1 Uku ni ko Uhoraho abaza:
ati: "Mbega ikete ryo kwahukana na nyoko, riri hehe
iryo namuhaye ndamwirukanye?
Canke uwo mfitiye umwenda ni nde
nkaba naramubagurishijeko?
Kubera ivyaha vyanyu mwaragurishijwe,
kandi ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyatumye nyoko yirukanwa!
2 Igihe naza, ni kubera iki ata n’umwe nahasanze?
Kandi igihe nahamagara ni kubera iki ata n’umwe yanyitavye?
Mbega ukuboko kwanje kwabaye kugufi, kunanirwa kubatabara?
Mbega singira inkomezi zo kubacungura?
Nkankamiye ikiyaga kiragaduka,
ahatemba inzuzi ndahahindura ubugaragwa;
amafi yaho akabora, kubera kubura amazi;
akicwa n’inyota.
3 Ijuru ndaryambika umwijima,
nkaripfuka amagunira."
4 Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge,
kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe.
Yama anzindura imisi yose mu gitondo,
amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.
5 Uhoraho Nyeninganji yanyuguruye amatwi,
kandi sinamugararije,
canke ngo nsubire inyuma.
6 Nategeye umugongo abankubita,
abanshikura ubwanwa sinabima imisaya.
Abamvuma n’abancokora
sinabanyegeje mu maso hanje.
7 Kubera yuko Uhoraho Nyeninganji amfasha,
sinzoteterwa.
Ni co gituma mu maso hanje hakomera hakamera nk’ibuye ry’isare,
kandi ndazi ko ntazomaramara.
8 Uwuncira urubanza rw’ukuri ari hafi.
None ni nde azonyagiriza icaha?
Naze duhangane!
Ni nde afise ico anyagiriza?
Nashike imbere yanje duhangane.
9 Uhoraho Nyeninganji ni we amfasha.
Ni nde azoncira urubanza akavuga ko ntsinzwe?
Bose bazosaza nk’impuzu;
inyo zizobarya zibamare.
10 Ni nde muri mwebwe yubaha Uhoraho,
akumvira ijambo ry’umukozi wiwe?
Uwugendera mu mwijima,
atagira umuco,
niyizigire izina ry’Uhoraho,
kandi yishimikize Imana yiwe.
11 Yemwe abacana ibimuri mwese,
mukironderera umuco wo kubamurikira,
nimugendere mu muco w’umuriro wanyu,
no mu bimuri mwadometse.
Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje ni ibi:
muzoryamana umubabaro.