1 Igihe Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda n’abatware bose, abakora utugenegene n’abanyamyuga b’i Buyuda bari bamaze kujanwa i Babiloni na Nebukadineza umwami w’i Babiloni abakuye i Yerusalemu, Uhoraho yanyeretse ibiseke bibiri vy’insukoni biri imbere y’Ingoro y’Uhoraho. 2 Igiseke kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni zeze imbere y’izindi, igiseke kindi carimwo insukoni mbi cane, ku buryo zitashobora kuribwa.
3 Maze Uhoraho arambaza ati: "Mbega ubona iki ga Yeremiya?"
Ndishura nti: "Mbona insukoni. Muri zo harimwo nziza cane, ariko harimwo na mbi cane ku buryo zitoribwa."
4 Maze Uhoraho ambwira ijambo ati: 5 "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nk’uko izo nsukoni nziza zimeze, ni ko mbona abatwawe nk’inyagano b’i Buyuda, abo narungitse ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abanyababiloni. 6 Inyonga zanje zizoba kuri bo kugira ngo ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu. Nzobubaka sinzobasambura, nzobateragira sinzobarandura. 7 Nzobaha umutima wo kumenya ko jewe ndi Uhoraho. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, bazongarukako n’umutima wabo wose.’
8 Ariko nk’uko zirya nsukoni zindi ari mbi, gushika n’aho zitoribwa, ni ko Uhoraho avuze, uko ni ko nzogirira Zedekiya umwami w’i Buyuda, abatware biwe n’amasigarira y’ab’i Yerusalemu, baba abagumye mu gihugu canke abahungiye muri Egiputa. 9 Nzobahindura agaterabwoba kandi bazoba nk’icago ku bwami bwose bwo mw’isi, bazoba agatukisha n’agatwengo, agacamugani n’umuvumo ahantu hose nzoba nabasanzarije. 10 Nzotuma inkota, ikigoyi n’ikiza kuri bo gushika aho bazoherengeterera mu gihugu nabahaye bo na ba sekuruza babo."