1 Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho: 2 "Uku ni ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Niwandike mu gitabu amajambo yose nakubwiye. 3 Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda ndabakuye mu kinyago nkabasubiza mu gihugu nahaye ba sekuruza babo ngo bacegukire, ni ko Uhoraho avuze.’ "
4 Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze, yerekeye Isirayeli na Yuda: 5 "Uku ni ko Uhoraho avuze:
Induru itewe n’ubwoba irumvikanye,
ni iterabwoba, si ijwi ry’amahoro.
6 Nimubaze kandi murabe:
Mbega umugabo yoja ku bise ngo avyare abana?
None ni kuki mbona umugabo wese w’inkomezi agenda
yifashe ku nda nk’umugore ari ku bise,
mu maso habo bose hijiriwe biteye ubwoba?
7 Ewe kuntu uwo musi uzoba ari mubi!
Nta wundi uzosa na wo.
Kizoba ari igihe c’amarushwa kuri Yakobo,
ariko azokivamwo impore.
8 ‘Kuri uwo musi,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze,
‘nzovuna ingogo yari ku mazosi yabo
maze ncagagure iminyororo ibaboshe.
Abanyamahanga ntibazokwongera kubagira abaja babo.
9 Ahubwo, bazokorera Uhoraho Imana yabo
na Dawidi umwami wabo,
uwo nzohagurutsa ku bwabo.
10 Nuko ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje;
ntugire ubwoba yewe Isirayeli,’
ni ko Uhoraho avuze.
Ni ukuri nzogukiza ndagukure mu kibanza ca kure,
abagukomokako bave iyo bajanywe ari inyagano.
Yakobo azokwongera kwibera mu mahoro n’umutekano,
kandi nta wuzosubira kumutera ubwoba.
11 Ndi kumwe nawe kandi nzogukiza,
ni ko Uhoraho avuze.
N’aho noherengeteza amahanga yose
ayo nakwangarijemwo,
wewe sinzoguherengeteza.
Nzoguhana, ariko nzobikora ku rugero rukwiye;
sinzokureka ngo ugende udahanywe."
12 Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Igikomere cawe ntigishobora gukira,
wakomeretse ku buryo bidashoboka ko ukira.
13 Nta wo kukuburanira,
nta muti w’igisebe cawe,
nta muti wogukiza.
14 Abo mwasezeranye bose barakwibagiye;
nta co bitwararitse mu vyawe.
Nagukubise nk’uko umwansi wawe yobigira
kandi naguhanye nka ruburakigongwe,
kuko ukugabitanya kwawe ari kwinshi
ivyaha vyawe bikaba umurengera.
15 Ni kuki urizwa n’igikomere cawe,
kandi uburibwe bwawe butagira umuti?
Kubera ukugabitanya kwawe guhambaye n’ivyaha vyawe vyinshi
ni co catumye nkugirira gutyo.
16 Ariko abagusahuye na bo bazosahurwa;
abansi bawe bose bazojanwa ari inyagano.
Abagusahura bose bazosahurwa;
ababanyaga na bo bazonyagwa.
17 Ariko mwebwe nzobakiza
kandi nzokiza ibikomere vyanyu," ni ko Uhoraho avuze,
"kuko witwa umuntu ata co amaze,
Siyoni hahebwe."
18 Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Nzosubira kwubaka amahema ya Yakobo
ngirire akagongwe aho muba;
igisagara kizosubira cubakwe ku misaka yaco,
kandi ikirimba kizosubira guhagarara mu kibanza cahozemwo.
19 Muri bo hazokwumvikana indirimbo n’amashimwe
n’ijwi ry’umunezero.
Nzobagwiza,
ntibazoba bake na mba;
nzobatera iteka,
ndabakureko agakengerwe.
20 Abana babo bazoba nk’uko bahoze kera,
kandi bazosubira kuba ikoraniro imbere yanje;
nzohana abacinyiza bose.
21 Umurongozi wabo azoba umwe muri bo;
umutware wabo azova hagati muri bo.
Nzomwiyegereza na we azonyegera,
kuko ni nde yokwemera kwiheba
ngo aze yegere aho ndi?"
Ni ko Uhoraho avuze.
22 "Nuko muzoba abantu banje,
nanje nzoba Imana yanyu."
23 Raba, isegenya y’Uhoraho
izozanana n’uburake,
igihuhuta gikomeye kizoza
ku mitwe y’abakora ibibi.
24 Ishavu ry’inkazi ry’Uhoraho ntirizosubira inyuma
kugeza ashikije
imigambi iri mu mutima wiwe.
Mu misi izoza
ivyo muzobitahura.