1 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari umwami w’i Buyuda, mu kwezi kw’icumi, Nebukadineza umwami w’i Babiloni ni ho yaja gutera Yerusalemu ajanye n’ingabo ziwe zose, barahakikuza. 2 Maze ku musi ugira icenda w’ukwezi kwa kane kw’umwaka ugira cumi na rimwe Zedekiya akiri ku ngoma, basatura uruzitiro rw’igisagara. 3 Abakuru b’ingabo z’umwami w’i Babiloni bose baraza bicara kw’Irembo ryo Hagati. Abo bari Nerugali-Sharezeri w’i Samugari-Nebo, Sarusekimu umukuru w’ingabo, Nerugali-Sharezeri umuhanuzi mukuru n’abandi batware bose b’umwami w’i Babiloni. 4 Maze Zedekiya umwami w’i Buyuda hamwe n’ingabo zose bababonye barahunga, bava mu gisagara mw’ijoro bajanye inzira ica mu murima w’umwami, baca mw’irembo riri hagati y’ibihome bibiri, bahunga berekeye ikiyaya ca Araba.
5 Ariko ingabo z’Abanyababiloni zikurikira umwami Zedekiya bamufatira mu kiyaya c’i Yeriko. Baramucakira, bamushira Nebukadineza umwami w’i Babiloni aho yari ari i Ribula mu ntara y’i Hamati, na we amucira urubanza aho nyene. 6 Umwami w’i Babiloni yicira abahungu ba Zedekiya imbere yiwe aho nyene i Ribula, yica n’abatware bose b’i Buyuda. 7 Maze anogora amaso Zedekiya, amubohesha iminyororo y’umwakaka kugira ngo amujane i Babiloni.
8 Abanyababiloni baturira ikirimba c’umwami n’amazu y’abantu, basenyurira hasi inzitiro z’i Yerusalemu. 9 Nebuzaradani umukuru w’abarinzi b’umwami ajana mu kinyago i Babiloni abantu bari basigaye mu gisagara, hamwe n’abari bagiye kwishikana kuri we, n’abandi bose bari basigaye. 10 Ariko uwo Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami asigaza inyuma mu gihugu c’i Buyuda bamwe mu bantu b’abakene, ata co bari batunze; maze aca abaha imizabibu n’imirima.
11 Muri ico gihe umwami Nebukadineza w’i Babiloni yari yatanze itegeko ryerekeye Yeremiya abicishije kuri Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami ati: 12 "Mumufate mumurinde; ntimumugirire nabi ariko mumukorere ico azobasaba cose." 13 Nuko Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami, Nebushazibani umukuru w’ingabo, Nerugali-Sharezeri umutware mukuru n’abandi batware bose b’umwami w’i Babiloni 14 barungika Yeremiya bamukura mu rugo rw’abarinzi, bamushikiriza Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, ngo amusubize iwe. Nuko yigumira mu b’iwabo.
15 Igihe Yeremiya yari acugaraniwe mu rugo rw’abarinzi, ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri we riti: 16 "Genda ubwire Ebedi-Meleki Umunyakushi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: Ngira nshitse ivyo navuze kuri iki gisagara biciye mu vyago, atari mu mahirwe. Muri ico gihe bizoshitswa uvyibonera. 17 Ariko nzokurokora kuri uwo musi, ni ko Uhoraho avuze; ntuzogwa mu maboko y’abo utinya. 18 Nzogukiza; ntuzokwicwa n’inkota ahubwo uzorokora ubugingo bwawe, kuko unyizigiye,’ " ni ko Uhoraho avuze.