Publicidade

Jeremias 7

Ugusenga kw’ibinyoma nta kimazi

1 Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho: 2 "Hagarara kw’irembo ry’Ingoro y’Uhoraho maze ushikirize ubu butumwa uri aho nyene uti:

‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe bantu b’i Buyuda binjira muri aya marembo gusenga Uhoraho. 3 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze: Nimuhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobaha kuba aha hantu. 4 Ntimwizigire amajambo y’uruhendo ngo muvuge muti: iyi ni Ingoro y’Uhoraho, Ingoro y’Uhoraho, Ingoro y’Uhoraho! 5 Nimwahindura vy’ukuri ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu kandi umuntu wese agakorera mugenziwe ibibereye, 6 nimutacinyiza inyambukira, impfuvyi canke umupfakazi kandi ntimusese amaraso y’uwutagira icaha muyasesa aha hantu, kandi nimutakurikira izindi mana ari vyo bibazanira amarushwa, 7 nuko nzobaha kuba aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ibihe bidashira. 8 Ariko raba, mwizigiye amajambo y’uruhendo atagira ikimazi.

9 Mbega muzokwiba, mwice, musambane kandi murahire ibinyoma, muturirire Bayali ibimota neza, mukurikire izindi mana mutigeze mumenya, 10 hanyuma muheze muze guhagarara imbere yanje muri iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, muvuga muti: Turacuna! Muracuna kandi mukora ibibi nk’ivyo? 11 Mbega iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, yahindutse isenga ry’abambuzi kuri mwebwe? Ariko namye ndavyihweza! Ni ko Uhoraho avuze.

12 Nimugende mu kibanza c’i Shilo aho nashize ubwa mbere ikibanza citirirwa izina ryanje, murabe uko nahagiriye kubera ibibi vy’abantu banje b’Abisirayeli. 13 Mu gihe mwariko murakora ivyo, ni ko Uhoraho avuze, navuganye namwe kenshi, ariko ntimwanyumviye; narabahamagaye ariko ntimwitaba, ni ko Uhoraho avuze. 14 Ni co gituma, ivyo nakoreye i Shilo ari vyo ngiye gukorera iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, Ingoro mwashizemwo ivyizigiro, ikibanza nahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu. 15 Nzobirukana mumve imbere, nk’uko nagiriye benewanyu ari bo Bisirayeli, abantu ba Efurayimu.’

16 Nuko rero ntusengere ubu bwoko, ntubaborogere canke ngo unyinginge, kuko ntazokwumviriza. 17 Ntubona ivyo bariko barakora mu bisagara vy’i Buyuda no mu mayira y’i Yerusalemu? 18 Abana begeranya inkwi, ba se bagacana umuriro, abagore na bo bakagira igikandu co gukoramwo udukate tw’umwamikazi wo mw’ijuru. Basesa hasi ishikanwa ry’ibinyobwa ku zindi mana ngo bavyure ishavu ryanje, bandatse. 19 Ariko mbega ni jewe bariko baratera ishavu? Ni ko Uhoraho abaza. Mbega si bo bariko barigirira nabi, ibintu bizotuma bamaramara?

20 Nuko rero, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Uburake bwanje n’ubushangashirwe bwanje bizosukwa aha hantu, ku muntu no ku gikoko, ku biti vyo mu mirima no ku vyimburwa biva mw’ivu, buzorurumba kandi nta wuzobuzimya.

21 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze ati: Bandanya, mwongere amashikanwa yanyu yo guturirwa ku bindi bimazi vyanyu, maze mwirire inyama! 22 Kuko igihe nakura ba sogokuruza banyu muri Egiputa kandi nkavugana na bo, sinabahaye amabwirizwa gusa yerekeye ibimazi vyo guturirwa; 23 ariko nabahaye iki cagezwe ngo: Munyumvire, nanje nzoba Imana yanyu namwe mube abantu banje. Muze mugendere mu nzira zose ndababwira, kugira ngo ivyanyu bigende neza. 24 Ariko ntibanyumviye canke ngo babishireko n’umutima; ahubwo, bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo yanduye. Basubiye inyuma aho kuja imbere. 25 Kuva mu gihe ba sogokuruza bava muri Egiputa kugeza n’ubu, ku musi ku musi, nama ndungika abasavyi banje abo navugisha. 26 Ariko ntibagomba kunyumviriza canke ngo babishireko umutima. Bagamitse izosi maze bakora ibibi biruta ivya ba sekuruza babo.

27 Niwababwira ibi vyose, ntibazokwumviriza; niwabahamagara, ntibazokwitaba. 28 Nuko rero uze ubabwire uti: Iri ni ryo hanga ritumviye Uhoraho Imana yabo canke ngo ryemere guhanurwa. Ukuri kwarahonyanzwe; kwaraheze ku minwa yabo.

29 Nimwimweshe umushatsi wanyu maze muwute kure, mucure intimba muri ku dutwe tw’imisozi y’uruharabuga, kuko Uhoraho yataye kandi yahevye uru runganwe ruri musi y’uburake bwiwe.

Ikiyaya co gusogota

30 Abantu b’i Buyuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni ko Uhoraho avuze. Bashinze ibigirwamana vyabo vyo kwankwa urunuka mu Ngoro yitirirwa izina ryanje maze barayihumanya. 31 Bubatse ibibanza basengeramwo vya Tofeti mu kiyaya ca Beni-Hinomu ngo bahatangire abahungu babo n’abakobwa babo babatuririye mu muriro, ivyo ntari nabategetse gukora, canke ngo bice no mu bwenge bwanje. 32 Nuko nimwiyubare, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho abantu batazosubira kuhita Tofeti canke ikiyaya ca Beni-Hinomu, ahubwo hazokwitwa ikiyaya co gusogota, kuko bazohamba abapfuye i Tofeti kugeza aho hatazosigara ikibanza na kimwe. 33 Maze imivyimba y’aba bantu izoba ivyokurya vy’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi nta muntu azoshobora kuvyirukana. 34 Nzoshira kw’iherezo amajwi y’umunezero no guhimbarwa n’amajwi y’umukwe n’umugeni mu bisagara vy’i Buyuda no mu mayira y’i Yerusalemu, kuko igihugu kizoba ari umusaka.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-