Publicidade

Jeremias 29

Ikete ryandikiwe abajanywe mu kinyago

1 Ibi ni vyo vyari mw’ikete uwavugishwa n’Imana Yeremiya yarungitse ari i Yerusalemu ku batware bacitse kw’icumu bari mu bajanywe ari inyagano, no ku baherezi, n’abavugishwa hamwe n’abandi bantu bose Nebukadineza yari yarajanye mu kinyago i Babiloni abakuye i Yerusalemu. 2 Aho hari inyuma y’uko umwami Yehoyakini n’umugabekazi ari we nyina, abatware b’i bwami n’abarongozi b’i Buyuda n’i Yerusalemu, abazi ubuhinga butandukanye n’abanyamyuga bari barajanywe mu kinyago bakuwe i Yerusalemu. 3 Yarungikanye iryo kete Elasa mwene Shafani na Gemariya mwene Hilukiya, igihe bari bagiye i Babiloni kuvugana n’umwami Nebukadineza batumwe na Zedekiya umwami w’i Buyuda. Yanditse avuga ati:

4 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze ku bajanywe ari inyagano bava i Yerusalemu bakaja i Babiloni: 5 "Nimwubake amazu muyabemwo; murime imirima murye ivyo yeze. 6 Murongore muvyare abahungu n’abakobwa; mukwere abahungu banyu abagore mushingire abakobwa banyu, kugira ngo na bo nyene bavyare abahungu n’abakobwa. Mugwire mube benshi; ntimugabanuke. 7 Vyongeye, muronderere amahoro no gutera imbere igisagara mwajanywemwo muri inyagano. Mugisengere k’Uhoraho, kuko nicatera imbere, na mwebwe muzotera imbere." 8 Ego, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: "Ntimwemere ko abavugishwa n’abahamagara imizimu bari hagati muri mwebwe babahenda. Ntimwumvirize inzozi mubasaba kurota. 9 Bariko baravugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Si je nabatumye," ni ko Uhoraho avuze.

10 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Imyaka mirongo indwi niyahera muri i Babiloni, nzoza aho muri maze nshitse isezerano ryo kugira neza kwanje ryo kubagarukana aha hantu. 11 Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza. 12 Maze, muzonyambaza muze munsenge, nanje nzobumva. 13 Muzondondera kandi muzombona mundondeye n’imitima yanyu yose. 14 Nzokwemera mumbone," ni ko Uhoraho avuze, "kandi nzobagarukana ndabakure mu kinyago. Nzobegeranya ndabakure mu mahanga n’ahantu hose aho nabangarije," ni ko Uhoraho avuze, "maze ndabagarukane hano aho nabakuye nkabajana mu kinyago."

15 Mwovuga muti: "Uhoraho yaduhagurukirije abavugishwa na we i Babiloni," 16 ariko uku ni ko Uhoraho avuze ku vyerekeye umwami yicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi n’abantu bose mu basigaye muri iki gisagara, abo musangiye igihugu batajanywe nkamwe mu kinyago. 17 Ego, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Nzorungika inkota, ikigoyi n’ikiza kuri bo bamere nk’insukoni ziboze zimwe ata muntu yoshobora kuzirya. 18 Nzobakinagiza n’inkota, ikigoyi n’ikiza kandi nzotuma bazinukwa n’ubwami bwose bwo kw’isi babe abantu bo kuvumwa bankwa na bose, bo gucokora n’iciro ry’umugani mu mahanga yose. 19 Kuko batumviye amajambo yanje," ni ko Uhoraho avuze, "ayo narungikanye kenshi abasavyi banje navugisha. Kandi namwe nyene abagiye mu kinyago ntimwumviye," ni ko Uhoraho avuze.

20 Nuko rero, nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abajanywe nk’inyagano abo nirukaniye i Babiloni bavuye i Yerusalemu. 21 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze kuri Ahabu mwene Kolaya na Zedekiya mwene Mayaseya, bariko baravugishwa ibinyoma muri mwebwe mw’izina ryanje: "Nzobashira mu maboko ya Nebukadineza umwami w’i Babiloni, maze azobicira imbere y’amaso yanyu. 22 Kubera bo, abajanywe ari inyagano bavuye i Buyuda bari i Babiloni bazovuma abantu bavuga bati: ‘Uhoraho arakakugirira nk’ivyo yagiriye Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babiloni yaturiye mu muriro.’ 23 Kuko bakoze ivyo kwankwa urunuka mu Bisirayeli; bakoze ivy’ubusambanyi hamwe n’abagore b’ababanyi babo kandi bavuze ibinyoma mw’izina ryanje, ivyo ntari nababwiye gukora. Ndabizi kandi ndi icabona cavyo," ni ko Uhoraho avuze.

Ubutumwa burungikiwe Shemaya

24 Mubwire Shemaya Umunehelamu, muti: 25 "Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: Warungikiye amakete abantu bose b’i Yerusalemu mw’izina ryawe, no kuri Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi, no ku bandi baherezi. Wabwiye Zefaniya uti: 26 Uhoraho yagutoranije ngo ube umuherezi mu gishingo ca Yehoyada ngo uzezwe inzu y’Uhoraho; uze ushire umusazi wese yiyadukiza ngo ni umuherezi mu minyororo no mu mpatane z’ivyuma mw’izosi. 27 None rero ni igiki catumye ata co ukora kuri Yeremiya w’i Anatoti, yigize umuvugishwa muri mwebwe? 28 Yaturungikiye ubu butumwa turi i Babiloni, ngo: tuzotebayo. Nuko nimwubake amazu muyabemwo; murime imirima murye ivyeze muri yo.’ "

29 Maze Zefaniya umuherezi asomera uwavugishwa n’Imana Yeremiya iryo kete. 30 Hanyuma ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti: 31 "Rungika ubu butumwa ku bajanywe nk’inyagano bose uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze kuri Shemaya Umunehelamu: kuko Shemaya yabavugishirijwe imbere, naho ntari namutumye, agatuma mwizera ikinyoma, 32 uku ni ko Uhoraho avuze: Ni ukuri nzohana Shemaya Umunehelamu n’abamukomokako. Ntazogira n’umwe azosigara muri mwebwe, canke ngo abone ivyiza nzogirira aba bantu, ni ko Uhoraho avuze, kuko yigishije abantu kungarariza.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-