1 Muri ico gihe nyene, Merodaki-Baladani mwene Baladani, umwami w’i Babiloni, arungikira Hezekiya amakete yo kumusuhuza hamwe n’utuganuke, kuko yari yumvise ivyo kugwara no gukira kwiwe. 2 Hezekiya yakira neza abazanye ubwo butumwa, abereka mu nzu hose n’ivyari mu bubiko vyose: ifeza, inzahabu, ibimota neza, amavuta, abereka n’imyambaro y’intambara, hamwe n’ibindi vyose vyari mu bubiko bwiwe. Nta na kimwe cari ku kirimba canke mu bwami bwose ataberetse.
3 Umuvugishwa Yesaya aragenda abaza umwami Hezekiya ati: "Abo bantu bakubwiye iki, kandi baje bava he?" Hezekiya amwishura ati: "Baje iwanje bavuye mu gihugu ca kure; baje bava i Babiloni."
4 Yesaya aramubaza ati: "Babonye iki ku kirimba iwawe?"
Hezekiya amwishura ati: "Babonye ibintu vyose biri mu ngoro yanje. Nta na kimwe c’ubutunzi bwanje ntaberetse."
5 Yesaya abwira Hezekiya ati: "Niwumve ijambo ry’Uhoraho Mushoboravyose: 6 Hazogera igihe aho ibiri muri iyi ngoro vyose, ivyo ba sogokuruza bawe begeranije gushika uwu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara, ni ko Uhoraho avuze. 7 Kandi bamwe bo mu ruvyaro rwawe, abana bawe bwite, bazogukomokako, bazotwarwa, bagirwe inkone ku kirimba c’umwami w’i Babiloni."
8 Hezekiya amwishura ati: "Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza." Aho rero ni kubera yibwira mu mutima ati: "Kazima mu gihe nzoba nkiriho hazoba hari amahoro."