1 Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu mwaka ugira icumi Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ukaba wari umwaka wa cumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma. 2 Ingabo z’umwami w’i Babiloni zari zugarije i Yerusalemu, kandi Yeremiya uwavugishwa n’Imana yari yugaraniwe mu rugo rw’abarinda ku kirimba c’umwami w’i Buyuda.
3 Maze Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamushize mw’ibohero ngaho amwagiriza ati: "Ni kubera iki uvugishwa gutyo? Uvuga uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngira nshire iki gisagara mu maboko y’umwami w’i Babiloni, kandi azogifata. 4 Zedekiya umwami w’i Buyuda ntazokwikiza ngo ave mu maboko y’Abanyababiloni ariko ni ukuri azofatwa mpiri n’umwami w’i Babiloni, kandi azovugana na we imbonankubone amwibonere n’amaso yiwe. 5 Azojana Zedekiya i Babiloni, aho azoguma gushika maze guhigura na we, ni ko Uhoraho avuze. Niwagwana n’Abanyababiloni ntuzotsinda.’ "
6 Yeremiya avuga ati: "Ijambo Uhoraho yantumyeko ryavuga riti: 7 ‘Hanameli mwene Shalumu sowanyu agira aze aho uri akubwire ati: Gura itongo riri i Anatoti, kuko uri uwo mu muryango wa hafi ufise uburenganzira kandi utegerezwa kurigura.’
8 Maze, nk’uko Uhoraho yari yabivuze, mwenewacu Hanameli aza aho ndi mu rugo rw’abarinzi bo ku kirimba arambwira ati: Gura itongo ryanje riri i Anatoti mu ntara ya Benyamini. Ko biri mu vyo urekuriwe ngo uricungure ribe iryawe, ryigurire.
Nari nzi ko ivyo bivuye k’Uhoraho. 9 Nuko nca ngura iryo tongo ryari i Anatoti ryari irya mwene datawacu Hanameli nca ndamupimira shekeli icumi n’indwi z’ifeza. 10 Ndamwandikira kandi nshirako n’ikidodo ku rwandiko rw’ubuguzi, nshirako n’ivyabona, mpima na za feza ku munzane. 11 Ntwara rwa rwandiko rw’ubuguzi, ruriko vya bidodo rwanditsemwo ingingo n’amasezerano, hamwe n’urundi rutariko ikidodo, 12 Maze mpa rwa rwandiko Baruki mwene Neriya, mwene Mahaseya, imbere ya mwenewacu Hanameli na vya vyabona vyose vyashira umukono kuri urwo rwandiko n’Abayuda bose bari bicaye mu rugo rw’abarinzi b’umwami.
13 Mbwirira Baruki mu maso yabo nti: 14 ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: Akira aya makopi yompi, y’urwandiko rw’ubuguzi, iyiriko ikidodo n’iyitariko ikidodo, maze ubishire mu mubindi w’ibumba kugira ngo aze amare igihe kirekire.’ 15 Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Amazu, amatongo n’imizabibu bizosubira kugurwa muri iki gihugu.’
16 Maze gutanga ya makete y’ubuguzi nkayaha Baruki mwene Neriya, nsenga Uhoraho nti:
17 ‘Ewe, Uhoraho Nyeninganji, waremye ijuru n’isi ubiremesheje ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi, nta na kimwe kikunanira. 18 Werekanye urukundo ku bantu ibihumbi ariko uzana igihano c’ivyaha vy’abavyeyi ku bana babo. Yewe Mana ihambaye, izina ryawe ni Uhoraho Mushoboravyose, 19 imigambi yawe irahambaye kandi ivyo ukora birakomeye. Inyonga zawe zibona inzira zose z’abantu; uha ingero umuntu wese ikwiranye n’ingeso ziwe n’ibikorwa vyiwe. 20 Wakoze ibitangaza n’ibimenyetso muri Egiputa kandi washishikaye kubikora, haba muri Isirayeli, haba no mu bantu bose, kandi wihaye izina rihambaye nk’uko biri n’uwu musi. 21 Wakuye ubwoko bwawe Isirayeli muri Egiputa ubukujeyo ibimenyetso n’ibitangaza, n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kuramvuye n’ibiteye ubwoba. 22 Wabahaye iki gihugu wari wararahiye ba sekuruza babo, igihugu gitemba amata n’ubuki. 23 Baraza baracinjira baracegukira, ariko ntibakwumvira canke ngo bitondere Ivyagezwe vyawe; ntibakora ivyo wabategetse gukora. Ni co catumye ubateza ivyago.
