1 Naho biri uko, umwijima ntuzokwamaho ibihe vyose ku bari mu mubabaro. Muri kahise yacishije bugufi intara ya Zebuloni n’iya Nafutali. Ariko muri kazoza azotera iteka inzira ija ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’Abanyamahanga.
2 Abantu bahora bagendera mu mwijima
babonye umuco mwinshi.
Ababa mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya
bakiwe n’umuco mwinshi.
3 Waragwije ihanga,
wongereza umunezero w’abantu baho;
banezererewe imbere yawe,
nk’uko abantu banezerwa mw’iyimbura,
nk’uko abagwanyi banezerwa
iyo bariko baragabura iminyago.
4 Kuko umutwaro wahora ubaremereye,
ikimoko bakubitwa ku mugongo
n’inkoni bakubitwa n’uwabacinyiza,
wabivunaguye,
nk’uko wabigiriye Abamidiyani.
5 Ibirato vyose vyambawe mu ntambara,
n’impuzu yavumbagajwe mu maraso,
bizoturirwa,
bitongorwe n’umuriro.
6 Kuko umwana avutse ku neza yacu,
duhawe umwana w’umuhungu,
ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.
Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,
Imana ikomeye,
Data ahoraho, Umwami w’amahoro.
7 Ubutware bwiwe n’amahoro yiwe
ntibizogira iherezo.
Azoganzira ku ntebe ya Dawidi,
no mu bwami bwiwe,
aganzanye ubutungane n’ukugororoka,
uhereye ico gihe,
gushitsa ibihe vyose.
Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyose
ni ryo rizobishitsa.
8 Uhoraho arungikiye ubutumwa Yakobo,
bushika kuri Isirayeli.
9 Abantu bose bazobimenya;
baba Abefurayimu canke ababa i Samariya,
ari bo bavugana ubwibone,
bagakomantaza imitima, bavuga bati:
10 "Amatafari yarakoraguritse,
ariko tuzosubira tugisanuze amabuye abaje.
Ibiti vy’imisukomora vyariciwe,
ariko tuzobisubiriza amasederi."
11 Ariko Uhoraho azobaneshesha umwansi wabo Rezini,
kandi azokwongerereza ububasha abansi babo.
12 Abasiriya bo mu buseruko n’Abafilisitiya bo mu burengero,
bazokwasama babatabagure.
Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,
ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
13 Ariko abo bantu ntibagarutse ku wabahanye,
ntibarondeye Uhoraho Mushoboravyose.
14 None rero, ku musi umwe wonyene, Uhoraho azoca Isirayeli umutwe n’umurizo,
ikigazi n’irenga abicire amababi umusi umwe.
15 Abatware n’abahambaye muri Isirayeli ni bo mutwe,
abavugishwa b’ibinyoma na bo ni bo murizo.
16 Abarongora abo bantu barabayobeza,
abayobowe na bo barazimijwe.
17 Uhoraho ntazonezererwa abasore,
kandi ntazogirira impuhwe impfuvyi n’abapfakazi.
Kuko bose bahevye Imana, bagakora ibibi;
akanwa kabo kavuga ububeshi gusa.
Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,
ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
18 Erega ubugarariji buturira nk’umuriro,
utongora imikere n’amahwa,
ugatuma ishamba rinini rirurumba,
umwotsi ugapfunduka umeze nk’igicu mu kirere.
19 Uburake bw’Uhoraho Mushoboravyose
butumye igihugu gitongorwa,
abantu biwe bamera nk’inkwi zo gucana.
Abantu bazoryana ata kubabarirana.
20 Bazoshikura i buryo ariko bagume bashonje.
Bazorya i bubamfu, na ho nyene ntibahage.
Mu mperuka, abantu bazorya n’inyama z’abana babo.
21 Manase azorya Efurayimu, Efurayimu na we arye Manase.
Bompi bazohindukira batere Yuda.
Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,
ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.