1 Ijambo ry’Uhoraho rinzako riti: 2 "Genda umenyeshe ab’i Yerusalemu uti:
Uku ni ko Uhoraho avuze:
‘Ndibuka ubwizigirwa bwawe ukiri muto,
uburyo wankunda ukiri umugeni,
ukankurikira mu bugaragwa,
mu gihugu kitamera.
3 Isirayeli yari uwera k’Uhoraho,
yari ivyeze imbere y’ibindi mu vyimburwa vyiwe;
abamukorako bose baba bancumuyeko,
kandi icago caca kibahwikira,’ "
ni ko Uhoraho avuze.
4 Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abakomoka kuri Yakobo,
na mwebwe mwese nzu za Isirayeli.
5 Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Ba sogokuruza banyu nabacumuyeko iki,
catumye baguma kure yanje?
Bakurikiye ibigirwamana bitagira ikimazi,
na bo baba abatagira ikimazi.
6 Ntibabajije bati: ‘Uhoraho ari hehe,
umwe yatudugana adukuye muri Egiputa
akaturongora mu bugaragwa bwumye ata kintu na kimwe kihamera,
mu gihugu c’ubugaragwa n’ibihomoka,
igihugu cumye c’umwijima,
igihugu kitagendwa kandi kitabamwo abantu?’
7 Nakuzanye mu gihugu kimera
ngo urye ivyamwa vyaco n’ivyimburwa vyaco.
Ariko waraje uhumanya igihugu canje
uhindura ishamvu yanje aho kwankwa.
8 Abaherezi ntibabajije bati:
‘Uhoraho ari he?’
Abari bashinzwe Ivyagezwe ntibigeze bamenya,
abarongozi barangararije.
Abavugishwa na bo bavugishwa mw’izina rya Bayali,
bakurikira ibigirwamana bitagira ikimazi.
9 Ni co gituma nzokwongera kubaburanya,"
ni ko Uhoraho avuze.
"Nzoburanya abana b’abana bawe.
10 Jabuka uje i Kupuro urabe,
rungika intumwa i Kedari wihweze neza;
raba ko higeze kuba ikintu nk’iki:
11 Mbega hari ihanga ryigeze rihindura imana zaryo,
naho atari imana mu vy’ukuri?
Ariko abantu banje, jewe Imana y’Ubwiza bangujije
n’ibigirwamana bitagira ikimazi.
12 Kubera ivyo, nimuhinde agashitsi, yemwe mwa majuru,
mugire ubwoba mutangare,"
ni ko Uhoraho avuze.
13 "Abantu banje bakoze ivyaha bibiri:
barampevye,
jewe soko y’amazi y’ubugingo,
maze biyimbira ibinogo vyo kubika amazi,
ibinogo vyatobaguritse bidashobora kuzigama amazi.
14 Mbega Isirayeli ni umushumba, ni umugurano kuva akivuka?
None ni kuki yahindutse uwo gusahurwa?
15 Intambwe zarivuze;
zikamutontomera.
Zahinduye igihugu ciwe umusaka;
ibisagara vyiwe vyaraturiwe kandi nta bantu bakibibamwo.
16 Kandi, Abanyegiputa b’i Memfisi n’i Tafanihesi
bakumenye umutwe.
17 Mbega vyose si wewe wavyikwegeye
mu guheba Uhoraho Imana yawe
igihe yakurongorera mu nzira?
18 None ni kuki uja muri Egiputa
kunywa amazi y’uruzi Nili?
Kandi ni kuki uja muri Ashuri
Kunywa amazi y’uruzi Efurate?
19 Ubugarariji bwawe ni bwo buzoguhana;
gusubira inyuma kwawe ni kwo kuzogutsinda.
Iyumvire rero umenye
ingene ari bibi kandi bibishe kuri wewe
guheba Uhoraho Imana yawe
kuko ata kuntinya kuri muri wewe,"
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
20 "Hashize igihe kirekire waravunye ingogo yawe,
waraciye iminyororo yawe.
