Publicidade

Isaías 61

Umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho

1 Mpwemu w’Uhoraho Nyeninganji, ari kuri jewe,

kuko Uhoraho yansize amavuta

ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.

Yantumye kwunga imitima isanzaye,

kumenyesha inyagano ko zibohowe,

no guha imbohe umwidegemvyo.

2 Yantumye kumenyesha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho,

n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu,

no kuremesha abagandaye bose,

3 nshirireho no kuri abo b’i Siyoni bagandaye,

urugori rw’ubwiza

mu gishingo c’iminyota,

amavuta y’akanyamuneza

mu gishingo c’ikigandaro,

n’umwambaro w’amashimwe

mu gishingo c’umutima wihebuye.

Bazokwitwa igiti c’ukugororoka,

catewe n’Uhoraho,

ngo cerekane ubwiza bwiwe.

4 Bazosubira bubake ivyasambuwe kera,

basanasane ahasanganguwe kera cane.

Bazosanura ibisagara,

vyasambuwe hakaba haciye igihe kirekire.

5 Ba kavantara bazokuragirira ibitungwa,

abanyamahanga bazokurimira mu mirima y’imizabibu.

6 Namwe muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho,

muzokwitwa abakozi b’Imana yacu.

Muzorya ku butunzi bw’amahanga,

kandi muzokwiratira mu butunzi bwabo.

7 Mu gishingo co kumaramara,

muzoronka umugabane wanyu ugwije kabiri,

mu gishingo co guteterwa,

muzonezerererwa umugabane wanyu.

Muzohabwa umugabane wanyu ugwije kabiri mu gihugu canyu,

umunezero udashira uzoba uwanyu.

8 Kuko jewe Uhoraho nkunda guca iziroranye;

nkanka ubusuma n’ubugunge.

Mu bwizigirwa bwanje nzoha impera abantu banje,

nongere ngirane na bo isezerano ritazovaho.

9 Uruvyaro rwabo rumenyekane mu mahanga,

n’abana babo bamenyekane mu bantu benshi.

Abazobabona bose

bazomenya ko ari ubwoko bwahezagiwe n’Uhoraho.

10 Nzohimbarwa n’Uhoraho,

umutima wanje unezerererwe Imana yanje.

Kuko yanyambitse umwambaro w’agakiza,

akantwikiriza umutamana w’ukugororoka,

nk’uko umukwe ashariza umutwe wiwe nk’umuherezi,

umugeni na we akishariza n’udusharizo twiwe tw’inzahabu.

11 Nk’uko isi isokorora ingemwe,

maze itongo rigakuza ibiterwa,

ni ko Uhoraho Nyeninganji azoshiraho ukugororoka,

maze amashimwe yiburuke imbere y’amahanga yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-