Publicidade

Jeremias 42

1 Nuko abakuru b’ingabo bose, harimwo na Yohanani mwene Kareya na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose, uhereye ku muto inyuma y’abandi ukageza ku mukuru aruta abandi, begera 2 Yeremiya uwavugishwa n’Imana bamubwira bati: "Turakwinginze wumve ico tugusaba maze udusengere k’Uhoraho Imana yawe usabire aba bantu bose b’amasigarira. Kuko nk’uko ubibona ubu, naho twari benshi, ubu hasigaye bake cane. 3 Senga ngo Uhoraho Imana yawe atubwire aho twoja n’ico twokora."

4 Yeremiya arabishura ati: "Nabumvise. Ni ivy’ukuri ndabasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwabisavye; kandi ndabamenyesha ivyo Uhoraho aza kuvuga vyose. Nta co nza kubahisha."

5 Nuko babwira Yeremiya bati: "Uhoraho atubere icabona c’ukuri kandi co kwizigirwa kandi aduhane nitutakora ivyo Uhoraho Imana yawe aza kugutuma kuri twebwe vyose. 6 Vyaba ari vyiza canke bibi, tuzokwumvira Uhoraho Imana yawe, iyo tugutumyeko, kugira ngo ivyacu bigende neza, tuzokwumvira Uhoraho Imana yawe."

7 Haheze imisi icumi, ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya. 8 Maze akoranya Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose bari kumwe na we n’abantu bose uhereye ku muto inyuma y’abandi ukageza ku mukuru aruta abandi. 9 Arababwira ati: "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, uwo mwantumyeko ngo ndabasabire, avuze: 10 ‘Nimwaguma muri iki gihugu, nzobubaka sinzobasambura; nzobateragira sinzobarandura, kuko mbabajwe n’icago nabateje. 11 Ntimutinye umwami w’i Babiloni, uwo mutinya ubu. Ntimumutinye, ni ko Uhoraho avuze, kuko ndi kumwe namwe kandi nzobatabara ndabakize amaboko yiwe. 12 Nzobagirira akagongwe kugira ngo na we abagirire akagongwe abasubize mu gihugu canyu.’

13 Ariko, nimwavuga muti: ‘Ntituzoguma muri iki gihugu, maze ntimunyumvire jewe Uhoraho Imana yanyu,’ 14 kandi nimwavuga muti: ‘Oya, tuzoja kwibera muri Egiputa, aho tutazobona intambara canke ngo twumve inzamba canke ngo dusonze tubure ico kurya,’ 15 nuko nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe masigarira ya Yuda. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nimwaba mwafashe ingingo yo kuja muri Egiputa mukabayo, 16 inkota mutinya izobasangayo, n’inzara mutinya izobakurikira muri Egiputa, mupfireyo. 17 Ni ukuri, abafashe ingingo yo kuja muri Egiputa ngo babeyo bazokwicwa n’inkota, ikigoyi n’ikiza; nta n’umwe azorokoka canke ngo akire icago nzobateza.’ " 18 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: "Nk’uko uburake bwanje n’ubushangashirwe bwanje vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni ko uburake bwanje buzosukwa kuri mwebwe nimwaja muri Egiputa. Muzoba akamenyo, agatwengo, abo gucirwa urubanza no kuvugirizwa agahwa; ntimuzosubira kubona aha hantu."

19 Yemwe masigarira ya Yuda, Uhoraho arababwiye ati: "Ntimuje muri Egiputa." Nimumenye ibi mudakekeranya: ndababuriye uwu musi 20 ko mwakoze ikosa ry’agacamutwe igihe mwantuma k’Uhoraho Imana yanyu mukavuga muti: "Dusengere k’Uhoraho Imana yawe; utubwire ivyo aza kuvuga vyose kugira ngo natwe tubikore." 21 Ndababwiye uwu musi, ariko n’ubu ntimurumvira Uhoraho Imana yanyu mu vyo yantumye kubabwira vyose. 22 Nuko rero, mumenye ibi mudakekeranya: muzopfa mwishwe n’inkota, ikigoyi n’ikiza muri aho mugomba kuja kuba.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-