Publicidade

Jeremias 37

Yeremiya ashirwa mw’ibohero

1 Zedekiya mwene Yosiya yimitswe na Nebukadineza umwami w’i Babiloni ngo abe umwami w’i Buyuda; atwara mu kibanza ca Yehoyakini mwene Yehoyakimu. 2 Yaba we, yaba abamukorera canke abantu bo mu gihugu, nta n’umwe yumviye amajambo y’Uhoraho ayo yacishije mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yeremiya.

3 Ariko umwami Zedekiya arungika Yehukali mwene Shelemiya hamwe na Zefaniya mwene Mayaseya kuri Yeremiya umuvugishwa ngo bamubwire bati: "Ndakwinginze udusengere k’Uhoraho Imana yacu."

4 Muri ico gihe Yeremiya yarashobora kuja aho abandi bari no gutaha, kuko atari bwashirwe mw’ibohero. 5 Ingabo za Farawo zari zasohotse ziva muri Egiputa, maze Abanyababiloni bari bugarije Yerusalemu bavyumvise, baca bava i Yerusalemu.

6 Nuko ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya umuvugishwa riti: 7 "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Bwira umwami w’i Buyuda, yakurungitse ngo unsiguze uti: Ingabo za Farawo, zaje ngo zigutabare, zizokwisubirira inyuma, muri Egiputa. 8 Maze Abanyababiloni bazogaruka batere iki gisagara; bazogifata mpiri bagitongoze umuriro.’ "

9 Uku ni ko Uhoraho avuze ati: "Ntimwihende, ngo mwibaze muti: Turazi ko Abanyababiloni bazotureka. Ntibazobareka! 10 Naho mwonesha ingabo zose z’Abanyababiloni ziriko zirabatera maze hagasigara abakomeretse gusa bari mu mahema yabo, bosohoka bagatongoza iki gisagara umuriro."

11 Ingabo z’Abanyababiloni zimaze kuva i Yerusalemu kubera ingabo za Farawo, 12 Yeremiya atangura kuva mu gisagara ngo aje mu ntara ya Benyamini ngo aronke umugabane wiwe w’itongo mu bantu baho. 13 Ariko ashitse kw’Irembo rya Benyamini, Umukuru w’Abarinzi, yitwa Iriya mwene Shelemiya, mwene Hananiya, aramufata aca avuga ati: "Uriko urahunga Abanyababiloni!"

14 Yeremiya amwishura ati: "Ivyo si ukuri! Simpunze Abanyababiloni." Ariko, Iriya ntiyamwumviriza; ahubwo, afata Yeremiya amujana ku batware. 15 Bari bashavujwe na Yeremiya bituma bamukubita baca bamushira mw’ibohero mu nzu ya Yonatani umunyamabanga, iyo bari bahinduye ibohero.

16 Yeremiya ashirwa mu kumba gatoya k’ibohero, aho yamaze igihe kirekire. 17 Hanyuma, umwami Zedekiya aramutumako, baramumuzanira ku kirimba, maze aramubaza biherereye ati: "Mbega hari ijambo na rimwe rivuye k’Uhoraho ufise?"

Yeremiya aramwishura ati: "Egome, uzotangwa mu maboko y’umwami w’i Babiloni."

18 Nuko Yeremiya abwira umwami Zedekiya ati: "Ni ikihe kibi nagukoreye wewe canke abatware bawe canke ubu bwoko, cotuma unshira mw’ibohero? 19 Abavugishwa bawe bari hehe, bamwe bakuvugishwako ngo: ‘Umwami w’i Babiloni ntazogutera canke ngo ntazotera iki gihugu’? 20 Ariko ubu, mwami wanje, ndakwinginze unyumvirize. Ndakwinginze ntunsubize muri irya nzu ya Yonatani umunyamabanga, kuko nopfirayo."

21 Umwami Zedekiya ategeka ko bashira Yeremiya mu rugo rw’abarinzi bakamuha umukate uvuye kw’ibarabara ry’abakora imikate uko bukeye gushika aho imikate muri ico gisagara itazoba ikiboneka. Nuko Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-