Waravuze uti: ‘sinzogukorera!’
Ni ukuri, ku musozi wose muremure
no musi y’igiti cose gitotahaye
ni ho wiryamira nka maraya.
21 Nari naguteye uri umuzabibu w’indobanurwa
wavuye mu mbuto nziza zo kwizigirwa.
None ni kuki wambereye nabi
ugahinduka umuzabibu w’ikijakija wo mw’ishamba?
22 Naho wokwiyogesha isabuni nziza cane,
ugakoresha ivyo kwinyukura bikomeye,
umwanda wo kugabitanya kwawe woguma imbere yanje,"
ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.
23 "Wovuga gute ngo: ‘Simpumanye;
sinahurumbiye za Bayali’?
Raba uko wigenjeje mu kiyaya;
raba ivyo wakoze.
Uri ingamiya y’ingore inyaruka
yiruka hirya no hino,
24 indogoba y’inyeshamba yamenyereye ubugaragwa,
yumviriza mu muyaga iyo impfizi iri mu gihe igomba kwima,
kandi imaze gushaka kwima nta coyitururuza ngo itekane?
Kandi impfizi zose ziyikurikira ntizirinda kuruha;
mu gihe co kuyimya zizoyironka vyoroshe.
25 Ntiwiruke gushika aho ibirenge vyawe bigira amabavu
n’umuhogo wawe ukuma.
Ariko waravuze uti: ‘Reka kwigora!
Nkunda imana z’inyamahanga,
kandi nzoziruka inyuma.’
26 Nk’uko igisuma giteterwa iyo gifashwe,
ni ko inzu ya Isirayeli iteterewe,
n’abami babo n’abaganwa babo,
abaherezi babo n’abavugishwa babo.
27 Babwira ibiti bati: ‘Uri data,’
n’ibuye bati: ‘Ni we wamvyaye.’
Banteye ibitugu
ntibampindukiriye;
ariko iyo batewe n’ivyago, baca bavuga bati:
‘Nuze udukize!’
28 None za mana zanyu mwikoreye ziri hehe?
Nizibakize nimba zobishobora
mu gihe c’ingorane zanyu!
Kuko wewe Buyuda ufise imana nyinshi
zingana n’ibisagara vyawe.
29 Ni igiki unyagiriza?
Mwese mwarangararije,"
ni ko Uhoraho avuze.
30 "Igihano nahanye abantu bawe nta co camaze;
ntibemeye gukosorwa.
Inkota yawe yariye ba kamenyi bawe
nk’intambwe yaratse.
31 Yemwe abo muri uru runganwe, nimwumvirize ijambo ry’Uhoraho:
Mbega nabereye Isirayeli ubugaragwa
canke igihugu c’umwijima mwinshi?
Ni igiki gituma abantu banje bavuga bati:
‘Tuzoja aho dushaka;
ntituzosubira kugaruka iwawe’?
32 Mbega inkumi yokwibagira kwambara ibituma iberwa,
umugeni akibagira ivyo kwishariza ku musi w’ubukwe?
Ariko abantu banje baranyibagiye,
kumara imisi itoharurwa.
33 Ese ukugene uzi kwironderera abo wikundira!
N’umugore w’igipfu yokwigirako ingene akwiye kwigenza.
34 Ku mpuzu zawe abantu basangako
amaraso y’abatagira icaha kandi b’abakene,
naho ata co wabafatanye nk’ikosa.
Kandi naho bimeze uko,
35 uravuga uti: ‘Nta co niyagiriza;
Uhoraho ntakinshavuriye.’
Ariko nzogucira urubanza
kuko uvuga uti: ‘Sinacumuye.’
36 Ni igiki gituma ugenda wangara hirya no hino,
uhindura inzira zawe?
Uzohemukirwa na Egiputa
nk’uko wahemukiwe na Ashuri.
37 Uzova muri ico kibanza
wikoreye amaboko,
kuko Uhoraho yahevye abo wizigiye;
nta co bazokuvuna.