Publicidade

Jeremias 51

1 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Raba, nzokabura impwemu y’uwuhonya

ngo atere Babiloni n’abantu b’i Lebi Kamayi.

2 Nzotuma abanyamahanga kuri Babiloni

ngo bahagosore kandi batabagure igihugu caho;

bazohatera baturutse ku mpande zose

ku musi w’ivyago vyaho.

3 Ntimureke umurashi ngo afore umuheto wiwe,

canke ngo mumwemerere kwambara ibigwanisho vyiwe.

Ntimuzigurize abasore baho;

nimusangangure ingabo zaho.

4 Bazogwa basogoswe inkota i Babiloni,

bazokomereka uruguma rwo kubica bari mu mabarabara yaho.

5 Kuko Isirayeli na Yuda batahebwe

n’Imana yabo, Uhoraho Mushoboravyose,

naho igihugu cabo cuzuye ivyaha

mu nyonga z’Uwera w’Abisirayeli.

6 Nimuhunge muve i Babiloni!

Nimwiruke mukize amagara yanyu!

Ntimupfe muzize ivyaha vyaho.

Ni igihe co guhora kw’Uhoraho;

azohasubiriza mu nkoko ibihakwiye.

7 Babiloni hari hameze nk’igikombe c’inzahabu mu kiganza c’Uhoraho;

haboreje isi yose.

Amahanga yaborewe umuvinyu waho;

ni co gituma yataye umutwe.

8 Babiloni hazogwa giturumbuka kandi hazomenagurika.

Nimuhaborogere!

Nimuharonderere umuti wo kuhatimbura;

kumbure hokira.

9 Twari kuvura Babiloni,

ariko ntihashobora kuvurwa;

reka tuhave umwe wese yigire mu gihugu ciwe,

kuko amateka yaho yashikiriye ibicu,

kandi akaba yaduze agashikira amajuru.

10 Uhoraho araduhoye;

nimuze tuvugire i Siyoni

ivyo Uhoraho Imana yacu yakoze.

11 Nimusongore imyampi yanyu,

muhitane inkinzo zanyu!

Uhoraho yakabuye abami b’Abamedi,

kuko umugambi wiwe ari uwo kurandura Babiloni.

Uhoraho azohora,

azohorera Ingoro yiwe.

12 Nimuduze ibendera ryo kugwanya inzitiro z’i Babiloni!

Ongereza abarinzi,

shiraho abateramyi,

nimutegure imitego!

Uhoraho azoshitsa umugambi wiwe,

ivyo yategetse ku bantu b’i Babiloni.

13 Wewe uba i ruhande y’amazi menshi

kandi ufise ubutunzi bwinshi,

iherezo ryawe rirashitse,

n’igihe cawe co kugesezwa.

14 Uhoraho Mushoboravyose yirahiye ati:

Nzokwuzuzamwo ingabo zimeze kurya kw’inzige,

kandi zizokwiha akamo ko kukunesha.

15 Yaremye isi mu bushobozi bwayo;

iremesha isi ubwenge bwayo,

yagura amajuru mu gutahura kwayo.

16 Iyo ituragaye, amazi yo hejuru aca abomborana;

ituma ibicu biduga biva ku mpera z’isi.

Irungika umuravyo n’imvura,

igasohora umuyaga iwukuye mu bubiko bwayo.

17 Umuntu wese ni ikijuju nta bwenge agira,

umucuzi w’inzahabu wese naterwe isoni n’ibigirwamana vyiwe.

Kuko ibishushanyo vyiwe ari ibinyoma gusa;

nta mpwemu y’ubuzima iri muri vyo.

18 Nta co bimaze, ni ivyo gukengerwa gusa;

igihe c’urubanza rwavyo nicashika, bizohona.

19 Ariko wa wundi, we mugabane wa Yakobo, ntameze nka vyo,

kuko ari Umuremyi w’ibintu vyose,

harimwo n’abantu yagize inyegu yiwe.

Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.

20 Wambereye inkota,

n’ikigwanisho c’intambara,

ni wewe nasanganguje amahanga,

ni wewe nasambuje ubwami,

21 ni wewe nasanganguje ifarasi n’uwuyigenderako,

ni wewe nasanganguje umukogote n’uwuwutwara;

22 ni wewe natabaguje umugabo n’umugore,

ni wewe natabaguje umutama n’umusore,

ni wewe natabaguje umusore n’inkumi,

23 ni wewe natabaguje umwungere n’umukuku,

ni wewe natabaguje umurimyi n’inka zirima,

ni wewe natabaguje abarongozi n’abatware.

