Publicidade

Jeremias 27

Abayuda bakorera Nebukadineza

1 Mu bihe vya mbere vy’ingoma ya Zedekiya mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, iri jambo ni ho ryatumwa kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho. 2 Ibi ni vyo Uhoraho yambwiye: "Ukore ingogo n’ibiziriko hanyuma ubishire ku bitugu vyawe. 3 Maze utumeko abami: uwa Edomu, uwa Mowabu, uwa Amoni, uwa Tiro n’uwa Sidoni, ubicishije ku ntumwa zaje i Yerusalemu kwa Zedekiya umwami w’i Buyuda. 4 Uze ubahe ubutumwa bashira ba shebuja buvuga buti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli avuze: Muze mubwire ba shobuja muti: 5 Nakoresheje ubushobozi bwanje buhambaye n’ukuboko kwanje kw’inkomezi mu kurema isi n’abantu bayibako, n’ibikoko biri kuri yo, ndabiremesha ukuboko kwanje kubanguye, kandi ndabiha uwo ngomvye wese. 6 None rero ngira nshire ibihugu vyanyu mu maboko y’umusavyi wanje Nebukadineza umwami w’i Babiloni; kandi n’ibikoko vyo mw’ishamba bizomwubaha. 7 Amahanga yose azomukorera we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe kugeza aho igihe c’igihugu ciwe kizorangirira. Maze na we amahanga menshi n’abami bahambaye bazoza bamuganze.

8 Ariko nihagira ihanga na rimwe canke ubwami na bumwe bwanka gukorera Nebukadineza umwami w’i Babiloni canke bakanka kwicisha bugufi musi y’ingogo yiwe, nzohanisha iryo hanga inkota, ikigoyi n’ikiza, ni ko Uhoraho avuze, gushika ndagisambuje ukuboko kwiwe. 9 Nuko rero ntimwumvirize abavugishwa banyu, canke abahamagara imizimu, abasobanura inzozi, abarozi canke abapfumu banyu bazobabwira bati: Ntimuzokorera umwami w’i Babiloni. 10 Bavugishwa ibinyoma imbere yanyu, ari vyo bizotuma mujanwa kure y’ibihugu vyanyu; nzobirukana kandi muzohonerayo. 11 Ariko nihagira ihanga ryunama musi y’ingogo y’umwami w’i Babiloni rikamukorera, nzotuma iryo hanga riguma mu gihugu ngo bakirime bongere bakibemwo, ni ko Uhoraho avuze.’ "

12 Narungikiye ubwo butumwa nyene Zedekiya umwami w’i Buyuda. Ndamubwira nti: "Tega ibitugu vyawe ingogo y’umwami w’i Babiloni; umukorere we n’abantu biwe, ni ho uzobaho. 13 Ni iki cotuma wewe n’abantu bawe mupfa mwishwe n’inkota, ikigoyi n’ikiza ivyo Uhoraho yateguye kuzokwicisha ihanga ryose ritazosaba umwami w’i Babiloni? 14 Ntiwumvirize amajambo y’abavugishwa bakubwira ngo: ‘ntuzokorera umwami w’i Babiloni,’ kuko bariko bavugishwa ibinyoma. 15 ‘Si jewe nabatumye,’ ni ko Uhoraho avuze. Bavugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Ni co gituma nzobirukana aha hantu maze mupfireyo, mwebwe n’abo bavugishwa banyu bavugishwa imbere yanyu."

16 Maze mbwira abaherezi n’abantu bose nti: "Uku ni ko Uhoraho avuze ati: ‘Ntimwumvirize abo bavugishwa bavuga ngo: Vuba cane ibikoresho vyo mu Ngoro y’Uhoraho bizogarukanwa bivuye i Babiloni. Bariko baravugishwa ibinyoma imbere yanyu. 17 Ntimubumvirize. Nimukorere umwami w’i Babiloni, kugira ngo mushobore kubaho. Ni igiki cotuma iki gisagara gihinduka umusaka? 18 Nibaba ari abavugishwa bafise ijambo ry’Uhoraho, nibinginge Uhoraho Mushoboravyose, bamusabe kugira ngo ibikoresho bisigaye mu Ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu ntibize bijanwe i Babiloni. 19 Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose avuze ku vyerekeye inkingi, ikiyaga c’umwakaka, vya bikarabiro biterurwa n’ibindi bikoresho vyasigaye muri iki gisagara, 20 ivyo Nebukadineza umwami w’i Babiloni atajanye igihe yatwara Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda nk’inyagano amukuye i Yerusalemu akamujana i Babiloni, ari kumwe n’abishikira b’i Buyuda n’i Yerusalemu. 21 Ego, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli avuze ku vyerekeye ibintu vyasigaye mu Ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu. 22 Bizojanwa i Babiloni kandi bizogumayo kugeza ku musi nzozira kubigarukana, ni ko Uhoraho avuze. Maze nzobigarukana ndabisubize aha hantu.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-