Publicidade

Jeremias 49

Ubutumwa kuri Amoni

1 Ku vyerekeye Abamoni:

Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Mbega Abisirayeli ntibari bafise abahungu?

Mbega ntibari bafise abo kuraga?

None ni kuki Moleki yigaruriye intara ya Gadi?

Ni kuki abantu biwe baba mu bisagara vyaho?

2 Ariko, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze,

aho nzovuza inzamba y’urugamba

rwo kugwanya i Raba ho mu Bamoni;

hazohinduka ikigunguzi c’isakamburira,

kandi n’imihana ihakikuje izotongozwa umuriro.

Maze Abisirayeli bazosohora

abigeze kubasohora hanze,

ni ko Uhoraho avuze.

3 Boroga, yewe Heshiboni, kuko Hayi hasanganguwe!

Nimurire cane, yemwe bantu muba i Raba!

Nimwambare amagunira mugandare;

nimwiruke irya n’ino muri mu nzitiro;

kuko Moleki izojanwa ari inyagano,

hamwe n’abaherezi bayo n’abatware bayo.

4 Ni kuki mwishimira ibiyaya vyanyu,

mukishimira ibiyaya vyanyu vyimbuka?

Mukobwa Amoni utizigirwa,

wizigira ubutunzi bwawe maze ukavuga ngo:

‘Ni nde yoza kungwanya?’

5 Nzoguteza ibiteye ubwoba

bivuye mu mpande zose,

ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

Umwe wese muri mwebwe azojanwa,

kandi nta n’umwe azokwegeranya abahunze.

6 Ariko, naho biri uko, nzosubira kwubaka Abamoni,

ni ko Uhoraho avuze."

Ubutumwa ku Banyedomu

7 Ku vyerekeye Edomu:

uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Mbega nta bwenge bukiri i Temani?

Mbega inama nziza yarahonye mu banyabwenge?

Mbega ubwenge bwabo bwaguye ingese?

8 Hindukira uhunge, wihishe mu binogo birebire,

wewe uba i Dedani,

kuko nzozana icago kuri Esawu

aho nzomuhanira.

9 Abimbuzi b’inzabibu baje kwimbura mw’itongo iwawe,

mbega ntibasigaza dukeya?

Ibisuma biguteye mw’ijoro,

mbega ntivyokwiba ivyo bikeneye vyose?

10 Ariko jewe nzosiga Esawu ari gusa;

nzokwerekana ibibanza yinyegezamwo,

kandi ntazosubira kuronka aho yihisha.

Abana biwe bazohona,

hamwe n’abavukanyi biwe n’ababanyi biwe

kandi ntazokwongera kubaho.

11 Siga impfuvyi zawe; nzokingira ubugingo bwazo.

Kandi n’abapfakazi banyu bakwiye kunyizigira."

12 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Nimba abatari bakwiye kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, ni kuki mwogenda mudahanywe? Ntimuzogenda mudahanywe, ariko muzotegerezwa kukinywako. 13 Indahiro ni jewe nyene," ni ko Uhoraho avuze: "I Bozira hazohinduka umusaka kandi hazoba akabarore, n’aho kuvuzako agahwa no kuvumwa; kandi n’ibisagara vyaho bizoba imisaka ibihe bidashira."

14 Numvise inkuru ivuye k’Uhoraho

kandi intumwa yatumwe ku mahanga kuyabwira iti:

"Nimwegerane muhatere!

Nimuhaguruke muje mu ntambara!"

15 "Ubu, ngiye kukugira muto mu yandi mahanga,

ube inkengerwa mu bantu bose.

16 Gutera abantu ubwoba hamwe

n’ubwibone bw’umutima wawe vyaraguhenze;

wewe wibera mu myobo yo mu bitandara,

ukagerera mu mataba y’imisozi miremire.

Naho wokwarika icari cawe kure nk’inkona,

nzokumanurayo, ndagukororere hasi

ni ko Uhoraho avuze.

17 Edomu hazotuma abantu bajugumira,

abahaca bose bazohinda agashitsi bavuze agahwa

kubera ibikomere vyaho.

18 Nk’uko Sodomu na Gomora hasambuwe,

hamwe n’ibisagara vyari bihakikije, ni ko Uhoraho avuze,

ni ko ata muntu n’umwe azosubira kuhaba;

nta bantu bazosubira kukibamwo.

