1 Maze Uhoraho ambwira ati: "Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, basabira aba bantu umutima wanje ntiwobagirira imbabazi. Barungike kure bave imbere yanje! Nibagende! 2 Nibakubaza bati: ‘Tuje he?’ Uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze:
Abagerewe gupfa, baje gupfa;
abagerewe kwicishwa inkota, baje kwicwa n’inkota;
abagerewe kwicwa n’inzara, baje kwicwa n’inzara;
abagerewe kujanwa ari inyagano, bajanwe ari inyagano.’
3 Nzorungika ivyo kubazimanganya bine," ni ko Uhoraho avuze, "inkota yo kubica, imbwa zo kubakwega, ibisiga hamwe n’ibikoko vyo mw’ishamba vyo kubashihagura no kubahonya. 4 Nzobahindura akajoreza mu bwami bwose bwo kw’isi kubera ivyo Manase mwene Hezekiya umwami w’i Buyuda yakoze i Yerusalemu.
5 Ni nde azokugirira akagongwe, ga yewe Yerusalemu?
Ni nde azokugandarira?
Ni nde azohagarara ngo abaze uko umeze?
6 Warantaye,"
ni ko Uhoraho avuze.
"Ushishikara gusubira inyuma.
Ni co gituma nzotuma ukuboko nkagusangangura;
singishoboye kukwihanganira.
7 Nzobagosoza icuma c’amenyo
bari ku marembo y’igisagara ca kino gihugu.
Nzosanzaza abantu banje ndabarandure,
kuko bataretse ingeso zabo mbi.
8 Nzorushaho kugwiza abapfakazi babo
barute umusenyi wo ku kiyaga.
Mu mashoka nzorungika umuranduzi
wo kwica ba nyina b’imisore;
nzobahwikiza giturumbuka
ibiteye ubwoba n’uguhungabana.
9 Nyina w’abana indwi azocika intege,
hanyuma acikane.
Izuba ryiwe rizocokera hakiri ku murango;
azoteterwa amaramare.
Amasigarira nzoyamarisha inkota
imbere y’abansi babo,"
ni ko Uhoraho avuze.
10 Ese ayo ngowe, kubona mama yaramvyaye,
jewe nkankwa n’igihugu cose!
Sinaguranye canke ngo ngire uwungurana,
ariko bose baramvuma.
11 Uhoraho yavuze ati:
"Ni ukuri nzogukiza ku bw’intumbero nziza;
kandi ni ukuri abansi bawe bazoza bagutakambira
mu bihe vy’ivyago n’amarushwa.
12 Mbega umuntu yovuna icuma,
icuma kivuye mu buraruko, canke umwakaka?
13 Ubutunzi bwanyu n’ibitayega vyanyu
nzobitanga bibe isahu, ata kiguzi,
kubera ivyaha vyanyu
biri mu gihugu canyu cose.
14 Nzobahindura abagurano b’abansi banyu
mu gihugu mutazi,
kuko uburake bwanje buzokwatsa umuriro
kandi uzokwaka uturira mwebwe."
15 Yewe, Uhoraho, urabizi;
unyibuke kandi unyiteho.
Umporere abampama.
Kuko uteba kuraka, ntuze unjane kure;
wibuke ko nihanganiye ibitutsi ku bwawe.
16 Aho amajambo yawe yaza, narayariye;
yambereye umunezero kandi yahimbaye umutima wanje,
kuko nambaye izina ryawe,
yewe Uhoraho Mana Mushoboravyose.
17 Sinigeze nicarana n’abacokoranyi,
ngo nje mu bihimbaro vyabo;
nicaye ukwanje kuko ukuboko kwawe kwari kuri jewe
kandi ukaba wanyujuje umubabaro.
18 Ni kuki umubabaro wanje udashira
n’igikomere canje ntigikire?
Mbega umbereye nk’umugezi utari wo,
nk’isoko umuntu atokwizigira?
19 Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze:
"Niwihana, nzokugarukana
kugira ngo unkorere;
niwavuga amajambo abereye, ukareka ayatabereye,
uzoba umuvugizi wanje.
Abo bantu baze bahindukire baze iyo uri,
ariko wewe ntuze uhindukire ngo uje iyo bari.
20 Nzoguhindura nk’uruzitiro kuri aba bantu,
uruzitiro rukomeye rw’umwakaka;
bazokugwanya
ariko ntibazokunesha,
kuko ndi kumwe nawe
ngo ndagukize,"
ni ko Uhoraho avuze.
21 "Nzogukiza ndagukure mu maboko y’abanyakibi
ndagucungure abantu babi b’ibirara."