1 Nimuhumurize, nimuhumurize abantu banje,
ni ko Imana yanyu ivuze.
2 Nimuvuge ibihumuriza imitima y’ab’i Yerusalemu,
mubabwire ko
imisi yaho y’imibabaro iheze,
ko ivyaha vyabo bihariwe,
ko nabahaniye incuro zibiri
ivyaha vyose bakoze.
3 Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati:
"Nimutegurire Uhoraho aho aca,
mugorore inzira agenderamwo,
mutegurire Imana yacu inzira yagutse.
4 Imyonga yose izokwuzuzwa iringanire,
imisozi n’udutumba vyose bisenwe,
n’inzira zisivye zizosiburwa, ziringanizwe,
ahakirurutse hagirwe itaba.
5 Ubwiza bw’Imana buzohishurwa,
kandi abantu bose bazobubona.
Akanwa k’Uhoraho ni ko kabivuze."
6 Ijwi riravuze riti: "Semerera."
Nanje ndavuga nti: "Nsemerere mvuga iki?"
"Semerera uvuge ko abantu bose bameze nk’ivyatsi,
kandi ko ubwiza bwabo bumeze nk’amashurwe yo ku misozi.
7 Ubwatsi buruma, amashurwe agakabirana,
iyo impwemu z’Uhoraho zibiciyeko.
Ukwo ni ko abantu bameze.
8 Ivyatsi biruma, amashurwe agakabirana,
ariko ijambo ry’Imana rizokwama rihangamye ibihe vyose."
9 Wewe uzanye inkuru nziza kuri Siyoni,
duga ku musozi hejuru.
Wewe uzanye inkuru nziza kuri Yerusalemu,
semerera n’ijwi rirenga.
Semerera ntutinye,
ubwire ibisagara vy’i Buyuda uti:
"Imana yawe iraje!"
10 Ehe raba Uhoraho Nyeninganji azananye ubushobozi,
kandi azoganzisha ukuboko kwiwe kw’inkomezi.
Ehe aje azanye ingero,
kandi impera ziwe zimwitangiye imbere.
11 Azoragira ibitungwa vyiwe nk’umwungere,
imyagazi azoyikikira mu maboko yiwe,
ayiyegereza ku mutima,
maze izonsa azoziyobora azengenga.
12 Mbega ni nde yageze amazi yo mu biyaga?
Ni nde yageze ubunini bw’ijuru n’intambwe z’intoke ziwe?
Ni nde yegeranirije umukungugu wo kw’isi mu giseke,
canke agapima imisozi ku kiro,
n’imitumba ku munzane?
13 Ni nde yotahura ubwenge bw’Uhoraho,
akayibera umwigisha canke umujenama?
14 Ni nde Uhoraho yagishije inama kugira ngo umuhe impanuro,
kandi ni nde yamwigishije inzira iroranye?
Ni nde yamwigishije ubwenge,
canke ngo amurongore mu nzira y’ugutahura?
15 Imbere y’Uhoraho, amahanga ameze nk’ima ry’amazi mu ndobo;
ameze nk’umukungugu ku munzane.
Agera izinga nk’aho ari umukungugu utumuka.
16 Ibiti vy’i Libani ntibikwiye ku gicaniro,
n’ibikoko vyaho ntibikwiye ku kimazi Uhoraho abereye.
17 Imbere yiwe amahanga yose ni ubusa;
nta co amaze,
ni ubusa gusa.
18 None ni nde twogereranya n’Imana?
Ni ikihe kigereranyo twoyigereranya?
19 Mbega yogereranywa n’ivyakozwe n’amaboko y’abantu,
bikomekwako inzahabu,
bigasharizwa n’ifeza?
20 Umukene adashobora kuronka ishikanwa nk’iryo
yironderera ikigegene c’igiti kitazobungwa,
akarondera umubaji w’umuhinga,
akamushingira igishushanyo kitazotemba.
21 Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Ntimwabibwiwe kuva mu ntango?
Ntimwari mwarabitahuye kuva isi itararemwa?
22 Imana ni yo yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru y’umuzingi w’isi,
kandi ababa kw’isi baboneka nk’inzige.
Amajuru iyasanza nk’igitambara,
ikayagira kurya kw’ihema ryo kubamwo.
23 Abaganwa bo mw’isi ibahindura ubusa,
abatwara iyi si ikabahindura abatagira ico bamaze.
24 Baba bakigenwa,
batarafata ivyicaro,
batarashinga imizi,
igaca abahuha impwemu bagakabirana,
hanyuma umuyaga w’agashururu ukabagurura nk’umuguruka.
25 "Mbega ni nde mwongereranya?
Ni nde angana nanje?" ni ko Uwera abaza.
26 Unamura amaso murabe kw’ijuru:
ni nde yaremye ivyo mubona vyose?
Ni we yashizeho inyenyeri zose, imwe ku yindi,
imwe yose ayihamagara mw’izina.
Kubera ubushobozi bwiwe bwinshi n’inkomezi ziwe,
nta n’imwe ibuzemwo.
27 Ni kuki widodomba, ewe Yakobo,
kandi ni kuki, ewe Isirayeli, uvuga uti:
"Inzira zanje zinyegejwe Uhoraho,
Imana yirengagije urubanza rwanje"?
28 Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,
ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.
Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,
ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.
29 Ni we yongera inkomezi abacitse intege,
akongerereza inguvu abanyantegenke.
30 Mbere n’imisore iracika intege ikaruha,
abakiri bato baradandabagirana bagatemba,
31 ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.