Publicidade

Isaías 12

Indirimbo y’ishimwe

1 Ico gihe uzovuga uti:

"Ndaguhimbaza, ewe Uhoraho.

Naho wandakiye,

uburake bwawe bwaraheze,

kandi urandemesheje.

2 Ni ukuri Uhoraho ni we gakiza kanje,

nzomwizigira kandi sinzotinya.

Uhoraho Imana ubwiwe ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje,

yambereye agakiza."

3 Muzovoma amazi munezerewe

kw’isoko y’agakiza.

4 Uwo musi muzovuga muti:

"Nimushimire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe,

mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze,

muvuge ko izina ryiwe rihambaye.

5 Nimuririmbire Uhoraho, kuko yakoze ibihambaye;

mumenyekanishe mu mahanga yose ivyo yakoze.

6 Nimuririmbane umunezero, yemwe bantu b’i Siyoni,

kuko Uwera wa Isirayeli aba hagati muri mwebwe ahambaye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-