24 Imbere y’amaso yanyu nzosubiriza mu nkoko Babiloni n’ababa mu Bukaludaya bose ibibi bakoze i Siyoni, ni ko Uhoraho avuze.

25 Mfise ico dupfa nawe, yewe wa musozi uhonya,

wewe uhonya isi yose,

ni ko Uhoraho avuze.

Nzogororera ukuboko kwanje kukugwanya,

nzogutembagaza ndagukuye hejuru y’ibitandara,

ndaguhindure nk’umusozi waturiwe.

26 Nta buye na rimwe rizokurwa kuri wewe ngo ribe irigumya imfuruka,

canke ibuye na rimwe ryo kwubaka itanguriro,

kuko uzoba uri nk’ubugaragwa ibihe vyose, ni ko Uhoraho avuze.

27 Nimuduze ibendera mu gihugu!

Nimuvuze inzamba mu mahanga yose!

Nimutegure amahanga aje kuhagwanya;

tumako ubu bwami buze kuhagwanya:

Ararati, Mini na Ashikenazi.

Nimushinge umukuru w’ingabo aze kuhatera;

nimurungike amafarasi ameze nk’igitero c’inzige.

28 Nimutegurire amahanga intambara yo kuhagwanya,

abami b’Abamedi,

abategetsi babo n’abatware babo bose,

n’ibihugu vyose baganza.

29 Igihugu kirajugumira kandi cuzuye ubwoba,

kuko imigambi yo kukigwanya Uhoraho yakigeneye itazohinduka,

kugira ngo Babiloni hasigare ari agahinga,

ata muntu n’umwe agishobora kuhaba.

30 Abahizi b’i Babiloni baretse kugwana;

bagumye mu bibundo bikomeye vyabo.

Inkomezi zabo zaheze;

babaye nk’abagore.

Amazu yaho yadometswe n’umuriro;

ibihindizo vyo ku marembo yaho vyavunaguwe.

31 Abazanye inkuru barakurakuranwa

umwe akurikira uwundi

ngo bamenyeshe umwami w’i Babiloni

ko igisagara caho cose cafashwe,

32 amajabukiro y’uruzi yafashwe,

inkombe z’uruzi zaturiwe,

abasoda batekewe n’ubwoba."

33 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze:

"Umukobwa w’i Babiloni ameze nk’imbuga yo kugosorerako ingano

mu gihe co kuyisiribanga;

igihe co kuhimbura kigira gishike."

34 "Nebukadineza umwami w’i Babiloni yaradushihaguye,

yadutaye mu kuzazanirwa,

yaduhinduye nk’umubindi ugaragara.

Nk’uko inzoka imira miyonzwa, ni ko yatumize ataduhekenye

yujuje inda yiwe ivyiza vyacu,

maze adushiburira hanze.

35 Icoduha ubwicanyi bwabaye kuri twebwe bugashika kuri Babiloni,"

ni ko ababa i Siyoni bavuga.

"Ese amaraso yacu yoba ku baba i Babiloni,"

ni ko Yerusalemu bavuga.

36 Nuko rero, uku ni ko Uhoraho avuze:

"Raba, nzobaburanira

kandi nzobahora;

nzokamya ikiyaga cabo

n’amasoko yaho nzoyakamya.

37 Babiloni hazoba imisaka,

ahaba imbwebwe,

akabarore n’aho gucokorwa,

ahantu ata muntu akihaba.

38 Abantu baho baroha nk’imikangara y’intambwe,

bivuga nk’ivyana vy’intambwe bikiri bito.

39 Ariko aho bamaze kururumba,

nzobategurira umusi mukuru

ndababoreze,

kugira ngo bashire urwamo hejuru batwenga,

hanyuma bazosinzira ubutikoma ibihe vyose,"

ni ko Uhoraho avuze.

40 Nzobamanukana

nk’imyagazi y’intama ijanwa kwicwa,

nk’impfizi z’intama n’impene.

41 Ese ukuntu Sheshaki hazofatwa,

ukwirata kw’isi yose kurafashwe!

Ese ukuntu Babiloni hazoba akabarore

mu mahanga yose!

42 Ikiyaga kizohagurukira Babiloni;

imipfunda yaco ibomborana izohatwikira.

