Publicidade

Jeremias 17

1 Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma,

gikorogoshowe n’isonga rya diyama,

ku bisate vy’imitima yabo

no ku mahembe y’ibicaniro vyabo.

2 N’abana babo baribuka

ibicaniro vyabo n’inkingi za Ashera

biri i ruhande y’ibiti bitotahaye

no ku misozi miremire.

3 Umusozi wanje uri mu gihugu

n’ubutunzi bwanyu n’ibitayega vyanyu

vyose nzobitanga bibe isahu;

hamwe n’ibitabo vyanyu vyo ku misozi,

kubera icaha cakorewe hose mu gihugu canyu.

4 Kubera icaha canyu muzotakaza

ishamvu yanyu nabahaye.

Nzotuma muba abaja b’abansi banyu

mu gihugu mutazi,

kuko mwakije uburake bwanje,

kandi uburake bwanje buzobarurumbirako ibihe vyose.

5 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Aravumwe uwizigira umuntu,

akishimira umuntu w’inyama n’amaraso

kandi umutima wiwe ukava k’Uhoraho.

6 Azoba nk’igiti kiri mu bugaragwa;

ntazobona ugutera imbere kumuzako.

Azoba ahagadutse ho mu bugaragwa,

mu gihugu c’umunyu ata muntu ahaba.

7 Ariko hahiriwe umuntu yizigira Uhoraho,

ivyizigiro vyiwe bikaba muri we.

8 Azomera nk’igiti gitewe hafi y’amazi

gishorera imizi yaco mu migende y’amazi.

Ntigitinya mu gihe c’ubushuhe;

ibibabi vyaco bihora bitotahaye.

Nticiganyira no mu mwaka w’uruzuba

kandi nticigera kireka kwama ivyamwa.

9 Umutima uribesha kuruta ibintu vyose

kandi ugwaye ingwara idakira.

Ni nde yowutahura?

10 Jewe Uhoraho ni jewe nsesa umutima

nkagera umushaha,

ngo ngerere umuntu wese ibihwanye n’ingene yigenza,

ibikwiranye n’ibikorwa vyiwe."

11 Nk’uko inkware ibundikira amagi itataye

ni ko n’umuntu aronka ubutunzi mu buryo bubi ameze.

Niyacagatiza imyaka yiwe yo kubaho,

ubwo butunzi buzomuhunga,

kandi kw’iherezo azoboneka ko ari igipfu.

12 Hariho intebe y’icubahiro ishizwe hejuru, uhereye kw’itanguriro,

iyo ni ca kibanza c’urusengero.

13 Yewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli,

abaguta bose bazomaramara.

Abagutera ibitugu bazomera nk’abanditswe mu mukungugu

kuko bahevye Uhoraho,

ari we soko y’amazi y’ubugingo.

14 Mvura, ewe Uhoraho, nca nkomera;

nkiza nca nkira vy’ukuri,

kuko ari wewe mpimbaza.

15 Baguma bambaza bati:

"Ijambo ry’Uhoraho riri hehe?

Nirishike none!"

16 Sinahunze ngo ndeke kuba umwungere wawe;

urazi ko ntipfuje umusi wo kwihebura.

Ibiva mu minwa yanje vyose biri imbere yawe.

17 Ntumbere agaterabwoba;

uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago.

18 Abampiga nibamaramare,

ariko jeho undinde kumaramara;

nibagwe igihumura,

ariko jeho undinde iterabwoba.

Ubashitseko umusi w’ivyago;

ubaranduze agatikizo incuro zibiri.

Kwitondera Isabato

19 Ibi ni vyo Uhoraho yambwiye, ati: "Genda uhagarare kw’Irembo ry’Abantu, iryo umwami w’i Buyuda acamwo asohoka canke yinjira; wongere uhagarare no mu yandi marembo y’i Yerusalemu. 20 Ubabwire uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe bami b’i Buyuda namwe bantu bose b’i Buyuda na mwebwe mwese muba i Yerusalemu mugaca muri aya marembo. 21 Uku ni ko Uhoraho avuze: Mwiyubare ntihagire uwikorera umuzigo ku musi w’Isabato canke ngo awinjize aciye mu marembo y’i Yerusalemu. 22 Ntimusohore umuzigo muwukuye mu mazu yanyu canke ngo hagire igikorwa na kimwe mukora ku musi w’Isabato, ariko mwitondere Isabato kuko ari iyera, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu. 23 Ariko baranse kunyumviriza canke ngo banabishireko umutima, bagamitse amazosi banka kunyumviriza canke kwemera gutozwa indero. 24 Ariko nimwanyumvira, ni ko Uhoraho avuze, ntimwinjize imizigo muri iki gisagara kw’Isabato, mukitondera Isabato yera mu kutagira ico mukora kuri yo, 25 nuko rero abami bicara ku ntebe ya Dawidi bazoca muri aya marembo y’iki gisagara bari kumwe n’abaganwa babo. Bazokwinjira bari mu mikogote no ku mafarasi yabo, baherekejwe n’abantu b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, kandi iki gisagara kizokwama kirimwo abantu ibihe bidashira. 26 Abantu bazoza bavuye mu bisagara vy’i Buyuda no mu mihana ikikije Yerusalemu, no mu ntara ya Benyamini no mu kiyaya co mu burengero, no mu ntara y’imisozi y’i Negebu, bazanye amashikanwa n’ibimazi vyo guturirwa, amashikanwa y’ifu, ibimota neza vyose vy’ishimwe mu Ngoro y’Uhoraho. 27 Ariko nimutanyumvira ngo mwubahe Isabato ngo mureke kugira ivyo mwiremeka kuri yo mwinjira mu marembo y’i Yerusalemu ku musi w’Isabato, nuko nanje nzokwatsa umuriro udashobora kuzima mu marembo y’i Yerusalemu uzoturira ingoro zaho.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-