1 Ese icompa umutwe wanje ukaba nk’isoko y’amazi
n’amaso yanje akaba imiringoti y’amosozi!
Norira ku murango no mw’ijoro
kubera abantu banje bariko barasogotwa.
2 Ese icompa nkaba mfise mu bugaragwa
inzu y’ingenzi,
kugira ngo mve muri bano bantu banje
nje kure yabo;
kuko bose ari abasambanyi,
igugu ry’abantu bataye ubwizigirwa.
3 "Bafora indimi zabo
nk’umuheto, kugira ngo barase ibinyoma;
si kubera ukuri kwabo
batera imbere mu gihugu.
Kuko bava mu caha kimwe bakaja mu kindi;
kandi ntibamenye jewe,"
ni ko Uhoraho avuze.
4 "Mwirinde abagenzi banyu;
ntimwizigire umuntu n’umwe wo mu nzu iwanyu.
Kuko umwe wese muri bo ari umusukanyi,
kandi umugenzi wese akaba uwuvuga abandi nabi.
5 Umugenzi abesha mugenziwe,
kandi nta n’umwe avuga ukuri.
Bigishije indimi zabo kubesha;
kandi biremereje ugucumura.
6 Uba hagati mu bubeshi;
kandi mu bubeshi bwabo banka kumenya jewe,"
ni ko Uhoraho avuze.
7 Nuko rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:
Raba, nzobavugutira ndabapime,
kuko ikindi nokora ni igiki
kubera icaha c’abantu banje?
8 Ururimi rwabo ni umwampi uriko ubumara;
ruvuga ivyo guhendana.
Mu kanwa kabo bose bavugana neza n’ababanyi babo,
ariko mu mitima yabo bakabatega imitego.
9 Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?
Ni ko Uhoraho abaza.
Mbega sinkwiye kwihora
abantu nk’abo?
10 Nzorira mboroge ndirira imisozi
kandi nzocura intimba kubera uburagiro bwo mu bugaragwa.
Ni agahinga katagendwa,
kandi nta jwi ryo kwabira kw’amasho ryumvikana.
Inyoni zo mu kirere zose zarahunze
n’ibikoko vyaragiye.
11 Nzohindura Yerusalemu ikigunguzi c’isakamburira,
ihuriro ry’imbwebwe;
mpindure imisaka ibisagara vy’i Buyuda.
Gushika aho ata n’umwe ashobora kuhaba.
12 Ni nde w’umunyabwenge ashobora gutahura ibi? Ni nde yigishijwe n’Uhoraho ku buryo ashobora kubisobanura? Ni kuki igihugu casambuwe kigahinduka umusaka nk’ubugaragwa ata wokwubahuka gucamwo?
13 Uhoraho aravuze ati: Ni kubera bateye ibitugu ivyagezwe vyanje, ivyo nari narabashize imbere; ntibanyumviye canke ngo bitondere Ivyagezwe vyanje. 14 Ahubwo bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo; bakurikiye za Bayali, nk’uko ba sekuruza babo babigishije. 15 Ni co gituma Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze ati: Raba, nzorisha iri hanga indya zirura banywe n’amazi arimwo ishano. 16 Nzobasanzariza mu mahanga batigeze bamenya, baba bo canke ba sekuruza, kandi nzobakurikiza inkota gushika ndabahoneje.
17 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:
Nimwiyumvire neza rero!
Nimutumeko abagore bazi kurira baze.
Tumako abazi kuririra abapfuye kurusha abandi bo muri bo.
18 Nibaze bihuta
kugira ngo batuborogere
kugeza aho amaso yacu acunduguta amosozi
kandi imigezi itembe iva mu bigohe vyacu.
19 Ijwi ryo kuboroga rirumvikana i Siyoni, riti: Ehe ukuntu dusambaguritse!
Ehe ukuntu twuzuye ibimaramare!
Dutegerezwa kuva mu gihugu cacu
kuko amazu yacu ari imisaka.
20 None rero, yemwe bagore, nimwumve ijambo ry’Uhoraho;
mubangire amatwi yanyu amajambo yo mu kanwa kiwe.
Mwigishe abakobwa banyu kuboroga;
mwigishanye gucura intimba.
21 Urupfu rwuriye ruca mu madirisha
maze rwinjira mu bisagara bizitijwe inzitiro;
rwamaze gukura abana mu mabarabara
n’abasore rwabamariye aho bahora bagandagaje.
22 Nimuvuge muti: Uku ni ko Uhoraho avuze:
Imivyimba y’abantu izokwandagara hasi
nk’uko amase amera mu mirima,
nk’imishi y’ingano inyuma y’uwimbura,
ata n’umwe wo kuyegeranya.
23 Uku ni ko Uhoraho avuze:
Umunyabwenge ntiyirate ubwenge bwiwe
canke umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe
canke umutunzi ngo yirate ubutunzi bwiwe,
24 ariko uwirata wese yirate ibi:
ko yamenye, akantahura
ko ndi Uhoraho, nkerekana ukugira neza,
ngaca imanza zibereye kandi ngakora mu bugororotsi kw’isi,
kuko ivyo ari vyo bimpimbara,
ni ko Uhoraho avuze.
25 Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzohana abakebwe ku mubiri gusa, 26 Egiputa, Ubuyuda, Edomu, Amoni, Mowabu n’ababa mu bugaragwa bose mu bihugu vya kure. Kuko abo bose batakebwe vy’ukuri, kandi mbere n’ab’inzu ya Isirayeli ntibakebwe mu mitima yabo.