Publicidade

Lamentações 3

1 Ndi umuntu yabonye imibabaro

bivuye ku nkoni y’uburake bw’Uhoraho.

2 Yantwaye kure atuma ngendera

mu mwijima atari mu muco;

3 ni ukuri, ukuboko kwiwe kwahindukiriye kungwanya,

kwongera kwisubiriza, rikarinda rirenga.

4 Yatumye urukoba rwanje n’umubiri wanje bisaza

kandi yavunaguye amagufa yanje.

5 Yaranyugarije ankikiza

umururazi n’ingorane.

6 Yampaye kuba mu mwiza

nk’abapfuye kera.

7 Yanyubakiye uruzitiro ngo sinshobore guhunga;

yambohesheje iminyororo.

8 Mbere n’iyo ntakamvye canke ngatabaza nsaba uwomfasha,

yugaranira hanze ugusenga kwanje.

9 Yugarishije inzira yanje ibihongo vy’amabuye;

yatumye inzira zanje zigoramanga.

10 Nk’idubu riryamira kwica,

nk’intambwe ibunda irindiriye ico ifata,

11 ni ko yankuye mu nzira arantabagura,

ansiga ntagira gitabara.

12 Yafoye umuheto wiwe

antumberezako imyampi yiwe.

13 Yatobekeranishije umutima wanje

imyampi akuye mu bubiko bwiwe.

14 Nahindutse ikiyago c’abantu banje bose iyo bagomba kuba baratwenga;

bantwengera mu ndirimbo zabo rikarinda rirenga.

15 Yangaburiye ivyatsi birura,

anywesha ibirura cane.

16 Amenyo yanje yayahongoje kurya urucekeri rw’amabuye;

yantsindagiye mu mukungugu.

17 Yarambujije kuronka amahoro;

nibagiye icitwa gutera imbere.

18 Maze ndavuga nti: "Ubwiza bwanje buraheze

hamwe n’ivyo nari niteze k’Uhoraho vyose."

19 Nibuka umubabaro wanje no kwama nangara,

kwama ku mururazi n’uburozi.

20 Ndavyibuka vyose neza,

umutima wanje ukadendebukirwa.

21 Ariko ibi ni vyo nibuka

bikantera ivyizigiro:

22 Ni uko kubera urukundo ruhambaye rw’Uhoraho tutazoherengetezwa,

kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe vyose.

23 Zama ari nsha uko bukeye;

ubwizigirwa bwawe buratangaje.

24 Ndibwira muri jewe nti: "Uhoraho ni we mugabane wanje;

ni co gituma nzomwitega."

25 Uhoraho agirira neza abamwiteze,

abamurondera bose;

26 ni vyiza kwitega ducereje

agakiza k’Uhoraho.

27 Ni vyiza ko umuntu yikorera ingogo

igihe akiri muto.

28 Niyicare wenyene acereje,

kuko Uhoraho yayimuremetse.

29 Niyubike mu maso hiwe,

kuko kumbure haracariho ivyizigiro.

30 Natege umusaya wiwe uwuwukubita,

yuzure ibiteterwe.

31 Kuko Imana atawe

iheba burundu.

32 Naho ateza umubabaro, azogira ikigongwe,

urukundo rwiwe rwinshi rwamaho.

33 Kuko atazana imibabaro abishaka

canke ngo ababaze umuntu n’umwe.

34 Gufyonyorera musi y’ibirenge

imbohe zose zo mu gihugu,

35 kwima abantu uburenganzira bwabo

imbere y’Iyisumbavyose,

36 kurenganya umuntu mu rubanza,

mbega Imana ntizobibona?

37 Ni nde yovuga ibintu bikaba

Imana itari yo yabitegetse?

38 Mbega si mu kanwa k’Iyisumbavyose

hava ivyago n’ivyiza?

39 None ni igiki gituma umuntu yidodomba

nimba ahaniwe ivyaha vyiwe?

40 Nimuze twisuzume turabe inzira zacu,

maze tugaruke k’Uhoraho.

41 Dutarikire imitima yacu n’amaboko yacu

Imana yo mw’ijuru, tuvuge tuti:

42 "Twaragucumuyeko turakugarariza

nawe ntiwatubabariye.

43 Witwikiriye uburake, maze uradukinagiza;

utwica ata kagongwe.

44 Wipfutse igicu

kugira ngo ugusenga ntikugushikire.

45 Waduhinduye nk’umwavu n’agakengerwe

mu mahanga.

46 Abansi bacu bose buguruye akanwa kabo

cane mu kutugwanya.

47 Twabaye mu mibabaro itewe n’ubwoba no gutsindwa,

imisaka no gusangangurwa."

48 Imigende y’amosozi itemba iva mu maso yanje

kuko ubwoko bwanje buranduwe.

49 Amaso yanje azorira ubudahengeshanya,

ata guhozwa,

50 kugeza Uhoraho aravye kw’isi

ari mw’ijuru akabibona.

51 Ivyo mbona binzanira umubabaro mu mutima

kubera abagore bo mu gisagara cacu.

52 Ababaye abansi banje ata nyanduruko,

bampiga nk’inyoni.

53 Bagerageje kunsuka mu cobo

maze bandundako amabuye;

54 amazi yarandengeye ku mutwe,

maze ndihebura ko nzimanganye.

55 Nambaje izina ryawe, yewe Uhoraho,

ndi i bwina bw’icobo.

56 Wumvise ugutaka kwanje: "Ntiwugare amatwi ngo ureke kwumva

ugutakamba kwanje ndondera ugutabarwa."

57 Waregereye igihe nagutakambira,

maze uvuga uti: "Ntutinye."

58 Ewe Mana, wafashe mu minwe urubanza rwanje;

wacunguye ubugingo bwanje.

59 Ewe Uhoraho, wabonye ibibi nagiriwe.

Ncira urunkiza!

60 Wabonye uburyo bagomba kunyihora,

wabonye imigabo yose bangiriye.

61 Yewe Uhoraho wumvise ibitutsi vyabo,

n’inama bangira zose,

62 ivyo abansi banje bongorerana bakagabira

kuri jewe rikarenda rirenga.

63 Barabe! Bicaye canke bahagaze,

bavuga amajambo y’agahemo mu mvyino zabo zose.

64 Basubirize mu nkoko ivyo bakwiranye, yewe Uhoraho,

ku vyo amaboko yabo yakoze.

65 Shira uruhumyi ku mitima yabo,

kandi umuvumo wawe ube kuri bo!

66 Ubakurikire mu burake bwawe maze ubaherengeteze

musi y’amajuru y’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Lamentações
Ver todos os capítulos de Lamentações
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-