Publicidade

Jeremias 1

1 Aya ni amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, umwe mu baherezi baba ahantu hitwa Anatoti mu ntara ya Benyamini. 2 Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri we mu mwaka ugira cumi na gatatu Yosiya mwene Amoni umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, 3 no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda. Ryongeye gutumwa kuri we mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, kandi ico gihe ni ho abantu b’i Yerusalemu batwarwa ari inyagano mu mahanga.

Ihamagarwa rya Yeremiya

4 Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko, riti:

5 "Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi,

n’imbere y’uko uvuka nari naramaze kukurobanura;

naguhisemwo ngo ube umuvugishwa wanje ku mahanga."

6 Ndavuga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, jewe sinzi kuvuga, kandi ndacari muto."

7 Ariko Uhoraho arambwira ati: "Reka kuvuga uti: ‘Ndacari muto.’ Uzoja ku wo nzogutumako umubwire ico nzogutuma cose. 8 Ntuze ubatinye, kuko ndi kumwe nawe kandi nzogutabara," ni jewe Uhoraho mbivuze.

9 Maze Uhoraho azana ukuboko kwiwe ankora ku munwa ambwira ati: "Ehe, nshize amajambo yanje mu kanwa kawe. 10 Ehe, uwu musi ndagutumye ku mahanga no ku bwami kurandura no gusambura, gutikiza no gusangangura, kwubaka no guteragira."

11 Hanyuma Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako riti: "Ubona iki, ga Yeremiya?"

Ndishura nti: "Mbona ishami ry’igiti ca alumonde."

12 Uhoraho arambwira ati: "Ivyo ubonye ni vyo, kuko nteramira ijambo ryanje kugira ngo mbone ko rishitse."

13 Ijambo ry’Uhoraho rinzako kandi riti: "Ubona iki?"

Ndishura nti: "Mbona inkono iriko irabira, iri ku ruhande rwo mu buraruko."

14 Uhoraho ambwira ati: "Ivyago bizoza bivuye mu buraruko bije ku baba muri iki gihugu bose. 15 Ngira mpamagare amahanga yose y’abami bo mu buraruko," ni ko Uhoraho avuze.

"Abami baho bazoza bashinge intebe zabo z’ubwami

ku marembo y’i Yerusalemu;

bazoza kugwanya inzitiro zihakikije zose

n’ibisagara vy’i Buyuda vyose.

16 Nzocira imanza abantu banje

kubera ububi bwabo berekanye mu kumpeba,

bagaturirira ibimota neza izindi mana

kandi bagasenga ivyabajwe n’amaboko yabo."

17 "None rero, wewe niwitegure! Va hasi ubabwire ivyo nzogutegeka vyose. Ntuze uterwe ubwoba na bo, kugira ngo sinze ndaguteze ubwoba imbere yabo. 18 Uyu musi ndaguhinduye igisagara kizitijwe inzitiro, inkingi y’icuma n’uruhome rw’umwakaka ngo uhagarare uhange iki gihugu cose; uhange abami b’i Buyuda, abaganwa baho, abaherezi baho n’abantu bo mu gihugu. 19 Bazokugwanya ariko ntibazogutsinda, kuko ndi kumwe nawe ngo ngutabare," ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-