Publicidade

Jeremias 26

Yeremiya aterwa ubwoba ko azokwicwa

1 Ingoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda igitangura, ni ho iri jambo ryaje rivuye k’Uhoraho riti: 2 "Uku ni ko Uhoraho avuze ati: ‘Hagarara mu rugo rw’Ingoro y’Uhoraho maze ubwire abantu bose bo mu bisagara vy’i Buyuda baza gusengera mu Ngoro y’Uhoraho ivyo nzogutegeka vyose; ntugire ikintu na kimwe ukuramwo. 3 Kumbure bazokwumviriza maze umwe wese areke inzira yiwe mbi. Nuko nanje nzokwigarura ngo sindabarekurireko icago nagabiye kubashitsako kubera ibibi bakoze. 4 Uze ubabwire uti: Uku ni ko Uhoraho avuze: Nimutanyumvira ngo mwitondere Ivyagezwe vyanje, ivyo nabashize imbere, 5 kandi nimutumvira amajambo y’abasavyi banje ari bo bavugishwa, abo nabatumyeko ibihe vyinshi; naho mutabumviye, 6 nuko nzohindura iyi Ngoro nk’i Shilo, n’iki gisagara nzogihindura aho kuvumwa mu mahanga yose yo kw’isi.’ "

7 Abaherezi, abavugishwa hamwe n’abantu bose bumva Yeremiya avuga ayo majambo ari mu Ngoro y’Uhoraho. 8 Ariko Yeremiya agiheza kubwira abantu ivyo Uhoraho yamutumye kuvuga vyose, abaherezi, abavugishwa n’abantu bose baramufata bavuga bati: "Utegerezwa gupfa! 9 Ni kuki uvugishwa mw’izina ry’Uhoraho ko iyi Ngoro izomera nk’i Shilo kandi iki gisagara kikazoba umusaka ata muntu agishobora kukibamwo?" Maze abantu bose bakoranira aho ari mu Ngoro y’Uhoraho.

10 Abatware b’i Buyuda bumvise ivyo, baraduga bava ku kirimba c’umwami baja ku Ngoro y’Uhoraho hanyuma bicara mu bibanza vyabo vyari ku rwinjiriro rwo kw’Irembo Rishasha ry’Uhoraho. 11 Nuko abaherezi n’abavugishwa babwira abatware n’abantu bose bati: "Uyu muntu akwiye gucirwa urubanza rwo gupfa kuko yavugishijwe ibibi kuri iki gisagara. Mwavyiyumviye n’amatwi yanyu ubwanyu!"

12 Nuko Yeremiya abwira abatware n’abantu bose ati: "Uhoraho yantumye kuvugishwa kuri iyi Ngoro n’iki gisagara ibintu vyose mwamaze kwumva. 13 None rero nimuhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu maze mwumvire Uhoraho Imana yanyu. Nuko Uhoraho azokwigarura ngo ntabateze icago yavuze ko azobateza. 14 Ku binyerekeye ndi mu maboko yanyu; nimunkoze ico mubona ari ciza kandi kibereye. 15 Ariko mumenye neza ko nimwanyica, muzoba mushize kuri mwebwe, ku gisagara canyu no ku bantu bose bakibamwo, amaraso y’uwutagira icaha, kuko mu vy’ukuri Uhoraho yandungitse kuri mwebwe ngo ndababwire ayo majambo yose muriko murumva."

16 Nuko rero abatware n’abantu bose babwira abaherezi n’abavugishwa bati: "Uyu muntu ntakwiye gucirwa urubanza rwo gupfa! Yatubwiye amajambo mw’izina ry’Uhoraho Imana yacu."

17 Bamwe mu bakurambere bo mu gihugu bigira imbere babwira ikoraniro ryose bati: 18 "Mika w’i Moresheti yaravugishijwe mu gihe ca Hezekiya umwami w’i Buyuda. Yabwiye abantu bose b’i Buyuda ati: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

Siyoni hazorimwa hamere nk’umurima,

Yerusalemu hazoba ikigunguzi c’isakamburira,

umusozi wubatsweko Ingoro na wo uzomerako ibisaka.’

19 Yaba umwami Hezekiya w’i Buyuda canke uwundi uwo ari we wese w’i Buyuda, hari uwamwishe? Mbega Hezekiya ntiyubashe Uhoraho akarondera ubuntu bwayo? Kandi Uhoraho ntiyigaruye, ngo ntashitse ivyago yari yabagereye? Ni twebwe nyene tugomba kwikwegera ivyago!"

20 Kandi Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati-Yeyarimu ni uwundi muntu yavugishijwe mw’izina ry’Uhoraho; avugishwa ivyo nyene kuri iki gisagara n’iki gihugu nk’uko Yeremiya yavuze. 21 Nuko umwami Yehoyakimu n’abatware biwe n’abakuru b’ingabo bumvise ayo majambo yiwe, umwami aca afata ingingo yo kumwica. Ariko Uriya avyumvise, agira ubwoba, aca arahunga aja muri Egiputa. 22 Umwami Yehoyakimu arungika Elunatani mwene Akubori muri Egiputa, bari kumwe n’abandi bantu. 23 Bakura Uriya muri Egiputa bamushira umwami Yehoyakimu, na we amwicisha inkota umuvyimba bawuterera aho bahamba abantu basanzwe.

24 Vyongeye, Ahikamu mwene Shafani ashigikira Yeremiya, bituma adashirwa mu maboko y’abantu ngo bamwice.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-