1 Yeremiya acugaraniwe mu rugo rw’abarinzi, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri we ubwa kabiri, riti: 2 "Uku ni ko Uhoraho avuze, Uwaremye isi, Uhoraho yayiremye akayikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, ati: 3 ‘Mpamagara nanje ndakwitaba ndakubwire ibihambaye kandi bidaserangurwa utazi.’ 4 Kuko uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze ku vyerekeye amazu yo muri iki gisagara n’ibirimba vy’abami b’i Buyuda vyasambuwe kugira ngo bikoreshwe mu kugwanya igitero kibugarije hamwe n’inkota y’umwansi 5 mu gihe bazoba bariko baragwanya Abanyababiloni: amazu yabo azokwuzura imivyimba y’abantu nzokwicisha inkota kubera ishavu ryanje n’uburake bwanje. Nzohisha mu nyonga zanje iki gisagara kubera ibibi vyose bakoze.
6 Ariko, nzohazana amagara meza n’ugukiza; nzokiza abantu banje kandi nzobaha kunezererwa amahoro y’umusesekara n’umutekano mwinshi. 7 Nzogarukana Abayuda n’Abisirayeli ndabakuye mu kinyago maze nzobubaka ndabahindure nk’uko bahoze ubwa mbere. 8 Nzobeza icaha cabo bancumuyeko ndabababarire ivyaha vyabo vyose vy’ubugarariji bakoze. 9 Maze iki gisagara kizosubira kumbera izina ry’umunezero, ubwiza n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo kw’isi azokwumva ivyiza vyose nzohagirira; kandi bazotangara bahinde agashitsi bumvise amahirwe, n’amahoro nzobaha."
10 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Muravuga kuri aha hantu muti: ‘Ni ahantu h’umusaka, hatagira abantu canke ibikoko.’ Ariko mu bisagara vy’i Buyuda no mu mabarabara y’i Yerusalemu agaragara, atagiramwo abantu canke ibikoko bihaba, hazosubira kwumvikana 11 amajwi y’umunezero n’agahimbare, amajwi y’umukwe n’umugeni, n’amajwi y’abazana ibimazi vy’ishimwe mu nzu y’Uhoraho, bavuga bati:
‘Nimushimire Uhoraho Mushoboravyose,
kuko Uhoraho ari mwiza;
urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.’
Kuko nzosubira kwubaka igihugu nk’uko cari kimeze ubwa mbere, ni ko Uhoraho avuze."
12 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Muri iki kibanza, kigaragara kitarimwo abantu canke ibikoko, mu bisagara vyaho vyose hazoba uburagiro bw’abungere aho bazovyagiza imikuku yabo. 13 Mu bisagara vyo mu ntara y’imisozi, mu kiyaya co mu burengero n’i Negebu, mu ntara ya Benyamini, mu mihana bikikije i Yerusalemu no mu bisagara vy’i Buyuda, imikuku izosubira guca musi y’ukuboko k’uwuziharura," ni ko Uhoraho avuze.
14 "Imisi iraje," ni ko Uhoraho avuze, "aho nzoshitsa rya sezerano ryiza nagiranye n’ab’inzu ya Isirayeli n’ab’inzu ya Yuda.
15 Muri iyo misi no muri ico gihe
nzomeza Ishami rigororotse mu ruvyaro rwa Dawidi;
azokora ibigororotse n’ivy’ukuri mu gihugu.
16 Muri iyo misi Yuda azokizwa
kandi Yerusalemu hazoba impore.
Iri ni ryo zina azokwitwa:
‘Uhoraho ni Ukugororoka Kwacu.’
17 Kuko uku ari ko Uhoraho avuze: ‘Dawidi ntazokwigera abura uwo kwicara ku ntebe yiwe y’ubwami muri Isirayeli, 18 canke ngo abaherezi, ari bo Balewi, babure uwo guhagarara imbere yanje ubudasiba ngo atange ibimazi biturirwa, atange n’ifu iturirwa yongere anshikanire ibimazi.’ "
19 Ijambo ry’Uhoraho ryongera gutumwa kuri Yeremiya riti: 20 "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nimba mwoshobora gukuraho isezerano ryanje nasezeranye n’umurango hamwe n’iryo nasezeranye n’ijoro, bigatuma bidaseruka mu bihe vyavyo vyashingiwe; 21 aho rero n’isezerano ryanje nagiranye n’umusavyi wanje Dawidi, hamwe n’iryo nasezeranye n’Abalewi ari bo baherezi bakorera imbere yanje, ryoheza rigashobora gukurwaho, kandi Dawidi ntazosubira kuronka uwo mu ruvyaro rwiwe wo kumusubirira ku ngoma. 22 Nzogwiza abo mu ruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje n’Abalewi bakorera imbere yanje babe nk’inyenyeri zo kw’ijuru canke nk’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga udashobora guharurwa.’ "
23 Ijambo ry’Uhoraho ryongera gutumwa kuri Yeremiya riti: 24 "Ntiwamenye ko aba bantu bariko bavuga bati: ‘Uhoraho yarahevye Abisirayeli n’Abayuda, imiryango ibiri yari yaratoranije’? Nuko rero baranka abantu banje kandi ntibakibabona nk’ihanga. 25 Uku ni ko Uhoraho avuze ati: ‘Nimba ntagiraniye isezerano n’umurango n’ijoro kandi ntashizeho amategeko y’intahava agenga ijuru n’isi, 26 nuko rero nzoshobora guheba uruvyaro rwa Yakobo na Dawidi umusavyi wanje kandi sinzotoranya abahungu biwe ngo baganze abakomoka kuri Aburahamu, Isaka na Yakobo. Kuko nzosubira kububaka ndabagirire akagongwe.’ "