Pular para o conteúdo
Publicidade

Yeremiya 45

Ubutumwa kuri Baruki

1 Igihe Baruki mwene Neriya yandika mu muzingo amajambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya amubwiye, mu mwaka ugira kane umwami Yehoyakimu, mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma, Yeremiya yabwiye Baruki ati: 2 "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze kuri wewe Baruki: 3 Waravuze uti: Ewe jewe ndagowe! Uhoraho anyongerereje imibabaro ku yo nari mfise; ncitse intege ku bwo kuniha kandi nta buruhukiro ngira.’ "

4 Ariko, Uhoraho yambariye ngo ndakubwire nti: "Uku ni ko Uhoraho avuze: Nzosenyura ivyo nubatse kandi nzorandura ivyo nateye, mu gihugu cose. 5 Mbega none woba ukwiye kwironderera ibihambaye? Ntubirondere. Kuko nzoteza ivyago abantu bose, ni ko Uhoraho avuze, ariko aho uzoja hose nzokiza ubugingo bwawe.’ "

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também