Publicidade

Ezequiel 1

Iyo Ezekiyeli yeretswe

1 Mu mwaka ugira mirongo itatu, mu kwezi kwawo kwa kane, no ku musi wakwo wa gatanu, igihe nari nkiri mu bajanywe ari inyagano hafi y’uruzi Kebari i Babiloni, amajuru yarugurutse, maze mbona ivyo Imana inyeretse.

2 Ivyo vyabaye ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, hari mu mwaka ugira gatanu umwami Yehoyakimu ari mu kinyago. 3 Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Ezekiyeli umuherezi, mwene Buzi, ari hafi y’uruzi Kebari, mu gihugu c’Abanyababiloni. Ukuboko kw’Uhoraho kwari kuri we.

4 Ngize gutya mbona umuyaga w’igihuhusi uje uturutse mu buraruko, mbona n’igicu kinini cane kivamwo imiravyo, gikikujwe n’umuco mwinshi. Hagati muri uwo muriro hasa n’icuma gica ibibatsi kubera umuriro, 5 kandi muri uwo muriro habonekamwo ibinyabuzima bine. Vyaboneka bifise imero nk’iy’umuntu, 6 ariko kimwe cose cari gifise mu maso hane n’amababa ane. 7 Amaguru yavyo yari agororotse, ibirenge vyavyo vyari bimeze nk’ivy’inyana, bigakayangana nk’umwakaka uhinguwe neza. 8 Musi ya ya mababa yavyo ku mpande zine zose, vyari bifise amaboko nk’ay’umuntu. Vyose uko ari bine vyari bifise mu maso hane n’amababa ane kimwe cose cisangije. 9 Amababa ya kimwe cose yakora ku mababa y’ikindi. Kimwe cose mu kugenda caguma kija imbere, mu kugenda ntivyahindukira.

10 Mu maso havyo hari hameze uku: kimwe cose muri ivyo bine, cari gifise mu maso hasa n’ah’umuntu, kandi ku ruhande rw’i buryo kimwe cose cari gifise mu maso nk’ah’intare, ku ruhande rw’i bubamfu kikagira mu maso nk’ah’impfizi; ku rw’inyuma vyose vyari bifise mu maso nk’ah’inkona. 11 Uko ni ko mu maso havyo hari hameze. Kimwe cose cari gifise amababa abiri ashanje aja hejuru kandi ibaba ryose ryakora kw’ibaba ry’ikindi ku mpande zose, kikongera kikagira ayandi abiri apfuka umubiri waco. 12 Kimwe cose cagenda gitumbereye imbere yaco. Aho hose impwemu ishatse kuja, vyaca bijayo bitarinze guhindukira. 13 Ivyo binyabuzima vyari bifise ishusho nk’iy’amakara yaka, canke na ho bigasa n’ibimuri. Uwo muriro waja imbere n’inyuma hagati muri vyo warabonesha cane, kandi wavamwo imiravyo. 14 Ivyo binyabuzima vyaragendagenda imbere n’inyuma bimeze nk’imiravyo.

15 Nkiriko ndaraba ivyo binyabuzima, nca mbona ipine rishika hasi, i ruhande ya hamwe mu maso hane havyo. 16 Ayo mapine uko yasa n’uko yari yubatse vyari bimeze gutya: yakayangana nk’amabuye y’agaciro yitwa topazi kandi yose uko ari ane yarasa. Vyari bimeze nk’aho ipine rimwe ryinjira mu rindi. 17 Kandi mu kugenda, vyashobora kuja mu mpande zavyo zose uko ari zine, ntivyarinda guhindukira iyo biriko biragenda. 18 Amaringi y’ayo mapine yagera hejuru hateye ubwoba, kandi yari yuzuyeko amaso impande zose.

19 Iyo ivyo binyabuzima bigiye, ya mapine ari ku mpande zavyo na yo yaca agenda, kandi iyo bigurutse, na yo yaraguruka. 20 Iyo impwemu y’ivyo binyabuzima yaja, ni yo n’ayo mapine yaja, kandi ayo mapine yahagurukana n’iyo mpwemu, kuko impwemu y’ivyo binyabuzima yari muri ayo mapine. 21 Ivyo binyabuzima bigiye, n’amapine yaragenda, bihagaze na yo agahagarara; ibinyabuzima bivuye hasi, ya mapine yavana hasi na vyo, kuko mpwemu w’ivyo binyabuzima yari muri ayo mapine.

22 Hejuru y’umutwe w’ikinyabuzima cose hari ikimeze nk’igicu gikayangana nk’ikiyo, kandi giteye ubwoba. 23 Musi y’ico gicu hari amababa ashanje, ibaba ryose rya kimwe rigakora ku ry’ikindi, kandi kimwekimwe cose cari gifise amababa abiri apfuka umutumba waco. 24 Iyo ivyo binyabuzima bigurutse, narumva urwamo rw’amababa yavyo; rwari rumeze nk’urw’amazi asuma, canke nk’ijwi ry’Iyishoboravyose, canke nk’urwamo rw’ingabo nyinshi. Bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo.

25 Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivugira hejuru y’imitwe yavyo, aho vyari bihagaze vyamanuye amababa yavyo. 26 Hejuru y’ico gicu cari giherereye ku mitwe yavyo hari igisa n’intebe y’ubwami ikozwe mw’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli, kandi kuri iyo ntebe hari uwufise ishusho nk’iy’umuntu. 27 Mbona ko uhereye nko mu rukenyerero, uduga hejuru, hasa n’icuma gitukujwe n’umuriro, umenga hakikujwe n’umuriro, kandi kuva ngaho umanuka na ho hasa n’umuriro, kandi ikibengebenge cari kimukikije. 28 Kurya umunywamazi uboneka umeze ku gicu ku musi imvura igomba kugwa, ni ko ugukayangana kwari kumukikuje kwari kumeze.

Uko ni ko nabonye ibisa n’ubwiza bw’Uhoraho. Ndabibonye nikubita hasi nubamye, maze numva ijwi ry’uwuvuga.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-