Publicidade

Jeremias 3

1 Umugabo yirukanye umugore wiwe

maze akarongorwa n’uwundi mugabo,

mbega yosubira kumugarukana bakabana?

Mbega igihugu nticoca kirushiriza guhumana rwose?

Ariko wewe wabaye maraya, ufise abo wikundira benshi,

mbega wongarukako?"

ni ko Uhoraho abaza.

2 "Unamura amaso urabe impinga z’imisozi.

Mbega hoba hariho ahantu utahumanije?

Wicara ku nzira urindiriye abo wipfuza ukunda,

wicara nk’umuntu yangara mu bugaragwa.

Wahumanije igihugu

ugihumanishije ubusambanyi bwawe n’ibibi vyawe.

3 Ni co catumye imvura ibura,

n’imvura y’impeshi ntiyagwa.

Ariko mu maso hawe biraboneka ko uri maraya;

mugabo ntunamaramara.

4 Mbega ntiwamye umpamagara ngo:

‘Data, mukunzi wanje wo kuva nkiri muto,

5 mbega uzokwama ushavuye?

Mbega uburake bwawe ni ubw’ibihe vyose?’

Uko ni ko uvuga,

ariko ugakora ibibi uko ushoboye kwose."

Ukutaba umwizigirwa kwa Isirayeli

6 Ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho yarambwiye ati: "Wabonye ivyo Isirayeli mutizigirwa yakoze? Yagiye ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye maze asambanirayo. 7 Nibajije ko ahejeje gukora ivyo vyose azongarukako ariko si ko vyagenze, maze murumunawe Yuda arabibona. 8 Nahaye ikete ryo kwahukana Isirayeli maze ndamwirukana kubera ubusambanyi bwiwe bwose. Ariko nabonye na murumunawe Yuda mutizigirwa atigeze atinya; na we nyene yagiye mu vyo gusambana. 9 Kuko ubuhumbu bwa Isirayeli ata co bwamubwiye kinini, yahumanije igihugu asambana n’amabuye n’ibiti. 10 Naho vyabaye uko, murumunawe Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose, atari mu majambo gusa," ni ko Uhoraho avuze.

11 Uhoraho arambwira ati: "Isirayeli mutizera ntakiri umugororotsi kurusha mutizigirwa Yuda. 12 Genda mumenyeshe iyi nkuru mutumbereye mu buraruko muti:

‘Garuka Isirayeli Mutizera,’ ni ko Uhoraho avuze.

‘Sinzosubira kukurakira,

kuko ndi umunyembabazi,’ ni ko Uhoraho avuze.

‘Sinzokwama ndatse ibihe vyose.

13 Pfa kwemera icaha cawe,

ko wagararije Uhoraho Imana yawe,

wasanzaje ubwiza bwawe ku mana z’inyamahanga

musi y’igiti cose gitotahaye,

kandi ntiwanyumviye,’ "

ni ko Uhoraho avuze.

14 "Nimungarukeko, mwa bana batizigirwa," ni ko Uhoraho avuze, "kuko ndi shobuja. Nzobatoranya, ndabakure iyo mwasabagiriye, umwe ndamukure mu gisagara kimwe na babiri mu muryango umwe, maze ndabazane i Siyoni. 15 Hanyuma nzobaha abungere bahuye n’uko umutima wanje ugomba, bazobarongora mu kumenya no mu gutahura. 16 Muri iyo misi, ibitigiri vyanyu nivyamara kwongerekana cane mu gihugu," ni ko Uhoraho avuze, "abantu ntibazosubira kuvuga ivy’Isandugu y’Isezerano ry’Uhoraho. Ntizosubira na rimwe kwinjira mu bwenge bwabo; ntizokwibukwa, kandi ntizosubirizwa. 17 Muri ico gihe bazokwita Yerusalemu Umugwa w’Uhoraho kandi amahanga yose azokoranira i Yerusalemu ngo bahe icubahiro izina ry’Uhoraho. Ntibazosubira gukurikira ugukomantara kw’imitima yabo mibi. 18 Muri iyo misi ab’inzu ya Yuda bazokwifatanya n’ab’inzu ya Isirayeli maze bose baze bavuye mu buraruko baze mu gihugu nahaye ba sekuruza babo kw’ishamvu.

19 Ni jewe ubwanje navuze nti:

‘Ese ukuntu binezera kugufata nk’umwana wanje

no kuguha igihugu ciza co kwipfuzwa,

itongo rirusha ayandi yose kuba ryiza mu bihugu vyose.’

Niyumvira ko muzonyita Data

kandi mutazontera ibitugu ngo mureke kunkurikira.

20 Ariko nk’uko umugore ahemukira umugabo wiwe,

ni ko mwampemukiye, yemwe ab’inzu ya Isirayeli,"

ni ko Uhoraho avuze.

21 Urwamo rwumvikana ku dutwe tw’imisozi,

Abisirayeli barira kandi batakamba,

kuko banduje inzira zabo

kandi bibagiye Uhoraho Imana yabo.

22 "Nimuhindukire, yemwe mwa bana batizerwa;

nzobakiza ndabakuremwo ugusubira inyuma."

"Egome, tuzokugarukako,

kuko uri Uhoraho Imana yacu.

23 Ni ukuri ugusenga ibigirwamana vyo ku dusozi

no ku misozi ni uruhendo;

ni ukuri agakiza k’Abisirayeli

kari k’Uhoraho Imana yacu.

24 Kuva mu buto bwacu imana ziteye isoni ni zo zatikije

ivyavuye mu butame bwa ba sogokuruza,

zariye imikuku n’amasho vyabo,

abahungu n’abakobwa babo.

25 Reka twubame hasi kubera ibiteterwe,

kandi ibimaramare vyacu bidutwikire.

Twacumuye k’Uhoraho Imana yacu,

twebwe na ba sogokuruza bacu;

kuva mu buto bwacu gushika uwu musi

ntitwumviye Uhoraho Imana yacu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-