1 Mu gihe Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’ingabo ziwe zose n’ubwami butandukanye bwo mu bwami bunini yaganza bariko baragwanya Yerusalemu n’ibisagara bihakikije, iri jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, riti: 2 "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Genda kuri Zedekiya umwami w’i Buyuda maze umubwire uti: Uku ni ko Uhoraho avuze: Ndi hafi gutanga iki gisagara mu maboko y’umwami w’i Babiloni, na we azogitongoza umuriro. 3 Ntuzokira ariko uzofatwa mpiri utangwe mu maboko yiwe. Uzokwibonera uwo mwami n’amaso yawe, kandi azovugana nawe imbonankubone, kandi uzoja i Babiloni.
4 Ariko kandi niwumve isezerano ry’Uhoraho, yewe Zedekiya mwami w’i Buyuda. Uku ni ko Uhoraho avuze ku bikwerekeye: Ntuzokwicishwa inkota, 5 uzokwipfira mu mahoro. Nk’uko abantu bacana umuriro wo guhesha icubahiro ba sogokuruza bawe mu kubagandarira, abami bakwitangiye imbere, ni ko na wewe bazogucanira uwo muriro bongere bagucurire intimba bati: Yo, mwami! Ni jewe ubwanje nsezeranye iri sezerano, ni ko Uhoraho avuze.’ "
6 Maze Yeremiya uwavugishwa n’Imana abwira ivyo vyose Zedekiya umwami w’i Buyuda, abimubwirira i Yerusalemu, 7 mu gihe ingabo z’umwami w’i Babiloni zariko ziragwanya Yerusalemu n’ibindi bisagara vy’i Buyuda vyari bizitijwe inzitiro, Lakishi na Azeka. Ivyo ni vyo bisagara vyonyene vyari bizitijwe inzitiro vyari bisigaye i Buyuda.
8 Ijambo ryongera gutumwa kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho inyuma y’aho umwami Zedekiya yari yagiranye isezerano n’abantu bose b’i Yerusalemu ngo bahe umwidegemvyo abaja. 9 Umuntu wese yasabwe kurekura umuja wiwe w’Umuheburayo, yaba umugabo canke umugore; nta n’umwe yari yemerewe kugumiza mu buja mugenziwe w’Umuyuda. 10 Nuko abaganwa bose n’abantu bose binjiye muri iryo sezerano bemera kurekura abagurano babo b’abahungu canke b’abakobwa ngo ntibashishikare kubagumiza mu buja. Baravyemera, maze barabarekura. 11 Ariko inyuma y’aho barisubirako bagarukana abo bari barekuye babasubiza mu buja.
12 Maze ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti: 13 "Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nasezeranye isezerano na ba sogokuruza banyu igihe nabavana muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja. Ndavuga nti: 14 Uko imyaka indwi iheze muze mureke bagenzi banyu b’Abaheburayo babigurishijeko ngo babe abaja banyu bidegemvye. Bamaze kubakorera imyaka itandatu, muze mubareke bidegemvye. Ariko ba sogokuruza banyu ntibanyumviye canke ngo bantege ugutwi. 15 Haciye igihe gitoya mwihanye mukora ivy’ukuri kandi bigororotse: umwe wese yaramenyesheje ko arekuye mugenziwe. Kandi mwaranashizeho isezerano imbere yanje muri mu Ngoro yitirirwa izina ryanje. 16 Ariko raba mwagarukanye abagurano banyu b’abahungu n’abakobwa mwari mwarekuye ngo baje aho bagomba. Mwabategetse ngo basubire kubabera abaja.’ "
17 Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze: "Ntimwanyumviye; ntimwatangaje umwidegemvyo kuri bagenzi banyu b’Abaheburayo. Ko bimeze gutyo, nanje ndamamaje umwidegemvyo kuri mwebwe, ni ko Uhoraho avuze, umwidegemvyo wo kwicwa n’inkota, ikiza n’ikigoyi. Nzobahindura akabarore ku bami bose bo kw’isi. 18 Abantu bose barenze kw’isezerano ryanje ntibitondere ivyanditswe muri ryo kandi barigiriye imbere yanje, nzobagenza nka ya mpfizi bacamwo kubiri bagaca hagati y’ibihimba vyayo. 19 Abatware b’i Buyuda n’i Yerusalemu, abajejwe guca imanza, abaherezi n’abantu bose bo mu gihugu baciye hagati y’ivyo bihimba bibiri vy’iyo mpfizi, 20 nzobatanga mu maboko y’abansi babo barondera kubica. Imivyimba yabo izoba indya z’ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba.
21 Nzotanga Zedekiya umwami w’i Buyuda n’abaganwa biwe mu maboko y’abansi babo bagomba kubica, mu maboko y’umwami w’i Babiloni, naho yaretse kubatera. 22 Ngiye gutegeka, ni ko Uhoraho avuze, maze ndabagarukane muri iki gisagara. Bazokigwanya, bagifate, bagitongoze umuriro. Kandi nzosiga ibisagara vy’i Buyuda ari imisaka ku buryo ata n’umwe azoshobora kubibamwo."