Publicidade

Lamentações 5

1 Wibuke, yewe Uhoraho, ivyatubayeko;

raba, ubone ibiteterwe turimwo.

2 Ishamvu yacu yahawe abo tutazi,

amazu yacu yahawe abanyamahanga.

3 Twahindutse impfuvyi zitagira ba se,

kandi ba mama babaye abapfakazi.

4 N’amazi yo kunywa turayagura;

n’inkwi ducana tuzironka dutanze amahera.

5 Abadukinagiza badufashe ku gakanu;

turaremerewe, nta gahengwe dufise.

6 Twunamiye Egiputa na Ashuri

kugira ngo turonke ivyokurya tubeho.

7 Ba sogokuruza bacu baracumuye kandi ntibakiriho,

ariko twikoreye igihano cabo.

8 Abagurano ni bo batuganza,

kandi nta n’umwe wo kudukura mu maboko yabo.

9 Turonka ivyokurya mu guheba amagara yacu

kubera inkota iri mu bugaragwa.

10 Urukoba rwacu rurashushe nk’itanure,

kubera ubushe bw’inzara.

11 Abagore bafashwe ku nguvu i Siyoni,

n’abakobwa mu bisagara vy’i Buyuda.

12 Abaganwa bamanitswe n’amaboko yabo;

inararibonye ntizicubahwa.

13 Abasore baruhishijwe n’ibikorwa vyo gusya;

abahungu badandabiranishwa n’imiganda y’inkwi.

14 Inararibonye zavuye kw’irembo ry’igisagara;

abasore bahagaritse kuririmba.

15 Umunezero wose waragiye uva mu mitima yacu;

intambo zacu zahindutse ikigandaro.

16 Urugori rwarakorotse ruva ku mutwe wacu.

Turagowe, kuko twacumuye!

17 Ni ku bw’ivyo imitima yacu icitse intege,

ni ku bw’ivyo amaso yacu atakibona neza,

18 kuko umusozi Siyoni wabaye imisaka,

wabaye ikirimbiro ry’imbwebwe.

19 Wewe Uhoraho, uraganje ibihe bidashira;

ingoma yawe izokwamaho uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.

20 Mbega ni kuki wama utwibagira?

Ni kuki waduhevye igihe kingana uku?

21 Utugarukane kuri wewe, yewe Uhoraho, natwe turagaruka;

udusubize imyaka yacu ya kera,

22 kiretse nimba waraduhevye ibihe vyose,

ukaba waraturakiye birenze urugero.

Veja também

Publicidade
Lamentações
Ver todos os capítulos de Lamentações
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-