Publicidade

Lamentações 1

1 Ese ukuntu igisagara gisigaye ari umusaka,

kera cahora cuzuye abantu!

Ese ukuntu kimeze nk’umupfakazi,

kandi kera cahora gihambaye mu mahanga!

Cahora kimeze nk’umwamikazi mu zindi ntara

ariko ubu cabaye nk’umugurano.

2 Mw’ijoro gicunduguta amosozi,

akagitemba ku matama.

Mu bahora bagikunda bose

nta n’umwe wo kugihoza.

Abagenzi baco bose baragihemukiye;

bahindutse abansi baco.

3 Amaze kugira amarushwa menshi n’ugucumukura,

Yuda yajanywe ari inyagano.

Ubu aba hagati mu mahanga,

nta buragamo afise na mba.

Abamuhiga bose baramushikiriye

bamusanze mu mubabaro mwinshi.

4 Amayira aja i Siyoni aragandaye,

kuko ata muntu n’umwe akija mu misi mikuru yashinzwe.

Amarembo yaho yose aripfumbereje,

abaherezi baho baraniha,

abagore baho bakiri bato barababaye

kandi hari ukwihebura kurenze urugero.

5 Abamugwanya basigaye ari bo bamuganza;

abansi biwe baguwe neza.

Uhoraho yamuzanyeko imibabaro

kubera ivyaha vyiwe vyinshi.

Abana biwe bose batwawe nk’inyagano,

bacitse imbohe imbere y’abansi babo.

6 Ubwiza bwose bwaraheze

ubwahora ku mukobwa w’i Siyoni.

Abaganwa baho bameze nk’impongokazi

yabuze aho irisha;

kubera intege nke zabo bakuye hasi barahunga

imbere y’uwabahiga.

7 Mu misi y’umubabaro waho no kuburanirwa

Yerusalemu hibutse ubutunzi bwose

hari hafise mu misi ya kera.

Igihe abantu baho bagwa mu maboko y’umwansi,

ntihabonetse n’umwe wo kubatabara.

Abansi baho ubu baraharaba

bakitwengera babonye uburyo hasambuwe.

8 Yerusalemu hakoze ivyaha vyinshi

ni co catumye hahumana.

Abahora bahubaha ubu barahakengera,

kuko babonye ubwambure bwaho;

ubwaho haraniha

hihindukiza.

9 Ubuhumane bwaho buhomye ku vyambarwa hambaye;

ntihiyumviriye kuri kazoza kaho.

Ukugwa kwaho kwabaye ugukomeye;

kandi nta n’umwe wo kuhagarukirako.

"Yewe Uhoraho, raba umubabaro wanje,

kuko umwansi yanesheje."

10 Umwansi yasahuye

ubutunzi bwaho bwose;

habonye abanyamahanga batubaha Imana

binjira mu Ngoro,

abo wari warihanije ngo

ntibaze binjire mw’ikoraniro ryawe.

11 Abantu baho bose baraniha

kuko barondera ico barya;

batanga ubutunzi bwabo ngo baronke ivyokurya

bashobore kuzigama ubuzima.

"Ewe Uhoraho, raba kandi wongere witegereze,

ukuntu nkengerewe."

12 "Mbega mwebwe murengana nta co bibabwiye?

Nimuhindukire hirya no hino murabe.

Mbega hari ukubabazwa guhwanye n’uku kwanje

ukwo nahawe n’Uhoraho,

ku musi w’uburake bwiwe bw’inkazi?

13 Yarungitse umuriro ari iyo hejuru,

awurungika mu magufa yanje.

Yagaranzuye urusenga rufata amaguru yanje

maze ansubiza inyuma.

Yansize ndi umusaka,

kandi nguma mu mubabaro rikarinda rirenga.

14 Ivyaha vyanje yabiboheye hamwe bicika ingogo,

yavyegeranishije ukuboko kwiwe.

Vyaraje bishika no kw’izosi ryanje

kandi Imana yatumye inkomezi zanje zisambuka.

Yandekuriye mu maboko

y’abo ntashobora no guhagarara imbere.

15 Imana yaranse

abagwanyi banje bose bari kumwe nanje;

yahamagariye ingabo zose kungwanya

kugira ngo bamene umutwe abasore banje.

Imana yahonyanze Umukobwa w’i Buyuda,

nka kurya baganira umuvinyu mu bwato.

16 Ni co gituma ndira

amaso yanje akaba yuzuye amosozi.

Kandi nta n’umwe ari hafi wo kumpoza

nta n’umwe wo kuremesha impwemu yanje.

Abana banje bakuweho

kuko umwansi yaturushije inkomezi."

17 I Siyoni hamanitse amaboko,

ariko nta n’umwe yabonetse wo kuhahoza.

Kw’itegeko ry’Uhoraho,

ababanyi ba Yakobo bamuhindukiye abansi;

i Yerusalemu habahindukiye

nk’ikintu gihumanye hagati muri bo.

18 "Uhoraho aragororotse,

ariko nagararije ivyo yategetse.

Nimwumve, yemwe mahanga mwese;

nimurabe umubabaro wanje.

Abasore banje n’inkumi zanje

bajanywe nk’inyagano.

19 Natumyeko abakunzi banje

ariko barampemukiye.

Abaherezi banje n’inararibonye zanje

bahoneye mu gisagara

mu gihe bariko bararondera indya

ngo barabe ko boba barabayeho.

20 Raba, yewe Uhoraho, ingene ndi mu magorwa!

Muri jewe nuzuye uruhagarara,

kandi mu mutima ndahungabanye,

kuko nabaye umugarariji arushirije.

Hanze, inkota yampekuye abana banje;

mu nzu na ho ni urupfu gusa.

21 Abantu bumvise ukuniha kwanje,

ariko nta n’umwe wo kumpoza.

Abansi banje bose bumvise amagorwa yanje;

banezererwa ivyo wakoze.

Ndakwinginze ngo ubashitseko wa musi wavuga

ngo na bo bamere nkanje.

22 Ivyo bagabitanije vyose nibije imbere yawe;

ubakorere

nk’ivyo wankoreye

kubera ivyaha vyanje.

Ukuniha kwanje ni kwinshi

kandi umutima wanje ucitse intege."

Veja também

Publicidade
Lamentações
Ver todos os capítulos de Lamentações
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-