazoja kuraguza ku bigirwamana no ku mpwemu z’abapfuye,
baje ku bapfumu no ku bakonikoni.
4 Egiputa nzohagomorerako
umutware w’imburakigongwe,
kandi umwami w’inkazi ni we azohategeka,
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
5 Amazi yo mu ruzi Nili azokama,
n’aho urwo ruzi ruca hazokwuma hagaduke.
6 Imigende y’uruzi Nili izogaduka,
n’imigende yo muri Egiputa izogabanuka ikame.
Amarenga n’urufunzo bizokabirana,
7 mbere n’ibiterwa vyo ku nkombe y’urwo ruzi.
N’ibiterwa vyose biharimwa,
bizokwuma bihere,
ntibizosubira kuhaboneka.
8 Abarovyi bazoboroga bacure intimba,
abarobesha igera mu ruzi Nili bose.
Abarobesha insenga mu ruzi
bazobura ico bari bukore.
9 Abahingura inyuzi na bo nyene bazomaramara,
n’abajisha impuzu zera bazodendebukirwa.
10 Abajisha impuzu baricurikiriye,
abakorera umushahara bazogwara imitima.
11 Abatware ba Zowani ni ibipfu gusa,
abahanuzi ba Farawo bahanura ivy’ubupfu gusa.
Mbega ushobora ute kubwira Farawo uti:
"Ndi umwe mu banyambwenge,
ndi umwigishwa w’abami ba kera"?
12 Mbega abahanuzi bawe b’incabwenge ubu bari hehe?
Nibakwereke bongere bagutahuze,
ivyo Uhoraho Mushoboravyose
yateguye bigeramiye Egiputa.
13 Abatware b’i Zowani babaye ibipfu,
n’abaganwa b’i Memfisi barahenzwe.
Ni bo bari urufatiro mu moko yabo,
none barazimije Egiputa.
14 Uhoraho yabasutsemwo
impwemu yo kuzungurirwa,
batuma Egiputa hadandabagirana mu vyo bakora vyose
nk’uko imborerwa idandabagirana mu vyo yadashwe.
15 Nta kintu na kimwe muri Egiputa bashoboye gukora
si umutwe canke umurizo,
si ishami ry’ikigazi canke irenga.
16 Kuri uwo musi Abanyegiputa bazomera nk’abagore b’abanyantegenke. Bazohindishwa agashitsi n’uko Uhoraho Mushoboravyose ababanguriye ukuboko. 17 Kandi igihugu c’i Buyuda kizotera ubwoba Abanyegiputa; uwuzobwirwa izina rya Yuda azohinda agashitsi, kubera ivyo Uhoraho Mushoboravyose ateguye kugirira Egiputa.
18 Kuri uwo musi, ibisagara bitanu vyo muri Egiputa bizovuga ururimi rw’Igiheburayo, biyegurira Uhoraho Mushoboravyose. Kimwe muri vyo kizokwitwa Igisagara c’Izuba.
19 Uwo musi hazokwubakwa igicaniro c’Uhoraho hagati muri Egiputa, hamwe n’icibutso ku rubibe rwaho. 20 Bizoba ibimenyetso bishingira intahe Uhoraho Mushoboravyose muri Egiputa. Nibaborogera Uhoraho kubera agacinyizo, azobarungikira umukiza abarinda, abarokore. 21 Maze uwo musi Uhoraho azokwimenyekanisha ku Banyegiputa, kandi bazomwemera nk’umwami. Bazomusenga bongere bamushikanire ibimazi n’amashikanwa y’ifu. Bazosezeranira Uhoraho kandi isezerano barishitse. 22 Uhoraho azoteza Egiputa icago; azobakubita yongere abavure. Bazogaruka k’Uhoraho, na we azobumviriza, abakize.
23 Kuri uwo musi hazoba inzira yagutse iva muri Egiputa, ija muri Ashuri. Kandi abo muri Ashuri bazogendera abo muri Egiputa n’abo muri Egiputa bazogendera abo muri Ashuri. Abo muri Ashuri n’abo muri Egiputa bazotazirira hamwe Imana. 24 Muri ico gihe, Isirayeli bazoba bagira gatatu inyuma ya Egiputa na Ashuri, bose bazobera umugisha isi. 25 Uhoraho Mushoboravyose azobahezagira, avuga ati: "Hahiriwe Egiputa, ubwoko bwanje, na Ashuri igikorwa c’amaboko yanje, hamwe na Isirayeli iragi ryanje!"