1 Uzobona ibara yewe Ariyeli, Ariyeli,
igisagara Dawidi yabayemwo!
Ku mwaka ku mwaka
nimwigirire imisi mikuru y’urutavanako,
2 Ariko nzoza nugarize Ariyeli;
hazoba amarira no gucura intimba.
Kuko Yerusalemu hazoba ico izina Ariyeli risigura,
ni igicaniro cuzuyeko amaraso.
3 Nzokwugariza impande zose,
nkuziguze ibirindiro,
nkurundire ibirundo vyo kwuririrako kugira ngo ndakugwanye.
4 Nzokumanura hasi, usigare uvugira mw’ivu,
amajambo yawe uyadebagure ava mu mukungugu.
Ijwi ryawe rizokwumvikana nk’iry’umuzimu riva mw’ivu,
ryongorere riva mu mukungugu.
5 Ariko mu kanya isase, abansi banyu naho ari benshi,
bazocika umukungugu,
n’ingabo zabo ziteye ubwoba,
zizoba nk’umuguruka ugururwa n’umuyaga.
Buno nyene, mu kanya isase,
6 Uhoraho Mushoboravyose azoza kugutabara
azanye inkuba na nyamugigima hamwe n’ukwasana gukomeye,
n’agashururu, n’igihuhusi hamwe n’imbeya z’umuriro utongora.
7 Ingabo z’amahanga yose agwanya igisagara Ariyeli,
zikagiterana n’inzitiro zaho zikagikikuza,
zizokamangana nk’indoto,
canke ukwerekwa kwo mw’ijoro.
8 Kurya uwushonje arota ariko ararya,
ariko yavyuka agasanga agishonje.
Kurya uwunyotewe arota ariko aranywa,
ariko yavyuka agasanga akinyotewe.
Uko ni ko bizomera ku ngabo z’amahanga
zigwanya umusozi Siyoni.
9 Banza muhagarare mutangare!
Muhumirize amaso, mube impumyi.
Muborerwe mutanyoye umuvinyu,
mudandabagirane mutanyoye ibiboreza.
10 Kuko Uhoraho abasutseko uruhumyi,
ahumishije amaso yanyu ari bo bavugishwa,
atwikiriye imitwe yanyu ari bo ba kamenyi banyu.
11 Kuko uku kwerekwa kwose kwababereye nk’amajambo yo mu gitabu kimatanishijwe ishashara. Mugihaye uwushobora gusoma mukamubwira muti: "Turakwinginze udusomere," yobabwira ati: "Sinoshobora gusoma kuko kiramatanije." 12 Mugihaye uwutazi gusoma na we mukamubwira muti: "Turakwinginze udusomere," yobishura ati: "Sinzi gusoma."
13 Imana ivuze ati:
"Aba bantu baza aho ndi,
banyubahisha iminwa yabo,
ariko imitima yabo iri kure yanje.
Ugusenga kwabo nta kindi kurimwo,
atari ivyo bigishijwe n’amategeko y’abana b’abantu.
14 None rero ngomba nsubire ntangaze aba bantu,
nkore ibitangaza bidasanzwe;
ubwenge bw’abanyabwenge buzokamangana,
n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi buzohindurwa ubusa."
15 Bazobona ibara abamanuka kure i kuzimu
ngo banyegeze imigambi yabo Uhoraho,
bagakora ibikorwa vyabo bikinze umwijima kandi bibwira bati:
"Hari uwutubona? Ni nde azomenya ivyo dukora?"
16 Ibintu murabicurika
nk’aho womenga umubumvyi mwamunganishije n’ibumba!
Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye kiti:
"Ntiwambumvye?"
Canke inkono yobwira umubumvyi iti:
"Ntuzi kubumba?"
17 Hasigaye igihe gito, Libani hagacika itongo rimera cane,
ahahora hamera cane na ho hagiye kuba ishamba.
18 Kuri uwo musi ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo muri ca gitabu,
amaso y’impumyi azobona
ave mu muzitanya no mu mwijima.
19 Abaciye bugufi bazosubira kandi kunezererwa mw’izina ry’Uhoraho;
aboro bazonezerererwa Uwera wa Isirayeli.
20 Abateye ubwoba bazokamangana,
abashinyagura bazonyika,
kandi abashinze ijisho ivyo kugira nabi bazorandurwa,
21 bakoresha amajambo ngo batsindishe abantu mu manza,
bagatega imitego abacamanza,
kandi mu gukoresha ivyabona vy’ibinyoma uwari gutsinda mu rubanza ntatsinda.
22 None rero, Uhoraho, uwacunguye Aburahamu, abwiye abakomoka kuri Yakobo ati:
"Bene Yakobo ntibazokwongera kumaramara,
kandi mu maso habo ntihazosubira kwijirirwa.
23 Kuko nibabona abana babo hagati muri bo,
ari bo gikorwa c’amaboko yanje,
bose bazomenya ko izina ryanje ari iryera.
Bazokwemera ukwera kw’Uwera wa Yakobo,
batamarirwe batangarira Imana ya Isirayeli.
24 Abo imitima yazimiye bazomenya ukuri,
n’abidodomba bazokwemera kwigishwa."