1 Ehe raba, Umwami,
Uhoraho Mushoboravyose,
agira anyage ab’i Yerusalemu n’ab’i Buyuda
ivyo baronka n’ivyabashigikira:
ivyo baronka vyose vyokurya n’ivyo baronka vyose vy’amazi.
2 Azohonya abahizi mu ntambara,
abacamanza, abavugishwa, abapfumu hamwe n’abakuru,
3 intwazangabo irongora abasoda mirongo itanu n’abanyacubahiro,
abahanuzi, abanyamyuga bahambaye hamwe n’inkerebutsi z’abaragura.
4 Nzobaha abana babo bababere abatware,
abana bato babe ari bo babategeka.
5 Abantu bazocinyizanya,
umugabo acinyize uwundi mugabo,
umubanyi acinyize umubanyi wiwe.
Umwana azosuzugura umutama,
umuntu ata co amaze asuzugure umunyacubahiro.
6 Ico gihe umuntu azobwira uwo bavukana ati:
"Ko ari wewe ufise umwambaro,
ba ari wewe uba umutware wacu,
abe ari wewe witaho ico kirundo c’umusaka!"
7 Ariko muri ico gihe na we azosemerera ababwire ati:
"Erega nta co nobafasha!
Simfise ivyokurya canke ivyambarwa mu nzu yanje;
ntimungire umurongozi w’abantu."
8 Yerusalemu haradandabagirana,
n’i Buyuda haratemvye.
Amajambo n’ibikorwa vyabo bigwanya Uhoraho,
bagashinyagurira imbere y’ubwiza bwiwe.
9 Mu maso habo harabagiriza,
bagenda berekana ivyaha vyabo nk’ab’i Sodomu,
ntibabinyegeza.
Baragowe!
Bihamagariye ivyago.
10 Bwira abagororotsi ko bazomererwa neza,
kuko bazorya ibivuye mu maboko yabo.
11 Ariko abanyavyaha bazobona ibara!
Ivyago bizobagwako.
Bazosubirizwa mu nkoko,
ibihwanye n’ivyo bakoze.
12 Ubwoko bwanje bucinyijwe n’abana,
abagore ni bo babutegeka.
Yewe bwoko bwanje, abarongozi bawe barakuzimije,
bagutesheje inzira.
13 Uhoraho yicaye ku ntebe y’imanza,
ahagurukijwe no gucira urubanza ubwoko bwiwe.
14 Uhoraho yinjiye ngo ace urubanza
arucira abatware n’abarongozi b’ubwoko bwiwe:
"Ni mwebwe mwamponereje uruzabibu,
ivyo mwanyaze abakene bikaba biri mu mazu yanyu.
15 Ni iki catumye musiribanga ubwoko bwanje,
mukamenagura imitwe y’aboro?"
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
16 Uhoraho aravuze ati: "Abakobwa b’i Siyoni buzuye ubwibone,
bagenda baneze amazosi,
barabisha amaso yuzuye ubushirasoni,
kandi bakagenda baneze amazosi,
bajegeza ibisharizo vy’imigufu bambaye ku maguru.
17 Ni co gituma Imana izoteza abakobwa b’i Siyoni ibisekera ku mitwe,
imitwe yabo iyigire ibiharabuga."
18 Kuri uwo musi Imana izokuraho ubwiza bw’ivyambarwa vyabo: 19 amahereni, imiringa yo ku maboko, hamwe n’imyitwikiro, 20 ingori, imigufu yo ku maguru, uducupa tw’ibimota neza, utugirwamana, 21 impeta zo ku ntoke n’izo ku mazuru, 22 amakanzu mezameza, impuzu zo kurenza hejuru n’udusaho, 23 ivyirore, inkenyerano zera hamwe n’ibitambara vyo ku mutwe.
24 Maze aho kumota neza, bazonuka;
mu gishingo c’umukanda, azobakenyeza umugozi,
mu gishingo co gusokoza uruhanika, azobaharangura imitwe,
mu gishingo c’impuzu nziza azobambika amagunira,
mu gishingo c’ubwiza, azobambika ibimaramare.
25 Abagabo banyu bazomarwa n’inkota,
abagwanyi banyu na bo bazogwa ku rugamba.
26 Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge,
igisagara gisanganguwe, kizokwicara hasi.