Publicidade

Jeremias 52

I Yerusalemu hasamburwa

1 Zedekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Hamutali mwene Yeremiya w’i Libuna. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko Yehoyakimu yakoze. 3 Ivyo vyose vyashikiye Yerusalemu n’Ubuyuda kubera uburake bw’Uhoraho bwari bwaziririnze, akirukana abantu biwe mu maso hiwe. Maze Zedekiya agarariza umwami w’i Babiloni.

4 Nuko, mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’icumi, Nebukadineza umwami w’i Babiloni aja gutera Yerusalemu ajanye n’ingabo ziwe zose. Bacumbika inyuma y’igisagara, bacubakira ivyo kwuririrako ku mpande zose. 5 Igisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira cumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma.

6 Ku musi ugira icenda w’ukwezi kwa kane inzara iba nyinshi mu gisagara gushika aho abantu babura ico batamira. 7 Nuko uruzitiro rw’igisagara bararusatura, maze ingabo zose zirahunga. Bava mu gisagara mw’ijoro baca mw’irembo riri hagati y’ibihome bibiri hafi y’umurima w’umwami, naho Abanyababiloni bari bakikuje igisagara. Bahunga berekeye ikiyaya ca Yorodani citwa Araba, 8 Ariko ingabo z’Abanyababiloni zikurikira umwami Zedekiya zimufatira mu kiyaya c’i Yeriko. Abasoda biwe bose baramuta, barasanzara. 9 Nuko na we aca arafatwa, bamujana ku mwami w’i Babiloni yari i Ribula mu ntara y’i Hamati, aca amucira urubanza aho nyene. 10 Umwami w’i Babiloni yicira abahungu ba Zedekiya mu maso yiwe; yongera yica n’abatware bose b’i Buyuda akiri aho nyene i Ribula. 11 Aca anogora amaso Zedekiya, amubohesha iminyororo y’umwakaka, aca amujana i Babiloni, amushira mw’ibohero kugeza umusi yapfiriyeko.

12 Ku musi ugira icumi w’ukwezi kwa gatanu, mu mwaka ugira icumi n’icenda Nebukadineza ari umwami w’i Babiloni, ni ho Nebuzaradani umukuru w’ingabo zo ku kirimba, akaba n’umwishikira w’umwami w’i Babiloni, yashika i Yerusalemu. 13 Aturira Ingoro y’Uhoraho, ikirimba c’umwami, hamwe n’ayandi mazu yose yari i Yerusalemu. Inyubakwa zose zihambaye zo mu gisagara araziturira. 14 Abasoda bose b’i Babiloni bari barongowe n’uwo mukuru w’ingabo zo ku kirimba, baraza basenyura inzitiro zose z’i Yerusalemu. 15 Nebuzaradani, umukuru w’abasoda bo ku kirimba, ajana mu kinyago bamwe mu bakene, hamwe n’abari bagisigaye mu gisagara, abanyamyuga hamwe n’abari barishikanye ku mwami w’i Babiloni. 16 Ariko Nebuzaradani asiga bamwe mu bakene bo mu gihugu ngo bakorere imizabibu n’imirima.

17 Abanyababiloni basenyura za nkingi z’umwakaka hamwe na ca gikarabiro c’umwakaka n’ivyo cari giteretseko vyari mu Ngoro y’Uhoraho, batwara n’umwakaka wabo wose i Babiloni. 18 Batwara n’udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibikombe, amabesani, amapanu, hamwe n’ibindi bikoresho vyose vy’umwakaka, vyakoreshwa mu Ngoro. 19 Uwo mukuru w’abasoda bo ku kirimba atwara ibikoresho vyari bikozwe mu nzahabu nziza vyose no mw’ifeza, harimwo amabesani, ivyo guturirirako ibimota neza, inkono, ibiterekwako amatara, amasahani n’ibikombe vyakoreshwa mu gutanga amashikanwa y’ibinyobwa.

20 Umwakaka wavuye muri za nkingi zibiri, ca gikarabiro bita ikiyaga na ya mashuri icumi n’abiri acuzwe mu mwakaka yari musi yaco, na vya bitereko biterurwa, ivyo umwami Salomo yari yarakoze ngo bibe ivyo mu Ngoro y’Uhoraho, vyari biremereye cane ku buryo bitashobora gupimwa ku munzane. 21 Inkingi imwe yose yapima ingero z’igice c’ukuboko cumi n’umunani z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko cumi na zibiri zo kuzunguruka; imwimwe yose yari ikirohori, kandi yari ifise intimbatimba ingana n’isantimetero umunani. 22 Umwashi w’umwakaka wari hejuru y’inkingi imwe wareha n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure ukaba usharijweko amakomamanga y’umwakaka awukikuje. Ku yindi nkingi, hari uwundi ufise amakomamanga yawo nk’uko nyene. 23 Amakomamanga mirongo icenda ku mpande, igitigiri cose c’amakomamanga cari hejuru ya rwa rusobekerane cari ijana.

24 Uwo mukuru w’abasoda bo ku kirimba agira imbohe Seraya umuherezi mukuru, Zefaniya umuherezi wa kabiri hamwe n’abarinzi b’irembo batatu. 25 Mu bari basigaye mu gisagara, atwara intwazangabo yatwara abasoda baja ku rugamba hamwe n’abahanuzi indwi b’umwami, atwara n’umunyamabanga yari ajejwe kwinjiza abantu mu gisoda, hamwe n’abandi bantu mirongo itandatu yasanze mu gisagara hagati. 26 Iyo ntwazangabo Nebuzaradani ica ifata ba bantu bose ibashira umwami w’i Babiloni i Ribula. 27 Aca abicira aho nyene i Ribula mu ntara y’i Hamati.

Uko ni ko Abayuda batwawe mu kinyago, bakurwa mu gihugu cabo.

28 Iki ni co gitigiri c’abantu Nebukadineza yajanye ari inyagano:

mu mwaka ugira indwi,

Abayuda ibihumbi bitatu na mirongo ibiri na batatu;

29 Mu mwaka ugira icumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma,

abavuye i Yerusalemu bari amajana umunani na mirongo itatu na babiri;

30 mu mwaka wiwe wa mirongo ibiri na gatatu,

Abayuda amajana indwi na mirongo ine na batanu bajanywe ari inyagano na Nebuzaradani umukuru w’ingabo zarinda umwami.

Bose hamwe bari ibihumbi bine n’amajana atandatu.

Yehoyakini arekurwa

31 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yehoyakini umwami w’i Buyuda ari mu kinyago, umwaka Evili-Merodaki yimikiwemwo ngo abe umwami w’i Babiloni, ku musi wa mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kw’icumi na kabiri, ni ho yarekura Yehoyakini ava mw’ibohero. 32 Amufata neza, amuha n’ikibanza c’icubahiro gisumba ivy’abandi bami bari kumwe na we i Babiloni. 33 Nuko Yehoyakini ntiyasubira kwambara impuzu z’imbohe, kandi yama asangira n’umwami ku meza yiwe imisi yose yari asigaje y’ukubaho kwiwe. 34 Umwami w’i Babiloni yama aha Yehoyakini ku musi ku musi ivyo kumutunga imisi yose yari akiriho, kugeza ku musi yapfiriyeko.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-