Publicidade

Jeremias 40

Yeremiya ahunga

1 Ijambo ritumwa kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, inyuma y’uko Nebuzaradani umukuru w’abarinzi b’umwami yari amubohoye akamurungika i Rama. Yari yasanze Yeremiya aboheshejwe iminyororo ari hagati y’abandi bagizwe imbohe bategerezwa kujanwa i Babiloni bavuye i Yerusalemu n’i Buyuda. 2 Wa mukuru w’abarinzi abonye Yeremiya, aramubwira ati: "Ni Uhoraho Imana yawe yashinze ko haba iki cago kikabera aha hantu. 3 Kandi raba ubu Uhoraho aragishikije; yabikoze nk’uko yari yabivuze. Ibi vyose vyabaye kubera ko mwacumuye k’Uhoraho ntimwamwumvira. 4 Ariko uwu musi ndakubohoye iminyororo iri ku maboko yawe. Nuze tujane i Babiloni, niwaba ubishaka, nanje nzokurinda; ariko nimba utabishaka, ntuze. Ehe raba, igihugu cose kiri imbere yawe; genda aho ugomba hose." 5 Ariko Yeremiya atarahindukira ngo agende, Nebuzaradani yongerako ati: "Subira kwa Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, uwo umwami w’i Babiloni yashinze ibisagara vy’i Buyuda, maze ubane na we mu bandi, canke wigire ahandi ugomba."

Nuko uwo mukuru amuha ivyo akeneye n’ingabire aca aramureka aragenda. 6 Nuko, Yeremiya agenda kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Misipa agumana na we mu bantu bari basigaye inyuma mu gihugu.

Gedaliya agandagurwa

7 Maze intwazangabo zose n’abantu babo bari bakiri mu gihugu hagati bumvise ko umwami w’i Babiloni yagenye Gedaliya mwene Ahikamu ngo abe umukuru w’intara y’i Buyuda kandi ko yamushinze abagabo, abagore n’abana bakenye kurusha abandi bose bo mu gihugu batajanywe nk’inyagano i Babiloni; 8 baca baja kubonana na Gedaliya i Misipa. Abo na bo ni Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi Umunetofati, na Yazaniya umuhungu w’Umumayaka, n’abantu babo. 9 Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, arabarahira kugira ngo abahumurizanye n’abantu babo. Arababwira ati: "Ntimutinye Abanyababiloni. Nimugende mube amahoro mu gihugu, muyoboke umwami w’i Babiloni, ibindi vyose bizogenda neza. 10 Nanje ubwanje nzoguma i Misipa ngo ndabaserukire imbere y’Abanyababiloni baza iwacu, ariko mwebwe muze mube abo kwimbura imivinyu, ivyamwa vyo ku mpeshi n’amavuta, mubishire mu mibindi yo kubibika, mwibere mu bisagara mwigaruriye."

11 Abayuda bose bahungiye i Mowabu, mu Bamoni, muri Edomu no mu bindi bihugu bumvise ko umwami w’i Babiloni yasigaje amasigarira i Buyuda kandi ko yashinze Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, kuba umukuru w’intara ngo abarongore, 12 bose baragaruka mu gihugu c’i Buyuda, kuri Gedaliya i Misipa, bavuye mu bihugu aho bari barasanzariye. Bimbura imivinyu myinshi cane n’ivyamwa vyo ku mpeshi.

13 Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose bari bagisigaye mu gihugu baza aho Gedaliya ari i Misipa. 14 Baramubwira bati: "Mbega ntuzi ko Bayalisi umwami w’Abamoni yarungitse Ishimayeli mwene Netaniya ngo akwice?" Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyabizera.

15 Nuko Yohanani mwene Kareya abwira Gedaliya mu mpisho i Misipa ati: "Ndeka ngende nice Ishimayeli mwene Netaniya, kandi nta n’umwe azobimenya. Ni iki cotuma akwica agatuma Abayuda bose bagukikije basanzara n’amasigarira y’i Buyuda agahona?"

16 Ariko Gedaliya mwene Ahikamu abwira Yohanani mwene Kareya ati: "Ntukore ikintu nk’ico! Ivyo uriko uravuga kuri Ishimayeli si ivy’ukuri."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-