Publicidade

Jeremias 4

1 "Nimba wewe, Isirayeli, ugomba guhindukira," ni ko Uhoraho avuze,

"nungarukeko."

"Nimwakuraho ibigirwamana bisesema imbere yanje

ntimusubire gukevya muta inzira,

2 kandi mu kuri kwose, mu nzira itunganye kandi igororotse

mukarahira muvuga muti: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’

nuko amahanga azohabwa umugisha n’Uhoraho

kandi muri we ni ho hazoba ivyirato vyabo."

3 Ibi ni vyo Uhoraho avuga ku bantu b’i Buyuda n’i Yerusalemu ati:

"Nimumene imishike

kandi ntimubibe mu mahwa.

4 Nimukebwe mugaruke k’Uhoraho,

Nimukebwe mu mitima yanyu,

yemwe bantu b’i Buyuda na mwebwe b’i Yerusalemu,

kugira ngo uburake bwanje ntibururumbe bugaturira nk’umuriro

kubera ibibi mwakoze,

bukarurumba ata wo kubuzimya.

Ivyago bizova mu buraruko

5 Menyesha i Buyuda kandi ubivuge i Yerusalemu uti:

‘Vuza inzamba mu gihugu cose!

Semerera cane uvuge uti:

Egeranira hamwe!

Reka duhunge tuje mu bisagara bizitijwe inzitiro!’

6 Manika ibendera ry’ikimenyetso i Siyoni!

Hunga mudatevye kugira ngo ntimugire ico muba!

Kuko nzanye icago kivuye mu buraruko,

kandi ni uguhonya guhambaye."

7 Intare ivuye mu kibundo cayo;

umuranduzi w’amahanga arasohotse.

Yavuye iwe

ngo asangangure igihugu canyu.

Ibisagara vyanyu bizoba imisaka

ata muntu n’umwe akibibamwo.

8 Nuko nimwambare amagunira,

mucure intimba muboroge,

kuko uburake bw’inkazi bw’Uhoraho

butaratuvako.

9 Uku ni ko Uhoraho avuze ati: "Kuri uwo musi,

umwami n’abaganwa bazocika intege,

abaherezi bazogira ubwoba bwinshi,

na ba kamenyi bazoranduka imitima."

10 Maze ndavuga nti: "Yewe Uhoraho Nyeninganji, ese ukuntu wahenze aba bantu n’ababa i Yerusalemu mu kubabwira uti: ‘Muzoba amahoro,’ kandi ahubwo inkota iri ku mazosi yacu!"

11 Muri ico gihe aba bantu n’ababa i Yerusalemu bazobwirwa ngo: "Umuyaga uturira uvuye ku dutwe tw’imisozi yo mu bugaragwa uzohuha ku bantu banje, ariko ntikuzoba ari ukugosora canke kweza; 12 uzoba ari umuyaga uhambaye uje utegetswe nanje. Nzobashitsako urubanza rwanje."

13 Raba! Agenda nk’ibicu,

imikogote yiwe igenda nk’agashururu,

amafarasi yiwe agenda anyaruka kurusha inkona.

Turagowe! Turahonye!

14 Yewe Yerusalemu, wiyuhagire ububi bwose bwo mu mutima wawe kugira ngo ukizwe.

Uzogeza ryari kwigenera ivyiyumviro bibi?

15 Ijwi rivugiye i Dani,

rimenyesha icago kivuye mu misozi y’i Efurayimu.

16 "Bibwire amahanga,

bimenyeshe ab’i Yerusalemu uti:

‘Ingabo zije gutera zivuye mu gihugu ca kure,

urwamo rw’intambara ruje ku bisagara vy’i Buyuda.

17 Bahakikuje nk’abantu barinda umurima,

kuko yangararije,’ "

ni ko Uhoraho avuze.

18 "Inyifato yanyu n’ibikorwa vyanyu

ni vyo bitumye ivyo bibazako.

Ico ni igihano canyu.

Ese ukuntu kirura!

Ese ukuntu kinyengetera gushika mu mutima!

19 Ewe mubabaro wanje, ewe mubabaro wanje!

Uburibwe ni bwinshi.

Ese ingene umutima wanje usambagirika!

Umutima wanje uradihagizwa muri jewe,

kandi sinshobora guhora.

Kuko numvise ijwi ry’inzamba;

numvise akamo k’intambara.

20 Icago gikurikira ikindi;

igihugu cose cahindutse imisaka.

Mu kanya gato amahema yanje arasambuwe,

n’ubwugamo bwanje mu kanya gato.

21 Mbega nzogeza ryari kubona ibendera y’intambara

no kwumva ijwi ry’inzamba?

22 Abantu banje ni ibijuju;

ntibanzi.

Ni abana batiyumvira;

ntibagira ugutahura.

Ni abanyabwenge mu gukora ibibi;

ntibazi ugukora iciza."

23 Naravye isi,

nsanga ntigira uko imeze kandi nta kirimwo;

ndaba n’amajuru,

nsanga umuco waho wagiye.

24 Naravye ku misozi,

mbona iriko iratigita;

n’udusozi twose turahuzenze.

25 Nararavye, nsanga nta bantu bariho;

inyoni zose zo mu kirere zari zagurutse.

26 Ndavye, nsanga igihugu cimbuka ivyamwa vyinshi gisigaye ari ubugaragwa;

ibisagara vyose vyaho ni imisaka

imbere y’Uhoraho imbere y’ubushangashirwe bwiwe bwinshi.

27 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Igihugu cose kizoba amatongo,

naho ntazogisambura rwose.

28 Ni co gituma isi yose izogandara

n’amajuru yo hejuru yirabure,

kuko ndabivuze kandi sinzokwigarura,

namaze gufata ingingo sinzokwisubirako."

29 Nihumvikana ijwi ry’abagendera ku mafarasi n’abanyamiheto

igisagara cose kizohunga.

Bamwe binjire mu vyatsi;

abandi binjire mu bitandara.

Mu bisagara vyose harera nta muntu arimwo;

nta muntu n’umwe akibibamwo.

30 Mbega uriko urakora iki, wa gisagara we usambuwe?

Ni kuki wiyambika inyambarabami,

ukambara ubudede bwawe bw’inzahabu?

Ko ushariza amaso yawe n’amarangi?

Wishaririza ubusa gusa.

Abo ushaka gukunda barakwanka;

bagomba kukwica.

31 Ndumva ijwi nk’iry’umugore afashwe n’inda,

ukuboroga nk’ukw’uwuvyara imfura yiwe,

akamo k’umukobwa w’i Siyoni yipfuza akayaga,

ataritse ukuboko avuga ati:

"Karabaye, ncitse intege;

ubugingo bwanje buhawe abicanyi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_12-43-22-