Publicidade

Isaías 34

Urubanza ku mahanga

1 Yemwe mwa mahanga mwe, nimwegere mwumvirize;

nimutege amatwi mwa bantu mwe!

Isi n’ibiri muri yo vyose nivyumve,

isi yose n’ibiyivamwo vyose.

2 Uhoraho arakiye amahanga yose,

uburake bwiwe buri ku ngabo z’ayo mahanga.

Azobatikiza abaherengeteze,

azobarekurira ku babasogota.

3 Imivyimba yabo izokwandagara,

umunuko w’ibiziga uzokwira igihugu cose;

imisozi izotemba amaraso yabo.

4 Inyenyeri zizozima,

ijuru ryizinge nk’umuzingo.

Ivyaka vyo mu kirere

bizokoragurika nk’amababi y’umuzabibu yumye,

canke nk’insukoni zihunguruka ziva ku giti.

5 Inkota yanje imaze kunywa ikaborerwa mu majuru,

izoshunguruka igwe kuri Edomu,

ubwoko naciriye urwo kuranduka.

6 Inkota y’Uhoraho yoze mu maraso,

yuzuye ibinure:

amaraso y’intama n’impene,

hamwe n’ibinure vyo mu mafyigo y’amapfizi y’intama.

Kuko Uhoraho yatanze ibimazi i Bozira,

akongera akica benshi muri Edomu.

7 Imbogo zitembana na bo,

hamwe n’ibimasa n’amapfizi.

Igihugu cabo kizoborerwa amaraso,

umukungugu waho na wo umirwe n’ibinure.

8 Kuko Uhoraho afise umusi w’ukwihora,

n’umwaka wo kwishuza, ivyo Siyoni hakorewe.

9 Imigezi ya Edomu izohinduka nk’ikaburimbi,

umukungugu waho uhinduke nk’ibizuku vyaka.

Igihugu cose kizoba nk’ikaburimbi yaka!

10 Kizokwaka ku murango no mw’ijoro;

umwotsi waco uzopfunduka ibihe vyose.

Igihugu kizocika ubugaragwa imyaka n’iyindi;

nta n’uwuzosubira kugicamwo.

11 Ibihuna n’ibigendabunyovu ni vyo bizohiganzira.

Ibihuna bininibinini n’ibikona ni vyo bizoharika.

Imana izopimisha Edomu

umugozi w’imivurungano,

na karisho ari ko gatikizo.

12 Abubahwa baho ntibazoba bacitwa ko bafise ubwami,

abaganwa baho bazoba bacitse ubusa.

13 Ibirimba vyaho bizomeramwo ivyatsi,

inzitiro zaho zimereko ibisuru n’ibitovu.

Hazohinduka ihuriro ry’imbwebwe,

aho ibisiga vyitwa imbuni vyibera.

14 Inyamaswa zo mu bugaragwa zizohahurira n’imfyisi,

n’impene zo mw’ishamba zizohagira ihuriro.

Ibihuna bizoja kuharuhukira,

biharonke inzu zo kwiberamwo.

15 Aho ni ho ibihuna bizokwarika bihate amagi,

bibundikire amagi avemwo imiswi, hanyuma biyiteho

ico gihe izoba iri mu gitutu c’amababa yavyo.

Aho kandi ni ho ibinyakabaka bizokoranira,

kimwekimwe na kigenzi caco.

16 Nimusesangure mu gitabu c’Uhoraho, musome ivyanditsemwo:

Nta na kimwe muri ivyo bikoko n’ivyo bisiga kizohara,

nta na kimwe kizobura kigenzi caco,

kuko akanwa k’Uhoraho ari ko kabitegetse,

Mpwemu wiwe na we akaba ari we avyegeranya.

17 Yakoresheje ubupfindo mu kugena ah’umwe wese,

ukuboko kwiwe kuhabagaburira ku rugero.

Bazohegukira ibihe vyose,

uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-