Pular para o conteúdo
Publicidade

Yeremiya 47

Ubutumwa ku Bafilisitiya

1 Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya umuvugishwa rivuye kUhoraho ryerekeye Abafilisitiya imbere y’uko Farawo atera i Gaza, ryavuga riti:

2 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Ehe ingene amazi asuriranije mu buraruko;

azohinduka umugezi utemba amazi menshi.

Azosendanisha mu gihugu no ku bintu vyose biri muri co,

ibisagara n’ababibamwo.

Abantu bazoboroga;

ababa mu gihugu bose bazovuza induru

3 bumvise imirindi y’amafarasi akomeye,

bakumva uguhinda kw’imikogote y’umwansi

hamwe n’uruyogoyogo rw’amaguru yayo.

Abavyeyi ntibazohindukira gutabara abana babo;

amaboko yabo azocika nk’imigozi.

4 Kuko umusi uje

wo gutikiza Abafilisitiya

no gukuraho abacitse kw’icumu bose

boshoboye gutabara Tiro na Sidoni.

Uhoraho yiteguye gusangangura Abafilisitiya,

amasigarira yo ku kizinga c’i Kafutori.

5 Gaza hazokwimwesha inkomvorera ku bwo kugandara;

Ashikeloni hazozibwa akanwa.

Yemwe masigarira yo mu kiyaya,

muzogeza ryari kwikebagura?

6 Yo, wa nkota y’Uhoraho we,

mbega uzoruhuka ryari?

Subira mu rwubati rwawe;

sigaho guma hamwe.

7 Ariko yotekereza gute?

Kandi Uhoraho ari we yayitegetse,

yarayihaye itegeko

ryo gutera Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga?"

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também