1 Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,
isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.
Mbega mwonyubakira inzu nyabaki?
Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
2 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose
hanyuma bikabaho?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Ariko abo ndaba ryiza
ni abicisha bugufi, bafise imitima imenetse,
kandi bahindira agashitsi ijambo ryanje.
3 Ariko uwutanga ikimazi c’impfizi uko abibonye,
ameze nk’uwica umuntu,
kandi uwushikana umwagazi w’intama uko abibonye
angana n’uwubaga imbwa,
n’uwutanga amashikanwa y’ifu uko abibonye
ameze nk’uwushikana amaraso y’ingurube,
nayo uwuturira ibimota neza uko abibonye,
ameze nk’uwusenga ikigirwamana.
Bahisemwo inzira zabo,
imitima yabo inezerererwa ibizira.
4 Ni co gituma nzobarungikira ivyago bikomeye,
ivyo batinya cane.
Kuko igihe nahamagara, ntibitavye
n’igihe navuga, ntibanyumvirije.
Bakoreye ibibi mu maso yanje,
bahitamwo ibitampimbara."
5 Nimwumve ijambo ry’Uhoraho,
yemwe abahindira agashitsi ijambo ryiwe:
Benewanyu babanka, bakabakumira,
bakabakumira kubera izina ryanje,
bavuze bati: "Uhoraho nashimagizwe,
kugira ngo tubone umunezero wanyu!"
Ariko bazokwicwa n’isoni.
6 Nimwumve urwamo rw’umuvurungano ruri mu gisagara,
nimwumve iyo nduru iri mu Ngoro!
Ni urwamo rw’Uhoraho,
ariko arishura abansi biwe ibihwanye n’ivyo bakoze.
7 "Imbere yo gutera ibise,
Yerusalemu haravyaye;
imbere y’imibabaro,
havyaye umwana w’umuhungu.
8 Ni nde yari bwavyumve?
Ni nde yari bwabibone?
Mbega igihugu covuka ku musi umwe,
canke ihanga ryovyarirwa icarimwe?
Ariko igihe co gutera ibise nicahera,
Siyoni hazoba hamaze kwibaruka.
9 Mbega nzoshitsa umugore ku mwanya wo kuvyara, hanyuma sindamureke ngo avyare?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Mbega ndapfunga inda y’umuvyeyi hageze ko avyara?"
ni ko Imana yawe ibaza.
10 "Nezeranwa na Yerusalemu mwongere muhahimbarirwe,
yemwe abahakunda mwese;
munezeranwe na ho cane
yemwe abaharirira.
11 Kuko muzokwonka muhage,
amabere yaho abahumuriza.
Muzokwonka cane,
mwongere munezererwe ubwiza bwaho buhebuje."
12 Kuko uku ari ko Uhoraho avuze:
"Nzohasesekazako amahoro atemba nk’uruzi,
n’ubutunzi bw’amahanga butemba nk’imigende;
muzokwonka, murerurwe mu maboko yaho,
habasimbagize ku bibero.
13 Nk’uko umuvyeyi ahumuriza umwana wiwe,
ni ko nanje nzobahumuriza,
namwe muzohumuririzwa i Yerusalemu.
14 Ivyo nimwabibona muzonezerwa,
kandi muzototahara nk’ubwatsi.
Abasavyi b’Uhoraho bose bazobona ukuboko kwiwe,
ariko abansi biwe bazobona uburake bwiwe.
15 Ehe raba Uhoraho aje afise umuriro,
kandi imikogote yiwe ije nk’igihuhusi;
azomanukana uburake bwiwe n’umujinya mwinshi,
igihano ciwe kizanane n’imbeya z’umuriro.
16 Kuko Uhoraho azozana umuriro n’inkota,
acire urubanza abantu bose,
kandi abazotikizwa na we ni benshi.
17 Abiyeza bakitunganiriza kwinjira mu mashamba, bakagira imisi mikuru barya ingurube n’imbeba, hamwe n’ibindi bizira, bose bazohonera rimwe," ni ko Uhoraho avuze.
18 "Nanje ndazi ibikorwa vyabo n’ivyiyumviro vyabo, kandi ngiye kuza negeranye amahanga yose n’indimi zose, na yo azoza abone ubwiza bwanje.
19 Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi nzorungika bamwe mu bazoba bacitse kw’icumu mu mahanga; i Tarushishi, muri Libiya n’i Ludi mu bazi kugwanisha imiheto, i Tubali no mu Bugiriki, no mu mazinga ya kure, aho bataramenya izina ryanje canke ngo babone ubwiza bwanje. Bazokwerekana ubwiza bwanje mu mahanga. 20 Bazozana ubwoko bwanyu, babakuye mu mahanga, babazane ku musozi wanje wera Yerusalemu, baze nk’ishikanwa ry’Uhoraho, baje ku mafarasi, mu mikogote no mu bikwegana, ku nyumbu no ku ngamiya," ni ko Uhoraho avuze. "Bazobazana, nk’uko Abisirayeli bazana amashikanwa yabo mu Ngoro y’Uhoraho, bayazanye mu bikoresho bimeze neza. 21 Nzobatoranyamwo bamwe ndabagire abaherezi n’Abalewi," ni ko Uhoraho avuze.
22 "Nk’uko ijuru rishasha n’isi nshasha nzorema bizokwamaho, ni ko izina ryanyu n’uruvyaro rwanyu bizoramba," ni ko Uhoraho avuze. 23 "Kuva mu mboneko z’ukwezi kumwe gushika mu z’ukundi, no kuva kw’Isabato kugeza ku yindi, abantu bose bazoza bampfukamire," ni ko Uhoraho avuze. 24 "Bazosohoka baje kuraba imivyimba y’abangararije; inyo zabo ntizizopfa, kandi umuriro wabo ntuzozima, kandi bazotera ishishi abantu bose."