Publicidade

Isaías 33

Ivyago no gutabarwa

1 Uzobona ibara yewe wa muranduzi we,

wewe utarigera urandurwa!

Uzobona ibara yewe muryarukanyi we,

wewe utarigera uryarukwa!

Niwamara kurandura abandi,

nawe uzorandurwa;

kandi niwamara guheza guhemukira abandi,

nawe uzohemukirwa.

2 Uhoraho, tugirire ubuntu,

ni wewe twamye twiteze.

Utubere inkomezi uko bukeye,

utubere n’agakiza mu bihe vy’amagorwa.

3 Iyo abansi bumvise ugukankama kwawe, bose barahunga,

kandi iyo uhagurutse, amahanga arashwiragira.

4 Uwabanyaga, yemwe mahanga, abaye nk’umurima uciwemwo n’inzige,

nk’uko ikigwi c’inzige cona ni ko ivyabo bizonyagwa.

5 Uhoraho ari hejuru ya vyose, ari mw’ijuru.

Azokwuzuza Siyoni ubutungane n’ukugororoka vyiwe.

6 Ico gihe azobabara urufatiro rw’ukuri,

ububiko bw’ubutunzi bw’agakiza, ubwenge n’ubumenyi;

ukwubaha Uhoraho ni rwo rupfunguruzo rw’ubwo butunzi.

7 Ehe raba intwari zabo zizoborogera mw’ibarabara,

n’intumwa zabo z’amahoro zirirane umubabaro.

8 Amabarabara manini aragaragara,

nta ngenzi zikiyacamwo.

Amasezerano y’amahoro bagize bayarenzeko,

basuzuguye abayashingira intahe,

nta muntu n’umwe bubaha.

9 Ehe raba igihugu kiragandaye kandi kiragadutse,

Libani hatewe n’isoni kandi harakabiranye.

Sharoni habaye nko muri Araba,

Bashani na Karumeli hahunguruye amababi yaho.

10 "Ubu rero ngira mpaguruke," ni ko Uhoraho avuze;

"ubu rero nzoshirwa hejuru,

ubu rero nzokwerekana ubukuru n’ubushobozi vyanje.

11 Mutwara inda y’umuguruka,

mukavyara ibishingwe;

impwemu zanyu ni zo zihinduka umuriro ubatongora.

12 Amahanga azoturirwa gushika abe umunyota;

nka kurya amahwa atemwa agatererwa mu muriro."

13 Yemwe abari kure, nimwumve ivyo nakoze;

namwe abari hafi, mwemere ko ndi umunyenkomezi!

14 Abanyavyaha b’i Siyoni batewe n’ubwoba,

ukujugumira guteye abatubaha Imana:

"Ni nde muri twebwe yoshobora kubana n’uwo muriro utongora?

Ni nde muri twebwe yoshobora kubana n’ugutongora kw’ibihe vyose?"

15 Nibagendera mu kugororoka,

bakavuga ukuri,

bagata kure ubugunge,

bakarinda amaboko yabo kwakira ibiturire,

bakazibira amatwi yabo ntiyumve inama z’abicanyi,

bagahumiriza amaso yabo bakayabuza gukwegwa n’ibibi.

16 Abo ni bo bazoba ahataramutse,

bikingirije umusozi nk’igihome.

Bazohabwa umutsima wo kurya,

kandi ntibazobura amazi yo kunywa.

17 Amaso yanyu azobona umwami mu bwiza bwiwe,

abone n’igihugu ciwe ciramvuye gushika kure.

18 Ni ho muzokwibaza ku bihe vyari biteye ubwoba vyaheze muti:

"Mbega wa mukuru yaganza ingabo ari hehe?

Umwe yadutoza ikori we yaroye he?

Wa mukuru akomeye mu ngabo yari ajejwe iminara ari he?"

19 Ntimuzosubira kubona na rimwe abo bantu bari buzuye ubwibone,

bavuga imvugo itumvikana,

mu rurimi rw’abanyamahanga mudatahura.

20 Nimurabe i Siyoni, umugwa wakorerwamwo imisi mikuru;

amaso yanyu azobona Yerusalemu,

hameze nk’uburuhukiro bw’amahoro,

ihema ritazokwigera rishingurwa;

imambo zaryo ntizizokwigera zishingurwa,

nta n’umugozi waryo n’umwe uzocika.

21 Ni ho Uhoraho azotubera Umunyenkomezi.

Hazoba ari ahantu h’inzuzi nini n’imigezi.

Nta bwato busozwa buzozicamwo,

nta n’amato akomeye azohaca.

22 Kuko Uhoraho ni we mucamaza wacu,

Uhoraho ni we atanga amategeko.

Uhoraho ni we Mwami wacu,

kandi ni we azodukiza.

23 Imigozi yawe ifata amato iradohotse,

ntiboshe neza ku giti c’igitambara,

igitambara na co ntikibamvye.

Hanyuma ivy’agaciro vyanyazwe bizogaburwa,

mbere n’abacumbagira bazogira ivyo banyaze.

24 Mu baba i Siyoni nta wuzovuga ati: "Ndagwaye";

kandi ivyaha vy’abahaba vyose bizoharirwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-