1 Mu kwezi kugira indwi Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, wo mu muryango w’abami akaba yari yahoze ari umwe mu batware b’umwami, aza azananye n’abagabo icumi kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Misipa. Bakiriko barasangirira hamwe aho nyene, 2 Ishimayeli mwene Netaniya na ba bagabo cumi bari kumwe na we bava hasi bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, bica uwo umwami w’i Babiloni yari yagenye ngo abe umutware w’intara y’i Buyuda. 3 Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na Gedaliya i Misipa, hamwe n’abasoda b’Abanyababiloni bari aho.
4 Haciye umusi umwe Gedaliya agandaguwe, ata n’umwe arabimenya, 5 abagabo mirongo umunani bari bimosheje inkomvorera ubwanwa bwabo, bitabaguriyeko impuzu zabo kandi bikebaguye baza bavuye i Shekemu, Shilo n’i Samariya, bazanye amashikanwa y’ifu n’ibimota neza mu Ngoro y’Uhoraho. 6 Ishimayeli mwene Netaniya arasohoka ava i Misipa aja kubasanganira, agenda arira ingenda. Ahuye na bo, avuga ati: "Nimuze kwa Gedaliya mwene Ahikamu murabe ivyamushikiye." 7 Binjiye mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya n’abagabo bari kumwe na we babicisha inkota baca babaterera mu kinogo kibika amazi. 8 Ariko icumi muri bo babwira Ishimayeli bati: "Ntutwice! Turafise ingano na sayiri, amavuta n’ubuki, binyegejwe mu murima umwe." Nuko aca arabareka ntiyabicana n’abandi. 9 Ico kinogo batayemwo ya mivyimba yose ya ba bagabo yari yiciye hamwe na Gedaliya cari ico umwami Asa yari yarimbishije mu kwikingira kubera umwami Bayasha w’Abisirayeli. Ishimayeli mwene Netaniya acuzuza imivyimba y’abapfuye.
10 Ishimayeli aca afata abasigaye bose bari i Misipa abagira imbohe, abakobwa b’umwami hamwe n’abandi bose bari basigaye aho, abo Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami yari yashinze Gedaliya mwene Ahikamu. Ishimayeli mwene Netaniya arabafata aca aragenda ajabuka yerekeye mu Bamoni.
11 Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bari kumwe na we bumvise ibibi Ishimayeli mwene Netaniya yakoze, 12 baca bajana n’ingabo zose bari kumwe kugwanya Ishimayeli mwene Netaniya. Bamufatira i ruhande y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni. 13 Ba bantu Ishimayeli yari afise babonye Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bari kumwe na we, baranezerwa. 14 Abantu bose Ishimayeli yari yafashe i Misipa barahindukira baja ku ruhande rwa Yohanani mwene Kareya. 15 Ariko Ishimayeli mwene Netaniya n’abantu umunani mu ngabo ziwe batoroka Yohanani baja mu Bamoni.
16 Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo zari kumwe na we baca batwara abarokotse bose b’i Misipa, abo Ishimayeli mwene Netaniya yari yafashe amaze kwica Gedaliya mwene Ahikamu, bari abasoda, abagore, abana n’abakora i bwami yari yakuye i Gibeyoni. 17 Maze barabandanya, baruhukira i Geruti Kimuhamu i ruhande y’i Betelehemu bariko baraja muri Egiputa 18 ngo bahunge Abanyababiloni. Barabatinya kubera Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babiloni yari yashizeho ngo abe umukuru w’intara y’i Buyuda.