19 Nk’uko intare iduga iva mu bibundo vya Yorodani

ije gutera mu buragiro butotahaye,

ni ko nzokwirukana Abanyedomu ndabakure mu gihugu cabo mu kanya isase.

Ni nde yatoranijwe nzotuma kunkorera ivyo?

Ni nde ameze nkanje kandi ni nde yompangara?

Ni uwuhe mwungere yoza kumpagarara imbere?"

20 Nuko rero, nimwumve umugambi Uhoraho yateguye wo kugwanya Edomu,

n’imigabo yagize yo kugwanya ababa i Temani:

Imyagazi yo mu mikuku izojanwa;

uburagiro bwabo buzoherengetezwa nk’uko vyashinzwe kuri bo.

21 Isi niyumva ugutemba kwabo izojugumira;

ijwi ry’amaborogo yabo rizosamirana gushika ku Kiyaga Gitukura.

22 Raba! Inkona izoduga maze yarare,

isanze amababa yayo kuri Bozira.

Kuri uwo musi imitima y’abahizi ba Edomu

izoba nk’umutima w’umugore ari ku gise.

Ubutumwa kuri Damasiko

23 Ku vyerekeye Damasiko:

"Hamati na Arupadi batekewe n’ubwoba,

kuko bumvise inkuru mbi.

Bahagaritse umutima,

babuze uburagamo nk’ikiyaga gisuriranya.

24 Damasiko hahindutse nk’umunyantegenke,

hahindukiye inyuma harahunga

kandi hafashwe n’ubwoba bwinshi;

umubabaro n’agahinda birabafashe,

uburibwe nk’ubw’umugore ari ku gise.

25 Ni kuki ico gisagara rurangiranwa kitahebwe,

igisagara nanezererwa?

26 Ni ukuri, abasore baho bazogwa mu mabarabara;

abasoda baho bose bazozibwa akanwa kuri uwo musi,"

ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

27 "Nzodomeka inzitiro z’i Damasiko;

maze umuriro uzotongora iminara ya Beni-Hadadi."

Ubutumwa kuri Kedari na Hazori

28 Ku vyerekeye Kedari n’ubwami bw’i Hazori, ubwo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yateye:

Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Haguruka, utere Kedari

kandi uherengeteze abantu bo mu buseruko.

29 Amahema yabo n’imikuku yabo bizonyagwa;

insago zabo zizonyagwa

hamwe n’ibirimwo vyose n’ingamiya.

Abantu bazokwiha akamo bati:

Iterabwoba riri impande zose!

30 Hunga ningoga!

Guma mu masenga, yemwe ababa i Hazori,

ni ko Uhoraho avuze.

Nebukadineza umwami w’i Babiloni yagiye inama yo kukugirira nabi;

agufitiye umugambi mubi.

31 Haguruka utere ihanga ryari ryiraramiye,

bari bazi ko bibereye mu mutekano,

ni ko Uhoraho avuze,

ihanga ritagira amarembo canke imyugariro;

abantu baho bibera ukwabo.

32 Ingamiya zabo zizoba isahu,

amasho yabo manini azoba iminyago y’intambara.

Nzosanzariza mu birere vyose abimosha ibimwerere

kandi nzobateza ivyago bivuye mu mpande zose,

ni ko Uhoraho avuze.

33 Hazori hazoba ikirimbiro ry’imbwebwe,

ahantu h’ubugaragwa ibihe vyose.

Nta muntu n’umwe azoba akihaba;

nta bantu bazongera kuhaba."

Ubutumwa kuri Elamu

34 Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana ryerekeye Elamu, mu ntango y’ingoma ya Zedekiya umwami w’i Buyuda:

35 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Raba, nzovuna umuheto wa Elamu,

ari wo nkomezi zabo.

36 Nzoteza Elamu imiyaga ine

ivuye mu mfuruka zine z’amajuru;

nzobasanzaza ku miyaga ine,

kandi nta hanga na rimwe

ritazojamwo abahunze bava i Elamu.

37 Nzosanzaza Elamu imbere y’abansi babo,

imbere y’abipfuza kubica;

nzobateza ivyago,

ndetse n’uburake bwanje bw’inkazi,

ni ko Uhoraho avuze.

Nzobakinagiza n’inkota

kugeza ndabaherengeteje.

38 Nzoshinga intebe yanje y’ubwami i Elamu

ndandure umwami waho n’abatware baho,

ni ko Uhoraho avuze.

39 Ariko nzosubira kwubaka Elamu

mu misi izoza,

ni ko Uhoraho avuze."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-