Publicidade

Jeremias 6

Yerusalemu hugarizwa n’abansi

1 Hunga mukize amagara yanyu, yemwe bene Benyamini!

Nimuhunge muve i Yerusalemu!

Vuza inzamba i Tekowa!

Manika ibendera i Beti-Hakeremu!

Kuko icago kibahanamiye kivuye mu buraruko,

kandi ni uguhonya guhambaye.

2 Nzosangangura umukobwa w’i Siyoni,

umwe mwiza kandi abereye ijisho.

3 Abungere n’amasho yabo bazoza;

bazohakikuza amahema yabo,

umwe wese azoragira mu canya ciwe.

4 Mwitegurire kuja kuhagwanya!

Muhaguruke tuhatere mu mashoka!

Ariko, turagowe, kuko burije,

kandi burahwibiriye.

5 Nuko rero nimuhaguruke, dutere mw’ijoro,

maze dusambure inzitiro zaho!"

6 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Nimwicire ibiti

mwubake ivyo kwuririrako ngo mugwanye Yerusalemu.

Iki gisagara gitegerezwa guhanwa;

cuzuye agacinyizo.

7 Nk’uko iriba ridudubiza amazi yaryo,

ni ko na co kidudubiza ibibi vyaho.

Muri co humvikana umuryano n’uguhonya;

ingwara yaho n’ibikomere vyama imbere yanje.

8 Burirwa wumve, yewe Yerusalemu,

ngo simpave ndabaheba

ngatuma igihugu canyu gisigara ari umusaka

ata n’umwe agishobora kukibamwo."

9 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Nibasorome amasigarira ya Isirayeli

bamaririkanye nk’uko bagira ku muzabibu;

nimusubiremwo musorome ivyasigaye mu mashami,

nk’uko umuntu yegeranya inzabibu."

10 Ni nde nobwira nkamumenyesha imburi yanje?

Ni nde yonyumviriza?

Amatwi yabo arazibwe

ngo ntibashobore kwumva.

Ijambo ry’Uhoraho ni igitsitaza kuri bo;

ntibarinezerererwa.

11 Ariko nuzuye uburake bw’Uhoraho

kandi sinshobora kwihangana.

"Busuke ku bana bari mu mabarabara

no ku rwaruka rukoraniye hamwe;

umugabo n’umugore wiwe bompi bazofatwa na bwo,

n’abatama, bamwe bamaze kuremerwa n’imyaka bakagorama.

12 Amazu yabo azohabwa abandi,

hamwe n’amatongo yabo n’abagore babo,

ninaramvura ukuboko kwanje

ngo ngwanye ababa mu gihugu,"

ni ko Uhoraho avuze.

13 "Kuva ku muto gushika ku mukuru,

bose buzuye umunoho w’amaronko;

kandi kuva ku muvugishwa gushika ku muherezi,

bose ni abanyabinyoma.

14 Bavura igikomere c’abantu banje

nk’aho kitababaje;

bakavuga ngo: ‘Ni amahoro, ni amahoro,’

kandi ata mahoro ariho.

15 Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse?

Oya na mba, nta soni bafise;

mbere ntibazi no kumaramara ico ari co.

Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye;

bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana,"

ni ko Uhoraho avuze.

16 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nimuhagarare mu mayirabiri murabe;

mubaze inzira za kera izo ari zo,

nimubaze inzira nziza iyo ari yo, maze muyicemwo,

ni ho muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.

Ariko mwaravuze muti: ‘Nta yo tuzocamwo.’

17 Nashizeho abarinzi bo kubarinda maze ndavuga nti:

‘Nimwumvirize ijwi ry’inzamba!’

Ariko mwavuze muti: ‘Ntituzoryumviriza.’

18 Nuko rero, nimwumve, yemwe mahanga;

mwebwe muri ivyabona,

nimurabe ibizobabako.

19 Niwumve, yewe wa si we:

Nzoteza icago kuri aba bantu,

gitewe n’ivyiyumviro vyabo bibi,

kuko batumviye amajambo yanje

bagatera ibitugu Ivyagezwe vyanje.

20 Ni igiki conezera mu bimota neza vy’i Sheba

canke urubingo rumota neza rwo mu gihugu ca kure?

Ibimazi vyo guturirwa vyanyu ntivyemerwa;

ibimazi vyanyu ntibimpimbara."

21 Ni co gituma Uhoraho avuze ati:

"Nzoshira ibitsitaza imbere y’ubu bwoko.

Ba se co kimwe n’abahungu bazotsitara kuri vyo;

ababanyi n’abagenzi bazohona."

22 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Raba, ingabo ziraje

zivuye mu gihugu co mu buraruko;

ihanga rikomeye rirahagurutse

rivuye ku mpera z’isi.

23 Bitwaje imiheto n’amacumu;

bateye ubwoba kandi ni ba ruburakigongwe.

Akamo kabo, bariko bariruka ku mafarasi yabo,

ni nk’ukubomborana kw’ikiyaga gisuriranya.

Baje kurya kw’abagabo bariko barimenyereza intambara

ngo bagutere, yewe mukobwa w’i Siyoni."

24 Twumvise inkuru zabo,

amaboko yacu yaciye acika inkokora.

Umubabaro uradufata,

umubabaro nk’uw’umugore ariko aravyara.

25 Ntimuje mu mirima

canke ngo mugendagende mu mayira,

kuko umwansi yitwaje inkota,

kandi hari ibiteye ubwoba impande zose.

26 Yemwe bantu, nimwambare amagunira

mwitembagaze mu minyota;

mugandare muboroge cane

nk’uko umuntu aririra umuhungu wiwe w’ikinege.

Kuko umuranduzi

adushitseko giturumbuka.

27 "Nakugize nk’igipimisho gipima ivyuma

hamwe n’abantu banje,

kugira ngo wihweze

kandi upime inzira zabo.

28 Bose ni abagarariji bakomantaye imitima,

bagenda hose bavuga abandi nabi.

Bameze nk’umuringa n’icuma;

bose bakora ivy’ubugarariji.

29 Itanure riraka cane

ngo rishongeshe ubutare,

ariko ivyuma ntibishonga;

ababi ntibamarwa inkamba.

30 Bitwa ifeza yatawe,

kuko Uhoraho yabataye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_09-43-29-