24 Raba ingene hubatswe ivyo kwuririrako ngo bafate igisagara. Kubera inkota, ikigoyi n’ikiza, igisagara kizoshirwa mu maboko y’Abanyababiloni bagiteye. Ivyo wavuze vyarashitse, nk’uko mubibona ubu. 25 Kandi naho iki gisagara kizogwa mu maboko y’Abanyababiloni, wewe Uhoraho Nyeninganji, umbwiye uti: Nugure itongo n’ifeza zawe urondere n’ivyabona.’ "
26 Nuko ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti: 27 "Ndi Uhoraho, Imana y’abafise umubiri bose. Hari ikintu conanira jewe?" 28 Nuko, uku ni ko Uhoraho avuze ati: "Ngira nshire iki gisagara mu maboko y’Abanyababiloni na Nebukadineza umwami w’i Babiloni, na bo bazogifata. 29 Abanyababiloni bariko batera iki gisagara bazocinjira bagiturire; bazogitongoza umuriro, harimwo n’amazu yose abantu bantereyemwo ishavu mu kwurira hejuru kuri yo no gucanira ibimota neza Bayali no mu kumijagira amashikanwa y’ibinyobwa imbere y’izindi mana.
30 Abantu bo muri Isirayeli mu Buyuda nta kindi bakoze atari ibibi gusa mu nyonga zanje uhereye mu buto bwabo; ni ukuri, Abisirayeli nta kindi atari ukuntera ishavu kubera ivyo intoke zabo zakoze," ni ko Uhoraho avuze. 31 "Kuva igihe cubakiwe gushika uwu musi, iki gisagara cavyuye uburake n’ubushangashirwe bwanje ku buryo ntegerezwa kukirandura mu nyonga zanje. 32 Abisirayeli n’Abayuda n’abantu bose baranshavuje kubera ibibi bakoze, bo ubwabo, abami babo n’abaganwa babo, abaherezi babo n’abavugishwa, abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu. 33 Banteye ibitugu, ntibantumbera; naho nabigishije kenshi, ntibanyumviye canke ngo bemere guhanwa. 34 Bashinze ibigirwamana vyabo vy’ubuyobe mu Ngoro yitirirwa izina ryanje maze barayihumanya. 35 Bubatse ibibanza vya Bayali mu kiyaya ca Beni-Hinomu ngo bahashikanire ibimazi vy’abahungu babo n’abakobwa babo babiha Moleki, naho ntigeze ndabibategeka, canke ngo vyinjire no mu bwenge bwanje, ko bokora ikizira kingana gutyo gituma Yuda acumura.
36 Muvuga kuri iki gisagara muti: ‘Iki gisagara kizoshirwa mu maboko y’umwami w’i Babiloni biciye mu nkota, ikigoyi n’ikiza,’ ariko uku ni ko Uhoraho avuze: 37 ‘Ni ukuri nzobegeranya bavuye mu bihugu vyose ivyo nzobirukaniramwo mu bushangashirwe no mu burake bwanje; nzobagarukana aha hantu bahabe mu mahoro. 38 Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo. 39 Nzobaha kugira umutima umwe wo kunyumvira, kugira ngo bame banyubaha imisi yose kandi kugira ngo bibabere vyiza bo ubwabo n’abana babo bazovuka hanyuma. 40 Nzogiriranira na bo isezerano ritazoshira: Sinzokwigera mpeba kubagirira neza, kandi nzobashiramwo umutima wo kunyubaha, kugira ngo ntibaze bantere ibitugu na mba. 41 Nzonezerwa no kubagirira neza kandi vy’ukuri nzobateragira muri iki gihugu n’umutima wanje wose n’umushaha wanje wose.’ "
42 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Nk’uko narekuriye ubu bugesera bungana butya kuri aba bantu, ni ko nzobaha ukugubwa neza nabasezeraniye. 43 Bazosubira kugura amatongo muri iki gihugu ico muvuga muti: ‘Ni umusaka, nta bantu canke ibikoko bikirimwo, kuko cahawe Abanyababiloni.’ 44 Amatongo azogurwa ifeza, impapuro z’ubuguzi zizokwandikwa zishizweko umukono, zishirweko ikidodo n’ivyabona bijeko mu ntara ya Benyamini, mu mihana ikikije Yerusalemu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu bisagara vyo mu ntara y’imisozi, iri mu kiyaya n’iy’i Negebu, kuko nzosubira kuhubaka, ni ko Uhoraho avuze."