43 Ibisagara vyaho bizocika ubweranyange,

isi yumye y’ubugaragwa,

igihugu ata n’umwe akibamwo,

ata muntu n’umwe agicamwo.

44 Nzohana Beli h’i Babiloni

nzotuma hadahwa ivyo hamize.

Amahanga ntazosubira kuhirukira.

Kandi inzitiro z’i Babiloni zizosenyuka.

45 Nimusohoke muveyo, yemwe bantu banje!

Nimuhunge mukize amagara yanyu!

Nimuhunge uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.

46 Ntimuzocike intege canke ngo mugire ubwoba

aho muzokwumvira ibihuha mu gihugu;

igihuha kimwe kiza uwu mwaka, ikindi mu mwaka uza,

ibihuha vy’ubwicanyi mu gihugu

n’ivy’uwuganza agwanya uwundi.

47 Kuko igihe kizogera vy’ukuri

aho nzohana ibigirwamana vy’i Babiloni,

igihugu caho cose kizoteterwa,

kandi abishwe baho bazorambarara mu mabarabara.

48 Maze ijuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose

bizovuza akamo k’umunezero ku bwa Babiloni,

kuko mu buraruko

ni ho hazova abahonya bo kuhatera,

ni ko Uhoraho avuze.

49 I Babiloni hazofatwa mpiri kubera ubwicanyi bakoze mu Bisirayeli,

n’ubwo bakoze mw’isi yose

ni ko bizomera no kuri Babiloni.

50 Wewe wakize inkota,

va ngaha ntutebagane!

Wibuke Uhoraho uri mu gihugu ca kure,

kandi wiyumvire kuri Yerusalemu.

51 Turateterewe,

kuko twaratutswe

isoni ziratwishe,

kuko abanyamahanga binjiye

ahera h’Ingoro y’Uhoraho.

52 Ariko imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze,

aho nzohana ibigirwamana vyaho,

kandi mu gihugu cose

abakomeretse bazoboroga.

53 Naho Babiloni hoshika kw’ijuru

hagakomeza inzitiro zaho,

nzorungika abo kuhasambura,

ni ko Uhoraho avuze.

54 Ijwi ry’ugutaka rije riva i Babiloni,

ijwi ry’ugutikiza gukomeye

riva mu gihugu c’Abanyababiloni.

55 Uhoraho azosambura i Babiloni;

azozivya akanwa kavuza urwamo.

Imipfunda y’abansi izosuriranya nk’amazi menshi;

ugusuriranya kwayo kuzokwumvikana.

56 Uwutikiza azoza ku bwa Babiloni;

abahizi baho bazofatwa mpiri,

n’imiheto yabo izovunagurwa.

Kuko Uhoraho ari Imana ihora;

azobasubiriza mu nkoko ibihwanye n’ivyo bakoze.

57 Nzoboreza abatware n’abanyabwenge baho,

abatware baho, abakuru n’abagwanyi baho na bo;

bazosinzira ubutikoma ibihe bidashira,

ni ko Umwami, izina ryiwe ni Uhoraho Mushoboravyose, avuze.

58 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Uruzitiro rw’intimba nini rw’i Babiloni ruzosamburwa rwose

n’amarembo yaho maremare azoturirwa.

Abantu biruhiriza ubusa,

ubutame bw’amahanga buzoba ibitoro vy’imbeya z’umuriro."

59 Ubu ni bwo butumwa Yeremiya yahaye umukuru w’abakozi Seraya mwene Neriya, mwene Mahaseya, igihe yaja i Babiloni ari kumwe na Zedekiya umwami w’i Buyuda mu mwaka ugira kane ari ku ngoma. 60 Yeremiya yari yanditse igitabu kirimwo ivyago bizoshika kuri Babiloni, ivyari vyaranditswe vyerekeye Babiloni. 61 Abwira Seraya ati: "Niwashika i Babiloni, uze witwararike gusomerayo aya majambo yose n’ijwi rirenga. 62 Maze uze uvuge uti: ‘Yewe Uhoraho, waravuze ko uzosangangura aha hantu, ku buryo ata muntu canke igikoko kizoshobora kuhaba; hazoba agahinga ibihe vyose.’ 63 Maze niwaheza gusoma iki gitabu, uze ugihambirireko ibuye maze ugiterere mu ruzi Efurate. 64 Hanyuma uvuge uti: ‘Uko ni ko Babiloni hazonyika ubutakigaruka kubera ivyago nzohateza, kandi abantu baho bazohona.’ "

Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-